20 avril 2024

Imelde SABUSHIMIKE niwe karorero mu mugambi wo kwiteza imbere mu Bushikiranganji arongoye

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yarerekanye akarorero keza mu kwifatanya n’abakozi bahurikiye mu Buyobozi bukuru bujejwe Iterambere ry’Umukenyezi n’Iterambere Ridakumira, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 mukakaro 2022, aho bari baramutse bagabura amafaranga agera ku 6.718.588 baziganije kandi barunguka mu kiringo c’umwaka mw’ishirahamwe CASOPEDE TWUZUZANYE ryari rigizwe n’abanywanyi 31 harimwo na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaronkejwe amafaranga agera ku 520.000.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko araronswa amahera yaziganije mw’ishirahamwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ryiwe, yashimiye cane abagize komite irongoye iryo shirahamwe, mbere aca abasabira ikindi kiringo kuko ngo babarongoye neza cane ata mukazo, aca amenyesha ko iyo abantu bagize ishirahamwe bene iryo biyumvanamwo gusumba, bakagiriranira ubundi bucuti haruhande yo guhuzwa n’amadosiye gusa y’akazi ya minsi yose.

Bamwe mu bitavye ivyo Birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yahamagariye abayobozi bakuru bose bakukira ubwo bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, bandi gutunganye amashirahamwe nabo ya nawe nuze kugirango abo barongoye nabo babone ivyiza biturutse mu kuja hamwe kugirango babone akaryo keza ko gufashanya, bafashe urya mukozi adafise amahera menshi, ariko aronke aho agurana bitamugoye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje abari aho ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwama bugenda burigisha ivyerekeye Umugambi wa NAWE NUZE, ariko nabo batabishira mungiro, ati ni akaryo keza ko kwerekana ko n’ivyo bigisha nabo nyene bariko barabishira mungiro.

Yarashimye cane iciyumviro co kuzogira koperative muri kazozea, aca asaba ko abariko barabikora bovyiga neza bagaheza bakabishikiriza abanywanyi.

Yaboneyeho gusaba ko abahurikiye mu Bushikiranganji arongoye boja muvyo kugiziganya no biciye mw’Ibanki yo gutezimbere uburaro bwiza BHB, kuko ngo baraziganiriza abakozi ivyo bita pension complémentaire, bigaheza bigafasha cane abakozi.

Francine MARIMBO, arongoye ishirahamwe CASOPEDE TWUZUZANYE (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwurongoye ishirahamwe CASOPEDE TWUZUZANYE  Francine MARIMBO, yamenyesheje ko iryo shirahamwe rimaze imya 4 rirangura ico gikorwa co kuziganya no kuguranana, aho umutahe umwe ungana n’2000, bakaziganya kugeza ku mitahe 25, ariko ko guhera muri uno mwaka w’ikiringpo ca gatanu bagiye gushikana ku rugero rw’imitahe 50 ingana n’100.000 kuwubishoboye buri kwezi.

Yaciye amenyesha ko bashizeho utugambi dutoduto two gucuruza amafanta, n’amainité kubabikeneye bari muri ubwo buyobozi, none ko bariko bariyumvira umugambi munini wo kwagura kugirango bagire koperative ibafasha kuronka inyugnu yisununuye.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi wa Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi wa Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yahimbawe n’uko iryo shirahamwe rikora ariko guca asaba kwinjira muri ryo.

Yabajije ingene baronka uburyo bwo gusangira ivyo bafungura n’ibinyobwa, ariko naho yasigurirwa ko biva mu mafaranga aba yari agenewe gushigikirana umunywani wese atanga buri kwezi, agera ku 1000.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi wa Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Nyakubahwa Felix NGENDANBANYIKWA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Muri ubwo Bushikiranganji, yasavye ko iryo shirahamwe ryogira koperative y’akarorero kuko ngo ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana aribwo buriko burahimiriza imirwi myinshi y’abenegihugu batanguje nawe nuze mu gihugu hagati, gutyo baheze babafatireko akarorero.

Kubwiwe ngo amashirahamwe bene ayo arafasha cane kuko atuma abayahurikiyemwo bafashanya mu kibano, rero ngo nibabikwiragiza mu gihugu cose, abeneguhug bazoheza babandanye bashigikirana muri vyinshi kandi batezanye imbere.

NIMBONA Grace, chef de service fonds de pension complémentaire muri banki yo guteza imbere uburaro bwiza BHB (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Nawe NIMBONA Grace, chef de service fonds de pension complémentaire muri banki yo guteza imbere uburaro bwiza BHB, yavuze ko pension complémentaire itanga kuva ku 10.000 gushika kuri 20% y’umushahara wa buri munywanyi, kandi ko baheza bagashirako ibice 7% vy’inyungu uko umwaka utashe, maze ayo mahera akazofasha umuntu hageze ko akukuruka.

Yavuze kandi ko haruhande y’ivyo vya pension complémentaire, umukozi uwariwe wese ashobora kwiziganiriza amahera azomufasha kuronka uburaro bwiza, aho naho nyene bashobora kuza baramwungukira ibice 6% buri mwaka, agaheza akaza azarayakurako uko imyaka ibiri ihere.

Yarongeye kandi aramenyesha ko mugihe abakozi buguruje bene ayo makonte, baheza bakaronswa uturusho tudasanzwe igihe baba basavye ingurane muri iyo banki.

Yarangije asaba ko we n’uwo bagendanye, bokwemererwa kuja muri iryo shiramwe, kuko ngo imigambi bafise itomoye kandi abona ko ririko riragirira akamaro kenshi mubarihurikiyemwo.

MUDAGI Jean Francois, ni umwe mu banywanyi bashinze intahe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

MUDAGI Jean Francois, ni umwe mu banywanyi bashinze intahe y’ingene iryo shirahawe rimaze kumugirira akamaro kanini, kanatsinda niwe yaronkejwe amahera menshi kuruta abandi bivanye nayo yari yaziganije kuko yahwawe ayagera ku 837.995.

Yaboneyeho nawe gusaba abanywanyi kubandanya baziganya menshi kuruta, kugirango ni hagera gusubira kugabura mu mwaka aza, bazobe bafisemwo amahera menshi, biheze bibahimbare cane gutahana igifovya c’amafaranga.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ariko arashimira abagize komite y’ishirahamwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yaciye ashikiriza udushimwe kubagize komite y’iryo shirahamwe, uko ari batanu, ikimenyetso c’uko bakoze neza, mbere akaba yabasabiye kwongerwa ikindi kiringo c’umwaka, ivyaciye vyemerwa n’abanywanyi bose b’iryo shirahamwe.

Mwomenya ko abari aho bari batumiwe baciye binjira muri iryo shirahamwe, uhereye kuri  Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe gushigikirana,  uwujejwe kumenyesha amakuru Elie HARINDAVYI n’abandi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko aratamba akaziki mu kurangiza ibirori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Bakaba  kandi barangije ivyo birori mu kanyamuneza, inyuma yo kwihereza ibinyobwa n’ibifungurwa bivuye muvyo baziganije.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →