27 juillet 2024

« Tubahimiriza kuja hamwe mumakoperative »

Ako ni akamo katewe na Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Kuri uyu wa wambere igenekerezo rya 12 Ruheshi 2023 i Matongo muntara ya Kayanza aho yari aramutse aha imfashanyo y’umuceri ingana n’itoni zitatu ku benegihugu bafise amikoro make bagera ku majana atatu (300) bo muri iyo komine.

Imelde SABUSHIMIKE, yasavye abo benegihugu kuja hamwe mumakoperative no mumashirahamwe, ngo bashire hamwe inguvu, kuko ngo iyo umuntu ari wenyene biraheza bikamugora kuronka aho arimira.

Yabahamagariye kuja mu bikorwa, kuko ngo ni umugambi wa Reta y’Uburundi wo kurwiza umwimbu bakoresheje inguvu zabo kuko ariwo mutahe wabo, kandi ngo naho abazaniye ivyo bifungurwa, ejo bizoba vyaheze, ngo ningombwa rero ko bakora kugirango ntibazogume ari ba ntahonikora kandi batagendana ubumuga, batarashika muzabukuru, ngo mbere iryo zina si iry’abo.

Yabibukije ko igihugu c’Uburundi cipfuza ko mu mwaka w’2040 umurundi wese azoba ashobora kwironkera ivyo akaneye, nayo mumwaka 2060 kikaba ari igihugu giteye imbere. Ati « Ivyo rero ntituzobishikako mugihe hari abareka gukora, bakaguma biyita ba ntahonikora kandi bafise inguvu zo gukora ».

Imelde SABUSHIMIKE, akaba yababwiye ko yaje kugirango yibonanire n’abo bageze muzabukuru, kandi ngo bamenye Ubushikiranganji bubajejwe ubwaribwo, n’uko babipfuriza kugira amagara meza kuko ngo hari naho usanga batigera bumviriza amaradiyo ngo bamenye n’ibiba biriko birashikirizwa bibega.

Mwomenya ko ubwo bushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bumaze iminsi bugendera abenegihugu bafise amikoro make bo muntara zitandukanye, aho bugenda bubashikiriza imfashanyo itandukanye y’ibifungurwa canke y’ibisakazo.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →