24 avril 2024

Umutima w’urukundo niwo ubaranga

Kuri uyu wa Mungu igenekerezo rya 4 Myandagaro 2022 i Bujumbura, Nyakubahwa Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozi ajejwe Abana n’imiryango mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yarashimiye cane abarongoye « Fontation Tabita Action » ku kigoro bakoze ko gutanga amakaye n’amakaramu ku bana 210 biga kugirango bazotangure umwaka w’ishure bafise ibikoresho bikwiye.

Nyakubahwa Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozi ajejwe Abana n’imiryango mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ko Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana buhimbarwa no kubona abaza bafasha na cane  cane mu ndero y’abana, aca yipfuriza abo bana kwiga baterimbere, bagere mu bigero.

Ivyo vyose bikaba vyakozwe mu twigoro tw’urukundo rw’imiryango yitanga, ikegeranya ivyo bikoresho.

Nyakubahwa Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozi ajejwe Abana n’imiryango mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Imbere yo kubashikiriza ivyo bikoresho, yasavye abo bana gukoresha neza ivyo bikoresho, kugirango babivyaze umusaruro, baheze baterimbere. akaba kandi yarashimiye abavyeyi babo kubonaba baratahuye neza ko kazoza keza k’abana babo kari mu kubaronsa ubumenyi.

Bamwe mu avyeyi baronkejwe ivyo bikoresho akaba ashima cane kuko ngo ayo makaye arahezagiye, aravye ingene umwana wiwie atahora yunguruzwa ariko kuva atanguye kuraronka ntarigera asubira gusibira mw’ishure.

Agy Fridor IRADUKUNDA, arongoye iryo sirahamwe Fondation Tabita Action (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye iryo sirahamwe Fondation Action Agy Fridor IRADUKUNDA yavuze ko basanzwe bafasha abakenyezi bafise ibibazo bitandukanye mu kubaronsa inyigisho zo kwitezimbere (Entreprenariat), aho abagira urudandandazwa baronswa imitahe mitomiro, abarorora bakaronswa ibitunga bitobito vy’impene n’ingurube.

BIGIRUKWAYO Frederick, Umuhanuzi wa Musitanteri wa Mukaza ajejwe Iterambere (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Bigirukwayo Frederick, Umuhanuzi wa Musitanteri wa Mukaza ajejwe Iterambere ari nawe yari yaserukiye Musitanteri yarateye intege cane abahurikiye muri iryo shirahamwe kubona bariyumviriye iciyumviro ciza nk’ico kizotuma urwaruka ruzogira kazoza keza.

Mwomenya ko uko umwaka utashe, iryo shirahamwe Fondation Tabita Action ryama ritunganya ibikorwa nk’ivyo ryo gutanga ibikoresho vy’ishure ku bana bari muri iyo miryango

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →