7 mai 2024

Reta y’Uburundi ntako itagira ngo umwana wese akwije imyaka yo kuja kw’ishure ashobore kwiga

Ibikoresho vy’ishure bigizwe n’amakaye, impuzu z’ishure, amasakoshi n’ibindi vyankenerwa nivyo vyaronkejwe abanyeshure b’abasangwabutaka kw’igenekerezo rya 19 nyakanga 2023, muma Komine ya Cankuzo na Kigamba zo mu ntara ya Cankuzo. Bikaba vyatanzwe n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakwubabwa Tantine Ncutinamagara, Umwunganizi w’Umushikiranganji  yashikirije ivyo bikoresho, yaramenyesheje ko Reta y’Uburundi atako itagira kugira ngo umwana wese akwije imyaka yo kuja kw’ishure ashobore kwiga.

Nyakwubahwa Umwunganizi w’Umushikiranganji ariko arashikiriza ijambo

Ati « Reta y’Ububurundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira iriko irakora ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire umwana yoreka kwiga ngo n’uko yabuze ibikoresho vy’ishure ».

Nyakwubahwa Umwunganizi w’Umushikiranganji yaboneyeho kubatekerera impanuro aho yasavye abana baronkejwe ibikoresho kubibungabunga n’ukubikoresha ico vyagenewe kandi bakongera bakigana umwete kugira ngo bazoshobore kuronka amanota meza mw’ishure. Nayo abavyeyi yabasavye gukurikirana indero y’abana babo no kubashikigikira mukubafasha ivyo bashoboye vyotuma biga neza.

Abana baja mu ndaro nukuvuga abatoye ca kibazo co mu mwaka w’icenda, bararonkejwe kandi amafranga yo kwifashisha mubindi vyankenerwa harimwo n’itike ryo kwiyunguruza.

Nyakwubahwa Tantine Ncutinamagara yaratanze kandi amabati ku miryango mirongo indwi y’abasangwabutaka bo ku mutumba Gatungurwe wo muri komine Cankuzo hamwe n’ibiro amajana atandatu vy’umuceri. Umuryango umwe umwe wose ukaba waronswa amabati mirongo ibiri babanje kuraba ko badugije ibigega kandi bamanitse.

Nyakwubahwa Umwunganizi w’Umushikiranganji ariko arashikiriza amabati

Yaribukije abari aho ko Reta y’Uburundi yihaye ihangiro ryo kuronsa abenegihugu bafise amikoro make uburaro bwiza ibicishije muri wa mugambi wo kurwanya nyakatsi mu gihugu cose. Niko guca asaba umwe wese mubaronkejwe ivyo bikoresho kugira uruhara mw’iterambere ryiwe mbere n’iryihugu, kubungabunga no gukoresha neza ivyo baronkejwe ; ndetse aranabagabisha ko uwuzohirahira akabigurisha canke akabigura azohanwa bikomeye.

Nawe Buramatari w’intara ya Cankuzo Boniface Banyiyezako mw’ijambo ryiwe akaba yarashimiye cane Ubushikirangani bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina  Muntu n’Iterambere Ridakumira ku kuntu budahengeshanya kwitaho abenegihugu arongoye muri rusangi na cane cane abafise amikoro make. Akaba nawe nyene yarasavye abenegihugu  kubungabunga ivyo baronkejwe.

Twobamenyesha kandi ko Nyakwubahwa Umwunganizi w’Umushikiranganji yaranguye igikorwa nkico mu ntara ya Gitega, aho yatanze ibikoresho vy’ishure n’ibindi vyankenerwa ku banyeshure b’abasangwabutaka icenda bagiye kwiga mu mashure afise uburaro.