Par Elie HARINDAVYI
Nya kubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira arashikiriza ibitari bike bimaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere agateka k’umwigeme w’Umurundikazi. Hari kuri uyu wambere igenekerezo rya 11 gitugutu 2021 mu kabezi, Intara ya BUJUMBURA, mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe abigeme.

Yaradondaguye ibi bikurikira:
- Ishingwa ry’igisata kijejwe ineza y’umwigeme mu tumberoyo gutunganya neza ibikorwa vyo guteza imbere agateka kiwe;
- Itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’Umugambi w’Igihugu werekeye iterambere ridakumira. Biciye muri uyo mugambi abeneguhugu barigishijwe ko bakwiye gufata kumwe abana b’abahungu n’abigeme kandi bakabamenyereza gukora ibikorwa vyose vyo mu rugo;
- Umugambi wo kurwanya amabi afatiye ku gitsina ushimikira cane ku kurwanya guhumbisha imiyabaga;
- Umugambi wo kurwanya inda z’indaro uhimiriza abigeme kwigengesera no kwirinda ibihenda amaso; gurtyo babone kubandanya amashure y’abo no kuzoshinga izabo barazigamye ibanga ry’abigeme;
- Itegeko Mpanavyaha rirahanisha igihano c’imyaka 25 uwagiriye icaha co gushurashuza ku nguvu umuyabaga;
- Ingingo zorohereza umwigeme w’umunyeshure vyagoye agatwara inda y’indaro mu gusubira mw’ishure mu gihe amaze gucutsa umwana kugira ngo abone kubandanya amashure;
- Itandukanywa ry’utuzu tw’ubwiherero ku bahungu n’abakobwa kugirango abigeme bashobore kuronka ahantu hiherereye bitegurira iyo bari mu kwezi;
- Ishirwaho ry’abigisha barezi bari mu kibanza ca ba inasenge b’abanyeshure kugirango batinyure abigeme bashikiwe n’amabi afatiye ku gitsina gushikiriza ivyabashikiye no gushengeza ababikoze;
- Guhana no gukura mu kazi abigisha b’ibitabanga bagotse bagashurashuza abo igihugu cabajeje kurera, n’ibindi.
Ivyo birori vyahimbajwe ku civugo kigira giti« Duharanire kazoza keza k’umwigeme w’Umurundikazi», bikaba vyari vyatewe iteka nya Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi.

Mw’ijambo ryiwe, yarateye akamo imirwi imwe imwe y’abagabo bahendahendesha abigeme ibisosa, bagaca mu nzira no mu vyatsi kugira bateshe ibanga abana bangana n’ abo bavyaye , ngo bave ibuzimu baje ibuntu. Nibamenye ko ibisaka vy’imbwa biriko birasha. Uwutemeye guhinduka amategeko azokwirikizwa ata nkunzi.
Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA Yaratanze impanuro zitari nke haba ku bavyeyi canke mbere no kubigeme ubwabo. Yagize ati “reka “mpanure gito canje gito c’uwundi yumvireho”. Dukeburane rero kugirango twibukanye uruhara rw’umwumwe wese mu guharanira kazoza keza k’umwigeme.

Ku bakobwa, yababwiye ati: “ Bigeme, ikiringo mugezemwo ni ikiringo kibafasha kuva mu bwana mukaba abantu bakuze. Nk’uko abakera bayamaze ngo “umuhini mushasha utera amabavu” kandi ngo “uja mu kibira utazi ugaca inkoni utazi” inyifato mufise muri kino kiringo c’ubuyabaga mugezemwo ni yo yerekana kazoza kanyu.
- Reke gutimamukirwa amaronko mubumbwe n’ivyo mufise. Nta wundi arajwe ishinga n’ineza yanyu gusumvya abavyeyi banyu n’igihgu cabibarutse. Abo bose boza babereka ko mukenye aka canke kariya kandi ko biteguriye kubibafashamwo nta neza baba babipfuriza; kiretse kugomba kubajaniranya bisunze ubukene murimwo ngo babicire ubuto bwanyu. Abo rero ni abo kwirinda no guca kure;
- Gire intumbero y’ubuzima; mwame na ntaryo mwihaye aho mwipfuza gushika kandi mwame mubiharanira iminsi yose n’aho muri hose;
- Ambare mwikwiza, muzigame akabanga n’akaranga kamye karanga umwigeme w’umurundikazi;
- Zigame ibanga ry’umwigeme kugeza aho muzoshingira ingo zanyu;
- Irinde akaborerwe, kunywa ibiyayuramutwe, amarigara, agakukuku n’ubuhumbu;
- Koreshe neza uburyo bugezweho bwo kurondera no gutanga inkuru. Mubukoreshe mukurondera ivyubaka. Mwiyubare kubokoresha mu kwiyandarika no mu bitagira akamaro;
- Reke kujana nyabahururu. Baze umutima, muhanuze abavyeyi n’incuti imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose yerekeye ubuzima.”

Ku bavyeyi nabo ababwira ngo: “Bavyeyi, menye namwe ko mushobora kuba inkomoko y’intambamyi zituma agateka k’umwigeme katubahirizwa, kazoza kiwe ntikabe keza. Tubasavye rero:
- Gutoza indero nziza abana banyu(abigeme n’abahungu) no kubigisha gufashanya mu bikorwa vyo mu rugo; gurtyo ntihagire uwicara kandi uwo bavukana adahema kubera ibikorwa vyinshi;
- Gufata kumwe abana b’abahungu n’abana b’abigeme, ntihagire ukundwakazwa n’ugirwa intabwa;
- Kudasubira guhatira abigeme kuja kubaka hataragera;
- Kudahitiramwo abigeme banyu abo bazubakana;
- Kuronsa ibikoresho vya nkenerwa umwigeme akenera mu gihe ari mu kwezi gurtyo abone kubandanya akwirikirana ivyirwa nk’abandi;
- Abakenyezi tubasaba kubera icitegererezo ciza muri vyose abigeme na kare ngo “wiba uhetse ukaba uriko wigisha uwo uhetse”. Ambare mwikwiza, mwirinde guhemukira abo mwubakanye, akaborerwe n’ubundi bubegito”
Mu kibano naho nyene ntiyahibagiye: yvuze ati: Ikibano tugisavye kugarukira umuco mwiza wamye uranga Abarundi wo gufashanya mu ndero y’abana. Mwamize ku muzirikanyi ko “umwana atari uwumwe” kandi ko “uwanka isazi ata akanuka”.
- Hanure abigeme mubona bafise inyifato itabereye, mubereke ko inzira barimwo ataho izobashikana;
- Hanure, bibaye ngombwa mushengeze abagabo b’ibitabanga bagomba guhumbisha abigeme;
- Fashe kuja mu mashure abigeme b’impfuvyi n’abafise abavyeyi batishoboye kugira ngo na bo bashobore kwitegurira kazoza keza;
- Egere abavyeyi bafise abigeme bifata uko bitabereye kugirango mubafashe gusubiza ku murongo abana b’abo.”
Yarangije avuko ati: “Twese turazi ko amashure ari ikibanza abana bamaramwo umwanya muremure, bakakironkeramwo ubumenyi n’indero runtu. Ikibabaje ni uko hariaho bishika abigeme bamwebamwe bayakomerekeramwo kandi rimwe na rimwe binavuye ku bigisha-barezi.
Duhamagariye rero abigisha–barezi kwamiza na ntaryo ku muzirikanyi akarangamuntima k’umwuga w’umwigisha-murezi. Mwame mwibuka ko ari mwebwe muhagarariye abavyeyi mu gihe cose abana bari kw’ishure. Ntituzongere rero kumva umwigisha yongeye kurwa mu vyago vyo gushurashuza abo igihugu camushinze kurera. Amanota ntagurishwa arakorerwa !
Bayobozi b’amashure namwe bigisha b’ibanga, hanure abo bigisha batukisha abandi ibara ritararwa gurtyo mubone kuzitira mutaronerwa.”

Uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu mu Burundi Dr. Richmond Tiemoko nawe mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko ishirahamwe UNFPA rizokwama rifata mu mugongo Reta y’Uburundi mu bikorwa vyose bituma umwana w’umwigeme yumvirizwa kandi bikanamuzanira kazoza keza.

Mw’ijambo ry’ikaze, buramatari w’intara ya Bujumbura akaba yamenyesheje ko intara ya Bujumbura bari mu bukene bw’amashure y’imyuga kugirango aban bananiwe ikibazo baronke aho baca bakurikiranira imyuga itandukanye.

Umwigeme NIYONZIMA Claudette, aserukira ishirahamwe ryo guteza imbere Umwigeme mu Burundi, yasavye reta kwamana ntaryo ibafata mumugongo mu bikorwa bibateza imbere. Akaba yarashimwe ibitari bike bimaze kurangurwa.

Abigeme babaye abambere muvyo bakora bitesh iteka igihu, barankonkejwe agashimwe k’urupapuro rw’iteka, akabahasha, hamwe n’ibikoresho vy’isuku, hamwe n’isakoshe. Uwambere akaba yabaye Francine n’iyonsaba yateye iteka igihugu mu kwiruka imetero 2000, akaba yabaye uwambere kw’isi.

Mwomenya ko ivyo birori vyarangujwe n’Inkinko zo guhiganwa, aho abatora ibibazo baronsa bikoresho vy’isuku bigizwe n’indobo, igitenge, cotex isabune, amavuta yo kwisiga hamwe n’isakoshe.

Uwo munsi mukuru Mpuzamakungu wahariwe umwigeme watanguye guhimbazwa kuva mu mwaka w’2012, kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu.
Ivyo birori bikaba vyaranzwe n’ingoma intambo zitandukanye, aho vyarerwa n’isinzi ry’abanty baje kuri uwo munsi mukuru.