Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE aho yariko abumba inkono mu ntara ya Ruyigi kumutumba wa Kigamba uri muri komine RUYIGI. (Ifoto na Elie HARINDAVYI)
Uwo ni Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE aho yariko abumba inkono mu ntara ya Ruyigi kumutumba wa Kigamba uri muri komine RUYIGI, kuri uyu wa kane Igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2021, igihe yariko arakira icese inyubako n’ibikoresho bizofasha kubumba kijambere.
Uwo ni Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE aho yariko agendura ngo yarakire icese inyubako n’ibikoresho bizofasha kubumba kijambere. (Ifoto na Elie HARINDAVYI)
Inyuma yo kugendura izo nyubako zigizwe n’amafuru abiri, aho bayungururira ibumba, aho banikira naho bazoshingura ivyabumbwe kijambere, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko ari we nyene ubwiye yari yishikiye kuri uwo mutumba nyene, hari kuwa kane igenekerezo rya 30 mukakaro 2020, yatanguje icese Umugambi wo gushigikira abakenyezi b’abatwakazi bo mu Ntara ya Ruyigi w’iyumviriwe kandi ukaba washizwe mungiro n’Ishirahamwe Mpuzabatwa “UNIPROBA”.
Ati uwo mugambi waranguriwe mu makomine ya Ruyigi, Butezi na Butaganzwa, ngo ukaba wiyumviriwe mu ntumbero yo guteza imbere ingo n’imiryango y’abatwa na cane cane abapfasoni b’abatwakazi mubikorwa bijanye no kubumba kijambere.
Mwijambo ryiwe, yarashimiye cane abajejwe intwaro muri iyo ntara kuko bagize uruhara rudasanzwe mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.
Yasavye abari aho kugira rwabo izo nyubakwa no kuzibungabunga hama bazikoreshe ico zagenewe kugirango uwo mugambi ubakure aho bahora mu bukene maze ubashikane kuntambwe yindi mw’iterambere.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaribukije abenegihugu bose kubandanya bikingira ikiza ca CORONA VIRUS mu gukaraba neza n’isabuni, kwirinda kuramukanya bakoranako no kwama bakurikiza impanuro zitangwa n’Ubushikiranganji bujejwe Amagara y’Abantu no kurwanya SIDA.
Umuyobozi mwishikira mu biro vya buramatari nawe mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko izo Nyubako ari ingabire y’abenegihugu bose, aca asaba ko atawohirahira ngo azikoreshe ico zitagenewe.
Nawe uwuserukira imbere y’amategeko Ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA Hon. Nengo Emmanuel, yamenyesheje ko uwo mugambi bawuranguye bafashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD, muntumbere yo gufasha abakenyezi b’abatwakazi bo mu makomine atatu ariyo RUYIGI, BUTEZI na BUTAGANZWA.
Twobamenyesha ko mu kurangiza Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yifadikanije n’abatwa bariko batamba intambo ndangakaranga.