24 juin 2025

Reta y’Uburundi igiye gufasha bidasanzwe abanyeshure b’abatwa biga mundaro

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 gitugutu 2022 i Gitega, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaratanguje ibikorwa vyo gutanga ibikoresho vy’ishure kubanyeshure babatwa batoye ikibazo co mu mwaka w’icenda ubu bari mu mashure afise uburaro.  Akaba yahereye ku banyeshure 18 bari mu mashure atandukanye ngaho mu ntara ya Gitega.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaboneyeho kubakeza no kubaha impanuro zitari nke, harimzo no kwirinda ibibasamaza hamwe agakuku k’abagenzi bohava babatesha intumbero nziza yo kwiga.

Yavuze kandi ko Reta y’Uburundi yabashigikiye kugirango bige bafise ingene babayeho nk’abandi banyeshure basanzwe bava mu miryango yifashe.

Aca ababwira ko ari icitegererezo kubandi kugira bazorabe ko umwimbu uzoba mwiza mugihe bashigikiwe.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Bakaba bashigikijwe ibikoresho bigizwe n’ivarizi, amashuka, uniforme amasabune hamwe n’amahera yo kwikenura muri bimwe bimwe bakenera mu buzima bza minsi yose.

Abaronkejze ivyo bikoresho (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenye ko bubaye ubwambere Reta ishigikiye abanyeshure babatwa batoye ikibazo co kwinjira mu mashure yisumbuye kandi uno mwaka bakaba bagera kw’125.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →