27 juillet 2024

“Twagire dusabe aba benewacu baronkejwe ayo mazu kuzoyabungabunga, ahononekaye bazoze barahasubiramwo atawurinze kuza kubibakorera”.

  1.  Izo ni zimwe mu mpanuro zashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 24 Ntwarante I Mutimbuzi, aho yari aramutse ashikiriza icese inzu 20 ubwo bushikiranganji bwubakiye abaenegihugu bahora mu masite ya Sobel na Kinyinya ya 2 inyuma y’umwuzure w’amazi aturuka mu ruzi Rusisi hamwe na Tanganyika.
  2. Ubwo bushikiranganji bukaba bwubatse ayo mazu bubifashijwemwo n’ishirahamwi OIM ku mfashanyo y’uburyo bw’amafaranga yatanzwe na Reta y’Ubuyapani mu mugambi wiswe “ INYISHU YIHUTA KU BIBAZO VY’ABANTU BIMUWE N’IMYUZURIRA Y’AMAZI MU BURUNDI”.
  3. Kw’izina rya Reta y’Uburundi akaba yashimiye bivuye ku mutima Reta y’Ubuyapani n’abenegihugu bayo ku kigoro bagize ngo birure imitima y’abarundi bazigirijwe n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe, aha akaba yafatiye muri iki gihe imyuzurira iturutse kw’isesa ry’uruzi Rusizi n’ikiyaga Tanganyika ryatumye imiryango itari mike iteshwa izabo.
  4. Nkako, si ubwa mbere Reta y’Ubuyapani idufata mu mugongo: impande y’izo nzu 20 turacibuka ibikorwa nk’ivyo nyene baranguye mu makomine ya Bugarama na Nyanza-Lac y’intara za Rumonge na Makamba muri uwo mugambi nyene.
  5. Yashimiye abarongoye Ishirahamawe mpuzamakungu “OIM” kuko rimaze gufasha ibitari bike mu Burundi, mu kwegeranya imfashanyo zigenewe abateshejwe ivyabo n’abandi batishoboye igihe cose babituye, ngo kikaba ari ikimenyetso ntabanduka c’ugufashanya neza, basenyera kumugozi umwe mu kwitwararika ineza y’abenegihugu bakenera ubufasha butandukanye.
  6. Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE guhamagarire ayandi mashirahamwe ngo bongereze inguvu muvyo basanzwe badufasha, kugirango babone gutora umuti urama w’ibibazo vy’abantu bahuye n’ibiza bitandukanye n’abatishoboye bo muri ico gihugu c’Uburundi.
  7. Aha umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yagarutse kuvyabaye mu myaka y’2020 na 2021, aho imyuzure y’uruzi Rusizi n’ikiyaga Tanganyika vyatumye imiryango ishika 5000 bata izabo, iyishika 3000 ija kuba mu bigwati vya Kinyinya II, Sobel na Mafubo, iyishika 2000 ikaba ariho igisembereye gushika uno musi.
  8. Yongeye ati: ‘‘Twese turazi neza ko Gushikiriza inzu abatishoboye, kuronsa abantu amazi meza n’ibikoresho vy’isuku, ubushobozi bwo kwikingira no kubungabunga amagara yo mu mutwe no kuremesha ikibano ciza ari intambwe nziza mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, kandi bica bitwerekeza ku nyishu irama kuri abo bantu basinzikaye’’.
  9. ‘Nico gituma twizera cane ko uyu mugambi usozerewe, wuguruye uwundi mugambi ku imiryango ishika 200 ikigorewe mu bigwati vy’ibanze vyo muri ino Komine ya Mutimbuzi igikeneye gushigikirwa cane kugira ishobore nayo gutera intambwe mw’iterambere’. Niko yongeye kuvuga.
  10. Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yibukije abari aho ko ko iyo umuntu afise uburaro bwiza aheza akagira amagara meza, akaja kukivi, agakora maze akiteza imbere.
  11. Ngo nico gituma yaboneyeho gusaba  OIM ko yotegura iyindi migambi ikayishikiriza Nyakwubahwa aserukira Ubuyapani mu Burundi kugira ngo iyo miryango batabaye biciye ku mfashanyo z’ibanze, mubafashe no kwisununura bagashika kw’iterambere rirama, bagire aho baba bubahwe.
  12. Yateye intege abarongoye iryo ishirahamwe OIM mu Burundi ngo bandanye batera imbere mu ntumbero yo gushira hamwe imfashanyo z’ibanze, guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, rituma abanegihugu basinzikara.
  13. ku ruhande rwa Reta y’Unurundi, yamenyesheje ko  bazokwama bari hafi yabo ibihe vyose kugirango imigambi myiza bategura kandi bakarangurira abenegihugu, ishobore gushirwa mungiro ata nkomanzi.
  14. Yibukije kandi abari aho ko gufasha umuntu guhangana n’ibihe ari igikorwa kitoroshe kandi Imana ikenguruka cane.
  15. At’Umuntu aguhaye aho ukika umusaya ukava munsi y’ivano, murumva yuko arivyo gukengurukira Imana cane.
  16. Ngo ivyo barazi neza ko bitera intenge n’abatware mu gutora umuti w’izindi ngorane zihanze abahuye n’ivyango bitandukanye ngo nabo bashike kw’iterambere rirama, mbere bigaheza bigatuma abantu batihebura.
  17. Yaciye asaba abo baronkejwe ayo mazu kuzoyabungabunga, ahononekaye bazoze barahasubiramwo atawurinze kuza kubibakorera naburya zubaishijwe amatafari y’ivyondo.
  18. Yibukije kandi abo benegihugu ko kizira kikaziririzwa kugurisha izo nzu bahawe kuko ngo atakindi kintu na kimwe kiza gisumba kugira uburaro bwiza.
  19. Yarangije ashimira abajejwe intwarao muri iyo ntara ya Bujumbura ahereye kuri Nyakubahwa Buramatari w’iyo ntara, kuko igihe cose habaye ihindagurika vy’ibihe bituma abanegihugu bahungabana, aba yahageze, akabarongora , akabaja imbere, bakibonera ibikenewe, nabo bakadodora kubasanzwe babafasha, kuneza y’umwenegihugu.
  20. Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano muri iyo ntara akaba yakengurutse cane kuri iyo ngabire, aca asaba ko n’abandi bagisigaye muri site ya Maforo, Sobel na Kinyinya II bokwiyumvirwako nabo kugirango baronke aho bakika umusaya.
  21. Umwenegihugu yaronkejwe inzu muri izo 20 wubatswe n’Ubushikiranganji akaba yashimye cane iyo ngabire, ariko aca agirako asaba ko ko batobibagira mu tundi tuntu twankenerwa bashobora kwifashisha nko kuryama, kwifuka no gufungura.
  22. Uwuserukiye Ishirahamwe OIM nawe akaba yavuze ko iryo shirahamwe rimaze kwubaka amazu arenga 100 mu gihugu, kandi ko riandanya rifasha mu bintu bitandukaye.
  23. Yavuze ko kuva muri nzero 2021 gushika mu myandagaro 2022, ishirahamwe OIM ryari rimaze gufasha abantu bagera 7632 mu kubaronsa aho bakika umusaya, harimwo abagera ku 2144 baronkejwe amahema babamwe vy’agateganyo.
  24. Mwomenya ko iryo shirahamwe rifashanije n’ Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira buhora buronsa n’inyigisho zo kugira isuku, aho mbere baheza bakagirako bubaka n’utuzu twa surwume aho hose hubatwe uburaro.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →