26 avril 2024

Intumbero ya Reta ni uko ata numwe yosigara inyuma mw’iterambere

Ivyo vyagaragaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 ruheshi 2022 i Bujumbura, abana 30 bagendana ubumuga bakurikiranye inyigisho z’imyuga baronkejwe amaseretifika n’ibikoresho vy’ibanze hamwe n’ibahasha y’ibihumbi 100 kuri umwumwe. Inyuma y’inyaka 3 biga mu kigo c’abagendana ubumuga (CNRSP) kiri kw’i Jabe, kandi kikab gikukira Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Nyakubahwa William NDAYIMIRIJE, Umuyobozi w’ico kigo CNRSP ariko arashikiriza ijambo ry’uwo munsi

Nkuko vyashikirijwe na Nyakubahwa William NDAYIMIRIJE, umuyobozi w’ico kigo, bari ramutse batanga impamyabushobozi ku banyeshure 30 aho 26 muri bo bakurikiranye ibijanye no gushona, nayo 4 bakaba bize ivyo gusudira. Aho bakaba baciye baronswa ndetse n’ibikoresho vy’ibanze bigizwe n’imashine n’ibitambara kubize imwuga wo gushona hamwe n’ivyuma vyo gusudira kubize gusudira.

Nyakubahwa William NDAYIMIRIJE, Umuyobozi w’ico kigo CNRSP arikoa arashikiriza ibikoresha bijanye n’imyuga bize

Nyakubahwa William NDAYIMIRIJE yarongeye aramenyesha ko ico kigo catanguye muri 1981 kikaba kimaze gusohora abanyeshure 468 gusa bitewe n’uko uburyo ico kigo gihabwa ari buke cane.

Yasiguye ko ico kigo categerezwa kwakira abanyeshure 120 ku mwaka mu bisata 8 bitandukanye ariko kubera ico kibazo c’uburyo buke, cakira abana batarenga 75 kumwaka nahonyene biga mu bisata 3 ari vyo « Gushona, Gusudira no Kubaza.

Nyakubahwa William NDAYIMIRIJE, umuyobozi w’ico kigo CNRSP arikoa arashikiriza ibikoresha bijanye n’imyuga bize

Nyakubahwa William NDAYIMIRIJE akaba yasavye leta ko yokongereza uburyo buhabwa ico kigo kugira gishobore kwakira abana bagendana ubumuga benshi bashoboka ndetse akanasaba ko horwizwa ivyo bigo mu ntara zitandukanye kuko hasanzwe hari ibigo bitarenga 2 gusa vya Reta,  ic’ i bujumbura n’ikiri i Ngozi, ivyo navyo ngo bikaba bidashobora kwakira abana benshi.

Yaboneyeho gutera akamo akamo abavyeyi b’abana baronkejwe ivyo bikoresho ko bobikoresha neza ico babironkeye kuko ngo uwuzofatwa yabigurishije azohanwa n’amategeko.

Mwomenya ko ikigo CNRSP c’i Bujumbura cakira buri mwaka abana bafise ubumuga bwo ku mubiri kandi buboneka kandi bakaba bari hagati y’imyaka 14-18 gusa, bakaba biga barara mu ndaro, bafungurirwa na Reta.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →