Ivyo bikaba vyagaragariye mu nama Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iteramere Ridakumira yagirishikije abaserukira ibisata bitandukanye vy’ubuzi bukorerwa mu ntara ya Cibitoke Kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 27 Rusama 2022 ku murwa Mukuru w’iyo ntara nyene.

Muri iyo nama, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko Ubushikiranganji arongoye bwatunganije iyo nama mu ntumbero yo gusanga Abenegihugu ku kivi na canecane mu guhanana ivyiyumviro n’abajejwe intwaro ku rwego rw’intara no ku rwego rwa makomine yose agize intara kugira bahanahane ivyiyumviro ku bikorwa birangurirwa Abenegihugu muri iyo ntara biciye mu bisata vyose bigize ubushikiranganji bwo Gushikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko amahangiro makuru makuru agenga ibikorwa birangurirwa muri ubwo Bushikiranganji ari aya akurikira:
- Gutegura no gutunganya poritike y’iguhugu mu bijanye no gushigikirana, gukinga no gutegekaniriza kazoza abeneguhugu, guteza imbere agateka ka zina muntu hamwe n’iterambere ridakumira;
- Gutegura no gutunganya imigambi yo kwegeranya uburyo bwo gutabara no kugarukira kubahuye n’ibiza, isibe n’imyuzurira iturutse kw’ihindagurika ry’ibihe bufadikanije n’ubundi Bushikiranganji bukorera muri ico gisata;
- Gukuraho ubusumbasumbane mu buryo bw’igihugu bugenwe gufasha imigwi ya bantahonikora n’abo bandi bafise amikoro make ;
- Guteza imbere imigambi yo kuvuza abenegihugu bose mukubahimiriza ngo bijukire kandi binjire mu mashirahamwe yo kwivuza baba abakozi bo mubisata vya Reta canke abikorera ivyabo ;
- Gushishikara guteza imbere ibijanye no gukingira no gutegekaniriza kazoza keza abakozi na canecane abakora mu bisata vy’abikorera ivyabo ; mugushiraho integuro ibereye mubijanye no gukinga no gutegekaniriza kazoza abakozi ;
- Gukurikira neza ishirwamungiro ry’itegeko rikinga rikongera rigategekaniriza kazoza abeneguhugu;
- Gutegura no gutunganya poritike y’igihugu mu bijanye n’agateka kazina muntu hamwe n’iterabere ridakumira;
- Guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, bufashanije n’ubundi bushikirnganji hamwe n’amashirahamwe ya Reta n’ayo abikorera utwabo bakorera muri co gisata;
- Gutegura no guteza imbere umugambi wagutse wo kwigisha no guteza imbere amategeko ngenderwako yerekeye zina kiremwa muntu ;
Yisunze ayo mahangiro, yaciye amenyesha ko ahanini ibikorwa vy’Ubushikiranganji arongoye birangurirwa hagati mu Benegihugu. Ati “Nico gituma nk’uko mubibona twaje tuzananye n’abayobozi bakuru bakuru bajejwe gukurikiranira hafi ibikorwa birangurirwa mu ntara zose z’igihugu”.

Akaba yaciye aha ijambo abayobozi bakuru bari bagendanye kugirango umwe wese amenyeshe ibikorwa bikuru bikuru birangurirwa Abenegihugu na cane cane muri iyo ntara ya Cibitoke.

Kandi mu ntumbero yo gushikigikira Abenegihugu batarinzi gufata ingendo ndende mu kuja kurondera ivyo ubwo Bushikiranganji bubaronsa, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabibukije ko hasanzwe hari ibisata biserukira ubwo Bushikiranganji mu ntara zose hamwe no mu makomine yose.
Aha akaba yadondaguye:
- Abakozi bakora mu buyobozi bw’iterambe ry’ingo n’imiryango ku rwego rw’intara no ku rwego rw’amakomine,
- Hamwe n’abakozi baserukira amashirahamwe yegukira Ubushikiranganji Arongoye ariyo INSS, MFP, ONPR hamwe n’abaserukira urwego ntayegayezwa mu bijanye no gukinga n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu (RP/SEP-CNPS) ;
Akaba yasubiye gubatera akamo abo bose ngo bakomeze imigenderanire mwiza hamwe n’abajewe intwaro haba ku rwego rw’intara canke ku rwego rw’amakomine agize iyo ntara ya Cibitoke, Kandi akanabasaba kwijukira ibikorwa kuko ngo atabinebwe bakeneye.
Yaciye aboneraho kubibutsa gutondera kukazi kugihe, nakare barayamaze ngo “Akazi ni aka kare”.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yashimiye cane Buramatari w’intara ya Cibitoke hamwe na Bamusitanteri ku bikorwa vyiza bama bariko bararangurira Abenegihugu mu bisata bitandukanye, aca agenda abemereye ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibanao Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira arongoye ko aborongoye ibisata bitandukanye muri Ubwo Bushikiranganji ko bazokwama hafi y’inzego mu ntara no mu makomine kugira Abenegihugu baronswe ivyo bakeneye.
Abayobozi bakuru bakuru bakaba bamenyesjeje ivyo barangura umwe wese muvyo ajejwe.

Abari bitavye iyo nama nabo nyene barashikirije ivyo babao ko vyokorwa baraheza bararonswa inyishu zitomoye zingene abenegihugu bakeneye ubufasha butandukanye Muri ubwo bushikiranganji boburonswa bitagoranye.
Mwomenya ko iyo nama yabaye iyambere ubwo Bushikirangani butunganije mu ntara kugirango abenegihugu bamenye ivyo ubwo bushikiranganji burangurira abenegihug bari kumwe n’abaserukira abandi mu buzi butandukanye mu ntara.