27 juillet 2024

Gushigikirana mu kibano ni umugenzo mwiza wamye uranga abarundi

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Ruheshi 2022 ku murwa mukuru w’intara ya Gitega aho yariko atanguza inama y’integuro y’umunsi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano mu mwaka wa 2022.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ba buramatari b’intara zose, ba musitanteri b’amakomine hamwe n’abaserukira ubuyobozi bw’iterambere ry’ingo n’imibano mu ntara zose ko ubushikiranganji arongoye bwifadikanije n’Ubujejwe intwaro yo hagati bwategekanije iyo nama yo gutanguza icese itegurwa ry ‘Umunsi Mukuru wahariwe gushigikirana mukibano, uzobera mu mitumba yose y’Igihugu c’Uburundi, kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro, umwaka w’2022.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo gutunganya umunsi wahariwe gushigikirana mu kibano muntumbero yo kunagura umugenzo mwiza wogufatana munda hagati y’abeneguhugu, haba mubihe vy’ingorane, canke mubihe vy’iminsi mikuru mu miryango canke mu kibano.

Bamwe mu bitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ati: “Nk’ukwo musanzwe mubizi, kuva mu mwaka w’2018, Umunsi Mukuru wahariwe gushigikirana mukibano wama utunganywa mu gihugu cose, ku mitumba yose, uyo munsi ukaba washizweho ubwambere n’Itegeko ry’Umukuru w’Igihugu N°100/053 ryo kuwa 11 Rusama 2018, iryo tegeko rikaba riherutse guhinyanyurwa mu ngingo zimwe zimwe zirigize biciye mw’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu N°100/267 ryo kuwa 29 Munyonyo 2021.”

Ati “Iri tegeko rishasha akaba ari ryo tuza kwisunga mundinganizo n’integuro ry’uwo munsi wahariwe gushigikirana mukibano.”

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarongeye ati: “ Nk’ukwo iryo tegeko rero ribitomora, intumbero ya Reta y’Uburundi n’ukwo abenegihugu basabwa kwegeranya imfashanyo zitandukanye zigenewe gushigikira abenegihugu batagira amikoro canke bahuye n’ibiza bije giturumbuka, haba mukibano, muri komine, mu ntara, ndetse no mu gihugu cose.”

kandi ko Kuva mu mwaka w’2018, imyaka ine iraheze, Umunsi Mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano, utunganywa ku mwaka ku mwaka, ngo uwo munsi ukaba ari akaryo keza kuri benegihugu, ko kwegeranya imfashanyo zitandukanye zigenewe abatishoboye.

Bamwe mu bitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ko Icifuzo ca Reta y’uburundi ari uko ukwo izo mfashanyo ziba zegeranijwe kur’uyo munsi zokwiyongera k’urugero rushimishije, ku mitumba yose no mu ma komine yose k’uburyo abatishoboye mu gihugu cose boshobora kuronka agafashanyo, biciye kuri uyo mutima w’urukundo no gushigikirana hagati y’abenegihugu.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko intumbero nyamukuru y’iyo nama y’uwo munsi, yari iyo kurabira hamwe uruhara ntangere rw’abajejwe gutegura uyo munsi mukuru wahariwe gushigikirana, kugirango bashike kw’ihangiro ryo kwongereza izo mfashanyo k’urugero rushimishije mu ma komine yose.

Imbere yo gusozera yarashimiye abitavye bose iyo nama hamwe n’umugambi “MERANKABANDI” wafashe mumugongo ishirwa mu ngiro ry’iyo nama.

Mwomenya ko inyuma yo kurabira hamwe uko uwo musni mukuru watuganijwe ukongera ugashirwa mu ngiro mu mwaka w’2020-2021, abari bitavye iyo nama baraterereye ivyiyumviro vy’ivyohinyanyurwa kugirango bigenede neza kurusha.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →