19 mars 2024

« Ibi biro vyo ngaha i Gihanga bikaba bigize ivya 56 vyuguruwe mu gihugu cose »

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gugushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 30 Rusama 2023 mu kwugurura ibiro vya Mutuelle ku bitaro vy’i Gihanga muntara ya Bubanza.

Myakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yishimikije Ibwirizwa n°100/007 ryo kuwa 28  ruheshi 2020 ritunganya Reta y’Uburundi, hamwe n’ibwirizwa N°100/084 ryo 12 gitugutu 2020 ritunganya Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira,  mu kwibutsa abari aho ko riha ububasha ubwo Bushikiranganji gukurikirana ibikorwa vyose birangurwa n’ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba Reta, Mutuelle de la Fonction Publique ndetse no mu misi iri imbere ngo  rikazonavuza abenegihugu bose bavyipfuza.

Yavuze ko muntumbero ya Reta Mvyeyi kandi Nkozi, ishaka ko abenegihugu boroherezwa mu buzima bwabo bwa misi yose ngo ninaco gituma hatunganijwe ivyo bikorwa vyo kugurura ivyo biro vy’ishirahamwe Mutuelle hamwe na pharmacie vyayo kugirango abahora bagira ibibazo bisaba abakozi ba Mutuelle boroherezwe, kandi baronswe imiti ngaho nyene batarinze guta wakuba baja hariya i BUBANZA mu gisagara Canke i Bujumbura kubiro bikuru vya Mutuelle.

Niko guca amenyesha abari aho ko ngo ivyo rero biriko bikorwa n’ishirahamwe Mutuelle rivuza abakozi ba Reta, ubu rimaze imyaka irenga 43 rirangura imirimo yaryo ngaha mu Gihugu cacu, agashimira cane Umuyobozi Mukuru w’Ishirahamwe Mutuelle, hamwe n’abakozi bose bafashanya, ku bwira n’ubukerebutsi babirangurana, kuko ngo ubu ivyo biro vyuguruwe aho kubitaro vy’ i Gihanga muntara ya Bubanza bibaye ibigira 56 vyuguruwe mu gihugu cose, nayo amamangazine y ‘Imiti akaba abaye 44.

Aho rero ivyo bikaba vyguruwe inyuma yaho haheruka kwugururwa ibiro na na pharmacie nk’ivyo kubitaro vy’i Kiremba mu ntara ya NGOZI, hari kw’igenekerezo rya 30 ntwarante uyu mwaka nyene w’2023.

Mwomenya ko ivyo birori vyari vyatewe iteka kandi na Nyakubahwa Buramatari w’intara ya Bubanza abajejwe amagara y’abantu, abajejwe umutekano kamwe no kwivuna abansi muri iyo ntara, aho vyaranzwe n’intambo zitandukanye harimwo izavyinwe n’abakozi b’iryo shirahamwe Mutuelle nyene.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →