27 juillet 2024

Abafashwa n’umugambi Merankabandi barasabwa gokoresha neza uburyo bahabwa kugira biteze imbere

Ivyo ni ivyashkirijwe n’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye aho yari aramutse atanguza icese kw’igenekerezo rya 7 Rusama 2024, umugambi Merankabandi ugira kabiri ufashwe mumugongo n’Ibanki y’isi yose ku mafaranga angana imirioni 150 z’ama dorari.
Ibikorwa vy’uyo munsi bikaba vyabereye ku murwa mukuru w’intara ya Mwaro.
Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarashimye cane ibimaze kurangurwa muri uyo mugambi, aha akaba yaciye asaba abari mu mugambi Merankabandi ugira kabiri gukoresha neza uburyo bahabwa kugira biteze imbere. Yaboneyeho kandi gushimira abari mu mugambi Merankabandi wa mbere kuko bigenjeje neza bakaba nubu birata intambwe bagezeko. Ntiyibagiye gushimira Ibanki y’Isi yose ku kuntu idahengasha gushigikira Reta y’Uburundi mu migambi itandukanye y’iterambere.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yarasavye abarundi muri rusangi guhindura ingendo kugira bijukire ibikorwa bibateza imbere, aho yamenyesheje ko atakindi kimara ubukene kiretse kuja kukivi umuntu agakora.
Yarasavye abakurikirana ibikorwa vy’uwo mugambi Merankabandi kuraba ko atawuriko arakoresha nabi uburyo ahabwa nuwo mugambi, aho yamenyesheje ko ari umutahe baronswa ngo ubafashe kwiteza imbere. Yaranagabishije abari muri uyo mugambi ko uwuzokwigenza nabi azokurwamwo bashiremwo uwushobora kurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere.
Yaramenyesheje ko hariho umugambi mushasha uriko urategurwa witwa « Umuryango wifashe », mu ntumbero yo gushira mu ngiro ya mbono kazoza y’Uburundi Bwifashe mu 2040, n’Uburundi buteye imbere mu 2060.
Yarangije ijambo ryiwe asaba abanegihugu kubumbatira amahoro mu runani, aho yabahamagariye kugira umwumvikano aho bahereyere hose, gutyo abantu bose aho bari batekane. Yarongeye abasaba kurwanya abasuma bo mu mirima kuko bashobora gutuma abantu bacika inkokora.
Nayo uwaserukiye Ibanki y’Isi yose, umupfasoni Hawa Cissé Wagué yarashimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi ku kuntu yitaho iterambere ry’abenegihugu arongoye adasize inyuma abafise amikoro make. Akaba yaboneyeho kumenyesha ko Ibanki Y’isi yose atakwo itazogira mugushigikira Reta y’Uburundi mu migambi y’iterambere.
Twobamenyesha ko Umukuru w’igihugu yaronkeje umutahe wibanze imirwi ine y’intambo kugira nabo bashobore gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere barabiye akarorero k’ubari mugambi Merankabandi. Umurwi umwe umwe ukaba wemererwe amafaranga y’amarundi angana n’umuriyoni.