Par Elie HARINDAVYI
Kuva mu mwaka w’1990, amakungu ahimbaza kw’igenekerezo rya 20 munyonyo, iyemezwa ry’amasezerano mpuzamakungu kubijanye n’uburenganzira bw’abana.
Igihugu cacu caremeje ayo masezerano mpuzamakungu mu mwaka w’i 1990
Uburundi rero burifatanya n’ibindi bihugu mu guhimbaza uwo munsi udasanzwe.
Icivugo c’uwo munsi mu gihugu cacu kivuga kiti : « Dushire hamwe ubushobozi bwacu, duhe umwizero wa kazoza keza abana bose ».
Uyu munsi uhimbajwe hano mu gihugu cacu hariko hakorwa utwigoro twinshi twoguha agateka kabereye abana bose. Aha twotanga akarorero ka wa mugambi wogukura abana n’abasegerereza mu mabarabara bagasubizwa mu miryango no mu kibano ; rya sekeza ryo kugwanya kudafata neza abana haba ku bijanye n’isuku, n’indero, mu gufungurirwa, kwivuza n’ibindi, tutibagiye na rya sekeza ririko rirakorwa ryo kwandika abana mu bitabo ndangamuntu vya Komine abacerewe kwandikwa bakivuka.
Turashimishwa cane n’ivyo abarongoye amakomine biyemeje, ko bagiye kwongereza uburyo buhariwe abana batishoboye mu kubishira mu nteguro y’amahera bazokoresha ku mwaka ku mwaka.
Ibirori rero bijanye n’uyo munsi mukuru bizoba kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 20 munyonyo kuri Centre Jeunes Kamenge mu gisagara ca Bujumbura. Azoba ari ku muhingamo, aho abana bazoremesha ikiganiro ku maradiyo atandukanye. Bazobaza abatumire babo ku biriko birarangurwa ngo agateka n’uburenganzira vy’abana bose vyubahirizwe gusumba. Ico kiganiro kizokwirikirwa n’igiteramo c’umuziki aho hazoba n’ihiganwa mu kwishura ibibazo ku bijanye n’agateka n’uburenganzira vy’abana. Abazoba babitoye bazoronswa adushimwe.
Tuboneyeho n’akaryo ko gutumira abenegihigu na cane cane abana bo muri zone Kamenge ngo baze bitabe uwo munsi mukuru ari benshi. Bisabwe ko abazitaba urwo rubanza boba bafise umwambaro urimwo ibara risa n’ubururu, ibara ryerekana umwizero n’ubwitonzi.
Umunsi mukuru mwiza rero ku bana bose !
NI HARAMBE UMWANA W’UMURUNDI ;
TWESE HAMWE DUKINGIRE ABANA ICO COSE GIHUNGABANYA AGATEKA N’UBURENGANZIRA VYABO;
IMANA IBAHEZAGIRE,
MURAKOZE!!