19 mars 2024

Tubasavye gushigikirana mukibano kurya abasokuru bahora babigenza

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranagnji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na bagenziwe 2 uwujejwe indero hamwe n’uwujejwe uburimyi n’ubworozi, kuri uyu wambere igenekerezo rya 29 Rusama 2023, muri komine Cendajuru intara ya Cankuzo, aho bariko baragiranira ikiganiro n’abenegihugu bo muri iyo ntara mukwishura ibibazo biraba ubwo bushikiranganji baje baserukira.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yavuze ko kuva mu kwezi kwambere, ibibazo vyashikirijwe bamaze kubitunganya akaba yaciye agirako amenyesha ko ikibazo c’abakenyezi bafise abagabo b’abasirikare basaba kworoherezwa mu kwivuza, akaba yemeye kugishikiriza abashikiranganji babajejwe kugirango abo bakenyezi boroherezwe.

Kukibazo c’abakozi usanga ari bake mu makomine, yasavye ko abakorera Ubushikiranganji bwo gushigikirana boza barafasha ivyo bashoboye, kandi aca abibutsa ko hakiri umukozi umwe gusa muri komine ariko ko bazoba ari 2 miu minsi iza yisunze itegeko ry’umukuru w’igihugu rihindura ibigo vyahoze ari ivy’iterambere ry’ingo n’imibano ubu bisigaye ari umuyobozi bw’iterambere ry’ingo n’imibazo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yavuze ko yiboneye ko hakiri inzu za nyakakatsi, aca asaba ko bene ko izo nzu zorwanywa, kandi abantu ngo baje hamwe bubakire ibigega bantahonikora, maze abajejwe intwaro babafashishe ibiti, ngo Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira naho babaronse amabati.

Yavuze ko mu gihe umuntu ataraye heza ata magara meza aronka kandi adafise amagara meza ntashobora gukora ngo yiteze imbere.

Niko guca asaba ashimitse abari aho kugendera ya ngendo ya kera yo gushigikirana mukibano, atakurindira wa munsi wahariwe gushigikirana mukibano nk’uko basokuru bahora bafashanya iyo hagize uwurwara bakamuterura, bakagenda barakuranwa, bakirana, gushika kwa muganga.

Ati « Ivyo ngo nivyo vyafashije basogokuru igihe ata terefone zari ririho, ariko barafashanya muri vyose kandi naho turiko turashika mw’iterambere, ivyo kubabarana, ivyo gushigikirana, ni vyiza cane, umuntu wese yumve ko yokwishira mu kibanza ca mugenzi we ngo ibintu bigende neza. »

Mu nyishu yahaye abenegihugu, yemeye gushigikira ibikorwa vy’iterambere rusangi biriko birarangurwa vyo kubaka kuri paruwasi Cendajuru, mu kubashigikiza amabati.

Yanagarutse kukibazo c’abakukuruke bavuga ko boronka pansiyo ingana n’umushahara bahora bahembwa, aho yamenyesheje ko icabitebeje kwari uguhinyanyura amategeko.

Yarangije asaba ko umuntu wese yokwama yiga ingendo ryo kwishira mu kibanza c’abo bashaka gufasha canke kugirira nabi. Ati « burya ikumira rirababaje cane »

Mwomenya ko nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yari yaherekejwe n’abayobozi bakuru hamwe n’abandi baserukira ibisata bitandukanye muri ubwo bushikiranganji.

Inama nk’iyo ikazobandaniriza mu ntara ya Cibitoke muri komine Buganda kumunsi wa Gatanu, itariki 2 z’ukwezi kwa Ruheshi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →