28 avril 2024

Tubasavye kugirira isuku aho muba

Ivyo ni bimwe muvyashikirijwe na Nyakwubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 17 Gitugutu 2023, ku mutumba Nyambuye, Komine Isare y’intara ya Bujumbura, aho yari aramutse ashikiriza amabati imiryango y’abenegihugu bafise amikoro make.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakwubahwa Umushikiranganji SABUSHIMIKE yarashimiye cane abo benegihugu k’ukuntu bageregeje gufashanya mukuduza ibigega, akaba yarabahamagariye gukura amaboko mumpuzu ngo bakore ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Yabasavye kandi kugirira isuku aho babaye n’ibikoresho vyo mu nzu, ivyo bikazotuma bagira amagara meza.

Yaramenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kuronsa amatongo abenegihugu bava mu miryango y’abatwa, aha mbere yaciye aboneraho gusaba abajejwe intwaro ko boraba ahari amatongo ya Reta kugira baze bashobore kuyaronsa abo benegihugu.

Yarabahimirije cane gushira abana mu mashure, aha Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE akaba yaboneyeho kubasaba gukurikirana indero y’abana haba kw’ishure ndetse no muhira, bakagarukira ya ndero yo kuziko.

Yarangije ijambo ryiwe ahanura abaronkejwe amabati kuyabungabuka ndetse aranabagabisha ko atawohirahira ngo ayagurishe. Ntiyibagiye gushimira abajejwe intwaro hamwe n’ishirahamwe « Foi en Action » kukuntu bafashanije kugira ngo abo benegihugu bashobore kuduza ibigega.

Nawe Sebasiyano NGENDANGENZWA, Umukuru w’Umutumba Nyambuye mw’ijambo ryiwe akaba yarashimye cane urugendo rwa Nyakubahwa Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushikikirana kuri uwo mutumba, hamwe n’ibisakazo yaje abazaniye.

Aho akaba yaciye aboneraho gusaba Umushikiranganji kuzobaterera mukubaronsa imiryango n’amadirisha.

 

Nawe Virginie NIZIGIYIMANA, Umuhuzabikorwa w’Ishirahamwe« Foi en Action » ryafashije abo benegihugu  gukorera hamwe mu kuduza ibigega, yarashimiye cane Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE kukuntu yitaho guseruka kubenegihugu cane cane abafise amikoro make, ati « akanyamuneza aba  benegihugu bafise natwe turagafise kuko twahora tubona imvura iguye tugaca twiyumvira ukwo baza kuvyifatamwo bikadusiga ». Akaba yaciye amenyesha ko imisumari n’ibindi bizofasha gusakara ayo mabati iryo shirahamwe arongoye ariryo rizobitanga.

Mwomenya ko imiryango 30 yaronkejwe amabati amajana atandatu, umuryango wose ukaba waronswa amabati mirongo ibiri.