10 décembre 2024

Ishami rya Mutuelle Mu Cibitoke

Kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2022, ku murwa Mukuru w’intara ya CIBITOKE, haruguruwe Ishami (Agence) ry’’Ishirahamwe rivuza abakozi ba Reta (Mutuelle de la Fonction Publique). Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA, Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle ari nawe yaserukiye Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iteramabere Ridakumira muri ivyo birori, yamenyesheje ko irugururwa ry’iryo shami rya Mutuelle mu ntara ya Cibitoke Rije mu ntumberero yo gushira mu ngiro ihangiro rya Reta y’Uburundi yo kwegereza ubufasha Abenegihugu.

Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA, Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye kandi abenegihugu kuribungabunga, kuko ari iryabo, nayo umuyobozi ngo azokorane neza n’abari basanwe bahakarera.

Ati hari hasanzwe hariho imagazini y’imiti ya Mutuelle ku mugwa mukuru w’intara n’iyindi muri Commune MABAYI eka n’ama Guichets ku Bitaro vyose biri ngaho muri iyo  Ntara, ko ubu bagiye kworoherwa kubera, ikarata y’ubuhinga bwanone, kujana ama factures y’ivyo bakoreye abanywanyi ba Mutuelle, gutanga intonde z’abo bakotiriza muri Mutuelle, imiti n’ikidodo bazobikura hagufi.

Ishami rya Mutuelle Mu Cibitoke (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko irugururwa ry’iryo shami rije Muntumbero yo gushira mu ngiro ihangiro ya Reta Mvyeyi kandi Nkozi, ishaka ko abenegihugu boroherezwa mu buzima bwabo bwa misi yose.

Ati ni co gituma hatunganijwe bino bikorwa vyo kugurura  ishami ry’ishirahamwe Mutuelle kugirango abahora bagira ibibazo bisaba kuja i Bujumbura ku biro bikuru vya Mutuelle boroherezwe.

Mwomenya ko intara ya cibitoke yari yaserukiwe n’umuyobozi mwishikira mu biro vya buramatari w’intara ya Cibitoke.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →