27 juillet 2024

Twahisemwo gutanga izi nyigisho kuri mwebwe urwaruka ruhurikiye n’urudahurikiye mu migambwe twisunzeko ari mwebwe muzovamwo indongozi z‘igihugu muri kazoza

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Désiré HARIMENSHI, Umuyobozi Mukuru ajejwe Agateka ka Zina Muntu mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 9 Myandagaro 2023 ku murwa mukuru w’intara ya Mwaro, aho yariko yugurura uruganda rw’inyigisho z’agateka ka zina muntu zigenewe urwaruka ruhurikiye n`urudahurikiye mu migambwe rwo mu ntara ya Mwaro no mu micungararo yaho.

Yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yama ikora itiziganya kugira ngo agateka ka zina muntu mu mice yose kamenyekane kandi kubahirizwe.

Ati ni muri iyo ntumbero, Reta y’Uburundi iriko irakora ibikorwa vyinshi bishimishije biteza imbere kandi bikingira agateka ka zina muntu.

Aho yaciye atanga akarorero nko gushiraho ibigo bijejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, gusubiramwo  itunganywa ry’amategeko atandukanye na cane cane ayajanye no gukingira agateka k’abana mu bijanye n’ubutungane, gukuraho igihano co gupfa, kurangura  imigambi iteza imbere urwaruka, aha twovuga nk’ishingwa ry’Ibanki yo guteza imbere urwaruka.

Niko guca avuga ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira butunganya inyigisho z’agateka ka zina muntu zigenewe abenegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi harimwo n’urwaruka mu ntumbero yo kungura ubumenyi n‘ubushobozi  vy’umwumwe wese  mu bijanye no guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, kubana neza  nokumenya uruhara rw’umwenegihu mu kibano.

Yibukije abari aho ko kw’igenekerezo rya 10 kigarama uko umwaka utashe isi yose n’Uburundi burimwo, yama ihimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe agateka kazinamuntu.

Nyakubahwa Desire HARIMENSHI yagarutse kuvyabaye muri kahise, aho ngo  vyibonekeje neza ko kutamenya no gukengera ibijanye n’agateka ka zina muntu vyatumye hakorwa ibikorwa vy’ubuyobe vyatumye abatuye isi babona ko hakwiye gufatwa ingingo zotuma akabi kabishe nk’ako katokongera kubaho kw’isi; ati « ni navyo bigaragara mw‘Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ari naryo fatiro ry’ubundi burenganzira bwose bwa kiremwa muntu ».

Yongeye amenyesha ko bikenewe cane rwose ko agateka ka zina muntu gakingirwa n’amateka n‘amategeko yubahiriza ako gateka kugira abantu babane batekaniwe.

Yamenyesheje kandi ko bahisemwo gutanga izo nyigisho kuri urwo rwaruka ruhurikiye n’urudahurikiye mu migambwe bisunze ko ari bo bazovamwo indongozi z‘igihugu muri kazoza.

Aho rero ngo bigaca bikenerwa cane rwose ko bategurwa bakamenya hakiri kare ibiri mu mategeko mpuzamakungu ndetse nayo ku rwego rw’igihugu bikingira kandi bigateza imbere agateka ka zina muntu na cane cane ko kubahiriza no gushira mu ngiro ayo mategeko bisaba ishaka no kwitanga vy’umw‘umwe wese.

 

Mwomenya ko abari bitabiriye izo nyigisho bigishijwe ibijanye n’ :

– Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu (Déclaration Universelle des droits de l’homme);

–  Kugira uruhara nk’Umwenegihugu (Citoyenneté Responsable);

– Uburenganzira bwo kubaho mu mahoro (Droit de vivre dans la paix) ;

– Urudandazwa rw’abantu (Traite des personnes),

Akaba yarangije amenyesha ko inyigisho nk’izo zizobandanya zikorwa no muzindi ntara zigize igihugu c’Uburndi.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →