26 avril 2024

Ikigo c’abakenyezi mu Burundi caragiriye akamaro kanini abakenyezi b’abarundikazi

Ivyo bikaba vyagaragariye mu bikorwa vyaranguwe n’ikigo c’abakenyezi mu Burundi gifashwe mumungo n’intara z’ububirigi zikoresha ururimi rw’igifaransa (Wallonie Bruxelles International)  kuva mumwaka 2000.

Nyakubahwa Pontien HARUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikiranam Imibano, Agateka ka Zina Muntu , n’Iterambere Ridakumira yuguruye ibikorwa vyo kwerekana ivyaranguwe n’ubwo Bushikiranganji bubicishije muri ico kigo c’abakenyezi, yavuze ko Reta y’Uburundi idahengeshanya  kwama yitaho guteza imbere abenegihugu bayo no guharanira na ntaryo iyubahirizwa ry’agateka ka zina kiremwa muntu, abakenyezi n’abana badasigaye inyuma.

Yaciye abanza kudondagura ibitari bike bimaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere abakenyezi mu gihugu c’Uburundi na cane cane abakenyezi birimizi.

Aha yashimikiye  cane cane kw’:

  • Ishingwa ry’umugambi w’igihugu werekeye gutezimbere umukenyezi mu butunzi;
  • umugambi w’igihugu wo gufasha abenegihugu kuronka umwavu w’ikizungu mu ntumbero yo kurwiza umwimbu;
  • Gutunganya imyonga mu buhinga bugezweho kugirango irimwemwo ibiterwa vy’imbuka cane nk’umuceri n’ibigori;
  • Kwubaka amabarabara afasha mw’ihanahanwa ry’urudandaza hagati y’intara n’amakomine;
  • Kwubaka ibigega vyo gushingura umwimbu kugira ngo uzogurishwe mu gihe ufise agaciro kw’isoko;
  • Kwubaka amasoko ya kijambere atuma ibidandazwa bigirirwa isuku ababisumye bakagira amagara meza;
  • Gukwiragiza umugambi wo kuziganya no kuguranana “Nawe Nuze “ mu ntara zose z’igihugu;
  • Umugambi w’igihugu wo kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu hamwe n’abakenyezi bibaruka ku buntu;
  • Ishingwa ry’Ibanki yo guteza imbere uburimyi n’Ibanki y’Abakenyezi;
  • Ishingwa y’ibanki y’urwaruka n’ibindi.

Nyakubahwa Pontien HARUNGIMANA yarongeye aramenyesha ko naho hari ibitari bike bimaze kurangurwa mu ntumbero yo guteza imbere umukenyezi, hari ibitari bike nyene vyagiye birigaragaza mu kubera intambamyi umukenyezi w’umurundikazi.

Ati ‘Ni muri iyo ntumbero tubifashijemwo n’intara z’ababiligi zikoresha ururimi rw’igifaransa twaciye dushiraho ikigo c’Abakenyezi mu Burundi mu mwaka w’2000’.

Yavuze kandi ko ikigo c’abakenyezi mu Burundi  cuguruwe inyuma gato y’intambara yariko irabica bigacika mu gihugu c’Uburundi, ngo rero vyaragaragaye ko abakenyezi n’abana ari bo ahanini basinzikazwa n’ingaruka zintabara, muri ico gihe kandi mugihugu c’uburundi,  ibihugu vya rutura vyari vyagifatiye ibihano (embargo), ibitari vyoroshe kugarukana icizere c’ubuzima ku barundi batari bake na cane cane abakenyezi.

Niko guca avuga neza ko ishirwaho ry’ico kigo ryatumye abakenyezi batari bake, baba abapfakajwe n’intambara canke abakorewe amabi yogufatwa kunguvu murico gihe c’intambara nyene, baronswa ubufasha butandukanye, gutyo,  bibatuma bagarukana icizere c’ubuzima bwa kazoza keza, kuko baciye baharonkera inyigisho zitandukanye, harimwo n’izibafasha kwiyumvira, gutegura, gushira mungiro no gukurikiranira hagufi imigambi yo kwiteza imbere.

Ngo abatari bake muri abo bakaba barashize mungiro izo nyigisho baronkejwe, baraheza baranashigikigwa mukuronswa ingurane, maze bariteza imbere, bica bituma bibagira ibihe bibi vy’intambara bari baciyemwo.

Ari nako guca ahamagarira abari aho kuraba ivyaranguriwe muri ico kigo c’abakenyezi vyegeranirijwe mw’ireresi (film documentaire).

Akaba yarangije ashimira cane abakozi b’ico kigo kuko bitanze batiziganya mu gutunganiriza abakenyezi mu migambi ibashikana kw’iterambere rirama kandi ridakumira, hamwe intara z’ababiligi zikoresha ururimi rw’igifaransa (Wallonie Bruxelles International) ku ntererano yabo kugirango bashobore kurangura ivyo bikorwa vyose babicishije muri ico kigo c’abakenyezi (Maison des femmes).

Nkundwanabake Joselyne, umukenyezi aba mu Carama mu gisagara ca Bujumbura, ni umwe mu bakenyezi bari barahotewe, mu nyuma barafashwa n’ico kigo akaba yarashinze intahe yaho ageze mw’iterambere.  Ubu rashimica cane ivyo ico kigo cabakoreye, kuko ngo babaigishije n’ingene bigisha abandi bantu kurwanya amabi afatiye kugitsina babacishije mu nkino z’ivyese.

Nayo Nzohabonayo Scholastiaque, ayamenyesheje ingene ico kigo cabahaye inguranem maze barakora imigambie yo kwiteza imbere, none ubu ko intambwe bagezeko ishimishije cane. Agasaba ko ico kigo cokwama gifashwe mumungo kugirangi kibandanye gifasha abakeneyezi na cane cane abakorewe  ihohoterwa rifatiye kugitsina.

Uwuserukira ishirahamwe ONU Femmes  mu Burundi nawe Clara ANYANGWA, yarashimye ivyaranguwe n’ikigo c’abakenyezi, aca abaza ko hari abagabo boba abarashoboye kzitura aico kigo ? iryo shirahamwe rikaba vyiyemeje kuzoshigikira kugirango ibikorwa bizobandanye bikoresha kuneza y’abakenyezi.

Eka n’uwaserukiye ishirahamwe mpuwamakungu rijejwe iterambere PNUD naze nyene yashimye ivyo ico kigo caranguriye abakenyezi mu Burundi, araheza abaza ko inyigisho zatangirwa muri ico kigo ata bagabo barimwo ? ariko akaba yararonkejwe inyushu itomoye ko inyigisho zo guhimiriza kurwanya amabi afatiye kugitsina zaronswa bose n’abagabo badasigaye inyuma. N’iryo shirahamwe rikaba ryemeye kuzoshigikira kugirango ico kigo kizobandanye gutunganiriza abacitura.

NZOYIFASHA Emmanuela nawe yaserukiye Maison femme et paix, yarashimye cane iibkorwa vyakozwe n’ikigo c’abakenyezi biciye mw’ireresi, aca asaba ko aiyo reresi hamwe vyokunda yshirwa mu rurimi rw’ikirundi.

Uwaje aserukira ishirahamwe NTURENGAHO awe yarabateye intege cane, kuko ngo ibikorwa bakora bisa n’ivyo nabo bakora aho bafasha abigeme batwara inda z’indaro, bagaheza bagaturubikwa mu miryango. Ati ico ni igikorwa kitoroshe kandi gisabwa gushigikirwa, kuko kenshi usanga abakenyezi baba bahohotewe, batakigira umwizero w’ubuzima bwa kazoza.

Yaciye asaba ko hamwe vyokunda ko iyo rerersi yerekanwa ku bantu benshi bashobra kugira ico bakoze canke bofasha, maze ikigo c’abakenyezi kibonereho kurangura n’ibiruta ivyo bakoze.

Mwomenya ko ikigo c’abakenyezi (Maison des femmes) gisanzwe gikukira ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’ iterambere Ridakumira caranguriye ibikorwa mu ntara za Bujumbura, Mu Gisaga ca Bujumbura no mu ntara ya Bubanza.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →