2 mai 2024

Abanegihugu bo mu Kayanza baronkejwe inyishu zitomoye

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 12 Ruheshi 2023 i Matongo muntara ya Kayanza, Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na Bagenzi we, uwujejwe Indero, uwujejwe Uburimyi n’ubworozi, Uwujejwe amagara y’abantu, hamwe n’umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu, bishuye ibibazo vy’abenegihugu bo muri iyo ntara umwe wese mubimwega.

Yaboneyeho kugira ico avuga kukibazo c’abenegihugu b’abatwa ngo bishikiriza amatongo, aho kubicisha mu nzego zibijejwe, aca asaba ko bobikora bakurikije amategeko kandi n’ababijejwe nabo ngo babikorane umutimwa wa Kivyeyi, batunganirize bose ata kuraba uyu canke uriya.

Yanagarutse no kukibazo ca ba ntahonikora bakenera ibisakazo, aca asaba abo benegihugu bashoboye kuduza impome, ko bokwitura  abaserukira Ubushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira muntara, uwo nawe afadikanije n’abajejwe intwaro, bagire intonde zabo, maze baheze baronswe amabati.

Yanamenyesheje ko ari co kimwe na barya bavuye mumasite bagomba gusubira mumatongo yabo, yabasavye ko abo babijejwe borondera umufundi kugirango aheze aharure amabati akenewe kuri buri nzu maze ubushikiranganji nabwo buheze bubaronse amabati.

Kukibazo c’abantu baba bakoreye Reta hama bigashika agapfa atarakwiza imyaka isabwa yo gukukurura, yabasavye ko abasirwa boca bafata karya kantu baronswa kugirango bakagire umutahe maze kazoheze kabandanye gatunga umuryango.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko haruhande yo gukotiza muri ONPR, hari ico bita pension complémentaire boza baragira, kugira iheze ibafashe mugihe bageze muzabukuru.

Kukibazo c’umukenyezi afise abana 5 yatawe n’umugabo ubu yireranye abana, adafise uko abarera kandi atakazi afise, ngo niyo akoze ikibazo atigera ashikirwa, Umushikiranganji akaba yasavye abajejwe intwaro ko bomufasha akaronka aho akika umusaya, aho akaba yaciye amwemerera kumufashisha ibifungurwa bigize n’Umuceri.

Kuri bantahonikora babura uko bashika i Bujumbura mugihe bagiye kwitura umushikiranganji kanaka, yasavye ko abajejwe intwaro boheza bagafasha kugirango uwo mwenegihugu ashobore gushika i Bujumbura, maze abajejwe kumutunganirira baheze bakore akazi, bamutunganirize.

Kukibazo c’umukenyezi atigeze aja kwubaka urwiwe ariko aratotezwa na Musazawe, yasavye ko ico kibazo cotorerwa umuti n’abahuza bo kumutumba, kandi ngo nonenho ntakibazo na kimwe kidashobora gutorerwa inyishu.

Nayo Kukibazo c’abasaba ko ishirahamwe rivuza abakoze ba Reta (Mutuelle de la Fonction Publique) yorwiza ama pharmacies mumakomine, yavuze ko iyo hagize ibitaro vyubakwa, baheza bagaca batanga icumba Mutuelle ikoreremwo, bagaca baza kuhashira ibiro na Pharmacie vyayo Kandi ngo baramaze kwugurura ahatari hake.

Kubibazo ca bantahonikora basaba ibisakazo, maze ngo iyo badugije impome z’ibigega vy’inzu zikarinda zibomoka batarabaronsa ayo mabati, ngo ni kubera aba ataraboneka mu bushikiranganji.

Mwomenya ko Inama nk’iyo yaheruka kubera mu ntara ya Cankuzo, kandi ikaba igiye kuzobandaniriza mu ntara ya Kirundo.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →