19 avril 2024

« Turabateye intege mu bikorwa mukora »

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Gitugutu 2022 mu ntara ya Ruyigi, igehe yari ahejej gushikiriza imoto 8 ku bakozi b’ubwo bushikiranganji bakorera mu makomine 7 agize intara ya Ruyigi hamwe n’uwubuserukira mu ntara.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yashimiye Ishirahamwe OIM ryo ryafashije ubwo bushikiranganji mu gutanga izo ngendeshwa z’amamoto ngo abo bakozi bashobore gushikira abo babajejwe bitabagoye.

Yabibibukijwe ko Ubushikiranganji arongoye bufise ibikorwa vyagutse, aca abasaba gukorana umwe, ubwira n’ubukerebutsi kandi berekane umutimwa wa kivyeyi, maze ubufasha abenegihugu babakeneyeko baburonke ata nkomanzi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ahejeje gutanga imoto (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye ko ivyo vyose biba mu kibano bisabwo ko babikora, bobikorana umwete, gutyo ngo ntihazigire ibintu bica ku mbuga ngurukana bumenye bisabwa ko ubushikiranganji bujejwe gushigikirana bugira ico bukoze muri komine barimwo nabo batigeze batanga rapora mu bushikiranganji y’icokorwa.

Yabasavye kuja mu mitumba bafashe abenegihugu kuja muri wa mugambi wa Nawe Nuze biheze bisununure mw’iterambere.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabasavye kandi kubandanya bakurikirana n’ingurube zatanzwe n’ubwo bushikiranganji, gutyo ngo hazobe urukurikirane rwo guhanahana ivyo bitungwa kuri ba ntahonikora, nabo ngo bave mu bukene, baronke ibitungwa bibasahiriza.

Yarangije abasaba kutaba abakozi bakorera gusa ku masaha, ahubwo kuraba ineza y’abo bajejwe ngo umwimbu uheze w’iyongere mu gihugu.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →