23 juin 2025

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwaragarukiye ku miryango yagize ivyago hamwe n’abafise amikoro make bo mu ntara ya Makamba

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 23 gitugutu 2023, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwaragarukiye ku miryango yagize ivyago hamwe n’abafise amikoro make bo mu Ntara ya Makamba.

Umunyamabanga Ntayegayezwa muri ubwo Bushikiranganji, Ponsiyano HATUNGIMANA yamenyesheje ko mu Bushikiranganji bumvise ivyago vyashikiye imiryango yo mu Ntara ya Makamba, akaba ari muri iyo ntumbero baje kubagarukirako hamwe rero n’abandi bafise amikoro make.

Kubabuze ababo bahuye n’ibiza n’isibe akaba yabasavye kwihangana n’ukwigumya, bakarema.

Umunyamabanga Ntayegayezwa akaba yari yitwaje agaseke k’umuceri n’ibiharage hamwe n’amabati.

Nayo Buramatari w’intara ya Makamba Tantine NCUTINAMAGARA hamwe n’abarongoye ikomine za Mabanda na Kibago barashimiye Ubushikiranganganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana k’ukuntu bwitaho abenegihugu barongoye cane cane abari mu ngorane zitandukanye.

Umunyamabanga Ntayegayezwa hamwe n’abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba basavye abenegihugu kubungabunga ivyo baronkejwe, baranabagabisha ko atawohirahira ngo abigurishe.  Baciye baboneraho kubahamagarira kubandanya imirimo yabo ya minsi yose bati : « ivyabaye vyarabaye ariko mutegerezwa gusubira ku kivi kuko ubuzima burabandanya ».

Muri Komine Mabanda hatanzwe umuceri ku miyrango itatu yabuze ababo bahuye n’isanganya ry’umuriro hamwe n’umuryango wabuze serugo akubiswe n’inkuba.

Haratanzwe kandi amabati ku miryango mirongo itatu n’ibiri ifise amikoro make kandi yadugije ibigega. Umuryango wose ukaba waronswa amabati mirongo ibiri.

Muri komine Kibago hatanzwe ibiro igihumbi n’amajana indwi vy’umuceri hamwe n’ibiro amajana ane vy’ibiharage. Bikaba vyaronkejwe imiryango ijana na mirongo itanu n’icenda, aha hakaba harimwo imiryango yabuze abantu n’ibintu biturutse kumvura ivanze n’umuyanga yaguye ku mutumba na zone Kiyange muri iyo komine ya Kibago hamwe rero n’abafise amikoro make.