28 mars 2024

94.4% nivyo vyaranguwe mu gice ca gatatu c’umwaka w’ 2021-2022

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa  Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji w’agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 Rusama 2022 i Bujumbura mu gihe yariko araremesha ikiganiri n’abamenyeshamakuru ku bikorwa bikuru bikuru vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca gatatu c’umwaka w’ 2021-2022.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji w’agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu gutangura ico kiganiro yagize ati : « Ubushikiranganji bw’Ugushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira burangura imirimo bujejwe biciye mu bisata bitatatu bikurubikuru bikurikira  (i) gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, (ii) Guteza imbere agateka ka zina muntu (iii) hamwe n’iterambere ridakumira ».

Yarongeye aravuga ko Ibiro vy’umushikiranganji arivyo bitunganya ibikorwa vyose vy’ubushikiranganji. Aca yerekana ibikorwa bikuru bikuru ivyo biro vyaranguye akaba ari ibi bikurikira yadondaguye :

  • « Twarahye imibonano 167 abenegihugu batwitura, turongera turaha imibonano 5 abo dufashanya mumigenderanire no mw’iterambere, turongera turishikira kurubuga aho twakoze ama nama n’inganda 31.
  1. Mu gisata kijanye no Gukingira hamwe no gutegekaniriza kazoza abenegihugu ibikorwa bitari bike vyararanguwe :
  • Abagwaye ba ntahonikora bangana 5.654 baravujwe ku 2000 bari bategekanijwe,
  • Abageze mu zabukuru 6 000 barazwa n’ubushikiranganji duserukira,
  • Imiryango 1500 ku miryango 2500 y’abahuye n’ivyago hamwe n’abandi bafise amikoro make barashigikwe mu kuronswa ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa
  • Abagendana ubumuga bangana 150 kw’150 bari bategekanijwe barigishijwe imyuga itandukanye  nko kubarira, gusudira, no guhingura imikate,
  • Ibigo n’amashirahamwe 67 vyari vyategekanijwe gushigikirwa mu bijanye n’imfungurwa kuva mu kwezi kwa nzero kugeza muri Ntwarante vyarashigikiwe,
  • Mubijanye no gukomeza gukingira agateka k’abana, twaritavye amaterefone 2 199 ku 750 yari yategekanijwe turongera turarungika mu bisata bijejwe kwumviriza no gutunganiriza abana baduhamagaye bangana 89 kuri 63 bari bategekanijwe.
  • Mu kigo ca reta kirera impfuvyi arico Orphelinat Officiel de Bujumbura (OOB), turareze abana b’impfuvyi  37 tukaba twarakiriye n’abandi bashasha 3.
  • Muri abo bana 37, abana 19 bariga mumashuri y’intango no muri kaminuza.
  • Abana b’impfuvyi 9, bariga mumashure y’intango,abandi9 orphelins biga mumashure yisumbuye, uwundi 1 umwe yiga kaminuza.
  • Mubijanye no kureresha abana batagira kirera haba mugihugu canke hanze y’igihugu, abana 18 bararonse ababarera hanze y’igihugu.
  • Kuvyerekeye gushigikira imiryango yibarutse ubushuri, twarashigikiye imirango 88 kuri 12 yari itegekanijwe, mu kubaronsa amata ya Nativa n’ibindi bikoresho vy’inzoya hamwe n’ibikoresho n’ibifungurwa vyankenerwa kubavyeyi.
  • Twarongeye turashigikira mu bifungurwa amashirahamwe kumwe n’ibigo 10 vyitaho impfuvyi.
  • Ubushikirangnji bwarakiriye, burashigikiza ibifungurwa, buravuza bwongera buha indaro abana bakuwe mumabarabara 873,  bwongera busubiza mu miryango abana bo mw’ibarabara 499.
  • Twaragendeye twongera turashigikira mu kurunsa ibikoresho vy’ishure imiryango 45 yakiriye abana bo mw’ibarabara.
  • Mubijanye no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, na cane cane gukomeza gutunganya no gukurikirana ico gisata harakozwe amanama 18 y’ama komité yo muma komine, nukuvuga inama imwe imwe kuri buru ntara yose.
  • Muri wa mugambi wokuvuza bose, twarakoze inganda 3 zo guhimiriza abenegihugu ngo binjire mumashirahamwe yo kuvuzwa mu ma komine ya Mukike, Nyabiraba, na Bukinanyana.
  • Twaratororokanije uburyo bungana na 334 775 390 mu ngendo z’akazi twakoze mu bushikiranganji bujejwe ubutunzi , mu mashirahamwe ajejwe gutegekaniriza kazoza abakozi nayo gukinga impanuka, (FAPS)
  • Twarakoze inganda 5 zose zo guhanahana ivyiyumviro n’ukwegeranya uburyo kubaserukira inzego za Reta, abaserukira ibisata vy’abikorera utwabo, abaserukira amashengero hamwe n’abandi bose basanzwe badushigikira muri ico gisata muntumbero yo kurwiza uburyo bwo gufasha igisata co gutegekaniriza kazoza abakozi n’abenegihugu ; abitavye ako kamo bakaba bangana 826 mu ntara za Bubanza, Rumonge, Muramvya, Muyinga et Cankuzo.
  • Mw’ishirahamwe INSS, mukubandanya dutegekaniriza kazoza abenegihugu, abarongoye amashirahamwe y’abarovyi bangana 949 barategekanirije kazoza abarovyi barongoye ; mukuba abanywanyi ba INSS, Abarovyi 2 811 nabo bararonka inomero ndangamunywanyi, tukaba twegeranije uburyo bungana na 99.120.598 fbu muri ici gisata.
  • Muri rwa rugamba rwo kurihisha ibirarane kunguvu abakoresha bataziganirije abakozi babo, twegeranije uburyo bungana 1.871.255.422fbu.
  • Twarakoze inganda 2 zo guhimiriza no kumenyesha abakoresha n’ abakozi uburenganzira bwabo n’ivyo bategerezwa muri komine Buganda-Cibitoke no mu Ruyigi.
  • Muri mutuelle muntumbero yogutegekaniriza kazoza keza abanywanyi twarahinguye ama carata yo kwivurizako akozwe kubuhinga bwa none 38 777
  • Muntumbero yo kworohereza abanywanyi bacu mu kubaronsa imiti, twarashize ama depot y’imiti muntara zitandukanye.
  • Twaruguruye ibiro vya Mutuelle mu Cibitoke, hamwe n’inzu y’idandarizo ry’imiti vya mutuelle ku bitaro vyo mu Mivo mu ntara ya Ngozi.
  • Muri ONPR, twarakoze inganda 18 zo guhimiriza abarongoye abandi mu buzi bwa Reta kuvyerekeye gukinga impanuka z’akazi
  • Twarasubiyemwo amategeko agenda amashirahamwe ya INSS, ONPR, MFP hamwe mbere n’iry’Ubunyamabanga Nshingwabikorwa Ntayegayezwa bw’Umurwi w’igihugu ujejwe Gukinga no Gutegekaniriza kazoza Abanyagihugu (SEP/CNPS), kugirango bikore vyisunga ingingo ziri gitabu c’ibwirizwa inomero 1/12 ryo kuwa 12 rusama 2020 ryerekeye igitabu c’amategeko agenga ugukingira no gutegekaniriza kazoza abanyagihugu mu Burundi.
  • Mu kigo kijejwe kugorora abagendana ubumuga CNAR, twarasuzumye abagwayi 1019,
  • Muri ico kigo kandi twaragoroye abagwayi 2528,
  • Twarakoze kandi ivyo bita kiné-physiothérapie ibihetangabo7509,
  • Twaragoroye kandi abana bafise indwara y’ubugaru 561, nukuvuga bashasha n’abakera barikumwe,
  • Twaragoroye kandi abantu 1037 ico bita mu kinofunofu « actes de corrections orthopédiques »
  • Muri ico kigo kandi twarahinguye ivyuma vyokwiyunguruza vy’abagendana ubumuga butandukanye  bingana 833 tukaba kandi dufashiriza muri ico kigo nyen abagwayi  118,
  • Mu kigo citaho abagendana ubumuga co kw’i Jabe CNRSP, turiko turigisha imyuga urwaruka rugendana ubumuga rungana 135 muri iki gice ca 2 c’umwaka w’ishure wa 2021-2022.
  • Twarafashije kandi urwarauka rugendana ubumuga mukubavuza no kubaronsa ivyuma vyo kwiyunguruza, aho tukaba twavuje abangana 480, harimwo 360 bo kw’i Jabe ku cicaro gikuru, 120 bo mu Kigo c’ i Ngozi.
  • Mu mugambi w’igihugu « MERANKABANDI », igitigiri c’abafashwa carongerejwe ku rugero 6000 baronkejwe ya mfashanyo y’amafaranaga, abandi 42 575 bararonkejwe inyigisho nkarishabwenge mu bijanye no guhindura ingendo.
  • Twarakurikiranya neza isinywa ry’amasezerano y’ingabire y’amahera angana n’imiriyoni ijana na mirongo itanu z’amadorare y’abanyamerika (150 millions de dollars) azokoreshwa mu mugambi mushasha wa MERANKABANDI II, uzokorera ku mitumba yose igize igihugu cacu. Ayo masezerano y’uwo mugambi akaba yaranateweko igikumu na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu.
  • Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji w’agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Mubijanye guteza imbere agateka aka zina muntu,

  • Icegeranyo ca mbere kuvyerekeye amasezerano ya Afirika mubijanye n’uburenegnzira /agateka no kubahoneza vy’abana carakozwe.
  • abantu 72 (abagabo 37 n’abakeneyzi 35) bari munzego za Reta n’abikorera utwabo barahimirijwe muvyerekeye umugambi w’igihugu muvy’agateka kazina muntu  2018-2027 hamwe n’integuro y’uwo mugambi kuva mu 2018-2023.
  • Twaragendeye turongera turafasha abapfungwaa 8 bapfunzwe barenganywa baraheza bararenganurwa,
  • Twarasohoye kandi icegeranyo c’uko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe,
  • Twarakoze twongera turatangaza ibiganiro 6 vy’agateka ka zinz muntu kuri radiyo y’Uburundi.
  • Twarasohoye twongera turatangaza inkuru 12 zerekeye agateka ka zina muntu binyamakuru Le Renouveau na Ndongozi.
  • Mubijanye n’iterambere ridakumira abakenyezi 900 n’abigeme 600 baraonkejwe uburyo bwo kwiyungunganya mu ntara za Gitega, Muyinga, Ruyigi, Mwaro, Ngozi na Kayanza ;
  • Twarateguye iyugururwa ku mugaragaro ry’ibanki y’abakenyezi tukaba tumaze kuyisanga ku kivi incuro 2 zose ngo dusuzume ingene iriko irakora.
  • Mubushikiranganji bwacu twarakoze ubwambere inganda 2 zo kwigisha abantu 100 bagendana ubumuga bwo kutumva ibijanye n’amabi afatiye kugitsina ;
  1. Twarakarihirije ubwenge abantu 15 bazokwigisha mu kigo c’akarorero ibijanye n’indinganizo no gukoresha inzu zo gusomeramwo ,(bibliothèque)
  2. Mu kigo Humura twarahagaritse abantu 30 bakekwaho ivyaha vyo gufata kunguvu abakeneyezi n’ayandi mabi afataiye ku gitsina, tukaba twafashije mu bijanye n’ubutungane no gukira ihahamuka abangana 192 bahauye n’ivyo vyago ; twarasubije hamwe kandi ingo 56, tukaba turiko dufasha abahuye n’ayo mabi 47 bari muri ico kigo ; tukaba twagaburiye abandi 740.
  3. Twaraonkeje ibikoresho vyokwifashisha basubuye iwabo abahuye n’ayo mabi banagana 301,
  4. Twarakurikiranye ivyerekeye ikigo gishasha Humura co Mu Rumonge gifasha abahohotewe, kugirango gishobore gutangura gukora neza. Ubu tukaba turiko turarondera abakozi hamwe n’uburyo bukenewe kugirango gikore ukuri kwamye.
  5. Mu kwezi kwa Gatatu, twaraserukiye igihugu cacu c‘Uburundi mu nama igira 66 yabereye i New York yerekeye uko abakenyezi babayeho mu bihugu.
  • Mubijanye no kumenyesha amakuru, inkuru 198 zaratangajwe ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ubushikiranganji,
  • Tweets 2 764 zaratangajwe zikaba zikurikirwa n’abantu 4 994, mu bushikiranganji zigakurikirwa n’abakozi 165,
  • Abagenzi bangana 2,1K barakurikirana amakuru atangazwa ku rubuga Facebook rw’ubu bushikiranganji.
  • Imigwi ikoresha umuhora whatsap kugirngo imenyeshe abatagetsi bakurubakuru bo muri ubu bushikiranganji hamwe n’abakozi muri rusangi yaravutse kandi irakora ».

Mu gusozera, yaramenyesheje abenegihugu  bose ko Ubushikiranganji bw’Ugushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira bugiye kwongereza inguvu mukubandanya bwitaho ababwitura.

Yaranakengurukiye cane abakozi bo muri ubwo  Bushikiranganji ku mwete n’ubwira bafise  mu bikorwa bajejwe yongera abahamagarira kurushirizaho gukorana umwete n’ububangutsi kugirango ibikorwa bitegekanijwe kurangurwa muri iki gice canyuma c’umwaka wa 2021-2022  bizoranguke ku rugero rurengeye kure 100%.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →