27 juillet 2024

Umukenyezi mwirimizi ni inkingi y’umuryango n’igihugu, ni karahara muruganda ntibacure

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakwubahwa Ponsiyano HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi.

Ibirori vyo guhimbaza uyo munsi bikaba vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge, kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 25 gitugutu 2023.

Ku rwego rw’igihugu, uyo munsi ukaba wahimbajwe ku civugo kigira kiti : « ibikorwa vy’umukenyezi mwirimizi, shimikiro ryo kurwanya ubukene n’inzara ».

Mw’ijambo ryiwe, Nyakwubahwa Umunyamabanga ntayegayezwa yamenyesheje ko uyo munsi usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 15 gitugutu ukwo umwaka utashe ariko ko bitakunze ko uhimbazwa kw’iryo genekerezo kubera ibindi ibikorwa bihambaye vyari vyatunganijwe ku rwego rw’igihugu.

Yarongeye aramenyesha ko icivugo c’uyu mwaka cerekana uruhara ntangere rw’umukenyezi mwirimizi mu kurwanya ubukene n’inzara. Ati « Ico civugo rero gihamagarira umurundi wese ndetse n’umunyamahanga aba mu Burundi kumenya uruhara rw’umukenyezi mwirimizi mu gutuza ubukene n’inzara gutyo abonereho kumuha ikibanza kimubereye ».

Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo gushigikirana yabandanije amenyesha intumbero z’uyo munsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi, arizo zizi :

  • Gushigikira abakenyezi birimizi mu migambi yabo yo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu;
  • Guhimiriza ama Reta n’abanegihugu ngo bamenye ko ibikorwa vy’umukenyezi mwirimizi bifise uruhara ntangere mu buzima bw’igihugu;
  • Guhimiriza umukenyezi mwirimizi kubijanye n’ukwitunganya neza gusumba kugira ngo ashobore kwitezea imbere;
  • Kumenyesha abo bose bafata ingingo ivyipfuzo vy’abakenyezi birimizi bo kwisi yose na cane cane ku batwara ikigega mpuzamakungu n’ibanki y’isi yose.

Yavuze kandi  ko ibitari bike bimaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere umukenyezi, aho yashimikiye cane kw’ishingwa ry’umugambi w’igihugu werekeye guteza imbere umukenyezi mu butunzi, ishingwa ry’ibanki ijejwe guteza imbere umukenyezi, umugambi wo kuronsa umwavu abenegihugu mu ntumbero yo kurwiza umwimbu, umugambi w’igihugu wo kuvura ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu n’abakenyezi b’ibungenze.

Nyakwubahwa Ponsiyano HATUNGIMANA yaragarutse kandi ku ntambamyi zibuza umukenyezi mwirimizi kuronka umwimbu ukwiye, nk’amatongo yo kurima yaze, itituka ry’isi ndimwa, ubuhinga bwo guhingura ivyimburwa budashemeye, ihindagurika ry’ibihe rituma imirima, inyubako rusangi n’uburaro vyononekara bagasigara mukangaratete,…

Akaba atibagiye no gutekerera impanuro abakenyezi birimizi kugira ngo  bashobore guhangana nizo ntambamyi, aho yabahamagariye Kwinjira muma shirahamwe no muma koperative, kwungurana ubumenyi n’ubuhinga, gukorana n’ibanki y’abakenyezi ngo baronke uburyo bwogushira mu ngiro imigambi yabo, gufata iyambere mu gushira mu ngiro imigambi ya Reta nko kwibaruka ku rugero, gushira amatongo hamwe, kurima igiterwa kimwe mukarere kamwe, n’ibindi.

Buramatari w’intara ya Rumonge, Léonard NIYONSABA mw’ijambo riwe ryo kwakira  abashitsi, yarashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije ku Bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushikikirana kuba yarashimye ko ibirori vyo guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi mwirimizi ubera mu ntara nziza ya Rumonge arongoye.

Akaba na we nyene yarasavye abakenyezi birimizi kuja mu ma makoperative, barimire rimwe, bimburire rimwe, ati : «  abajejwe uburimyi bariho bazofasha ». Yarasavye abakenyezi birimizi ko bofasha kurwanya ibiyayura mutwe harya babaye n’urudandaza rwo mu kinywabi bituma igihugu kidatera imbere.

Yarongeye arasaba Reta gushigikira abakenyezi birimizi batawe n’abagabo b’ibibigaba bakabasiga munzu bapanze gutyo bashobore kuronka agatahe ko kwiyungunganya.

Kubwo uwaserukiye abakenyezi birimizi, arashima utwigoro twa Reta y’Uburundi mu ntumbero yo guteza imbere umukenyezi mwirimizi. Agasaba ko hotunganywa ingendo shure kugira ngo umukenyezi mwirimizi ashobore kurahura ubwenge bw‘ibikorerwa ahandi. Ivyo bikazofasha umukenyezi mwirimizi ashobora guhanagana n’intambamyi zitari nke zimubuza gutera imbere no kugira ubuzima bwiza.

Ibirori vy’uyu munsi bikaba vyarangijwe n’ukwugurura icese ihayanisha gurisha y’ivyimburwa n’ivyaranguwe n’umukenyezi ritunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 25 gushika ku rya 28 gitugutu 2023. Abafashe amajambo bose bakaba basavye abaraho kubagendera no kubagurira ibintu bitandukanye bazanye.