18 avril 2024

Abenegihugu bo mu kinyinya mu Ruyigi bariruhutsa ku ngendo bahora bafata

Ivyo vyagaragaye kuri uyu wa kabiri igenekerewo rya 17 nzero 2023 ku bitaro vyo mu kinyinya mu ntara ya Ruyigi, aho hari hara mutse hugururwa pharmacie n’ibiro vy’ishirahamwe Mutuelle muntumbero yo kworohereza abanyanyi bahora bafata ingendo za kure mu kurondera imiti bandikiwe mugihe bariko bivuriza kuri ivyo bitaro.

Nkuko twabishikirijwe na Nyakubahwa Dr. Noella UWINEZA, arongoye vy’infatakibanza Ishirahamwe Mutuelle, ngo huguruwe ivyo biro hamwe na pharmacie kuri ivyo bitaro vya Kinyinya muntumbero y’uko Reta mvyeyi kandi Nkozi, ishaka ko abenegihugu boroherezwa mu buzima bwabo bwa misi yose, kugirango abahora bagira ibibazo bisaba abakozi ba mutuelle boroherezwe, kandi baronswe imiti aho nyene batarinze guta wakuba baja hariya mu  RUYIGI mu gisagara.

Ngo aha muca mwumva neza ko iyugururwa ry’ivyo biro vya Mutuelle hamwe na Pharmacie aho kubitaro vyo mu  KINYINYA, rije mu ntumbero yo kwegereza ubufasha abenegihugu bari babukeneye muri ako karere ibitaro vya  KINYINYA bikoreramwo.

Yarongeye aramenyesha ko ivyo biriko bikorwa n’ishirahamwe Mutuelle, ubu rimaze  imyaka irenga 43  rirangura imirimo yaryo mu Burundi.

Ivyo shirahamwe kandi ngo rikaba ubu rimaze gutahuye neza ko ihangiro nyamukuru rya Reta Mvyeyi, kandi Nkozi ari kwegereza ubufasha abenegihugu, aho ngo ivyo biro bigize ivya 52 vyuguruwe mu gihugu cose.

Akaba yarashimiye cane abajejwe intwaro hamwe n’abarongoye ivyo bitaro kukungene baborohereje mu kubaha aho bashira ivyo biro n’iyo pharmacie, aca asaba abenegihugu bose kubungabunga iyo miti kuko ngo ari ivyabo, kandi ko ngo  bagiye kuza bararonkera hafi imiti izimbutse kandi imeze neza, baheze bazokorane neza, n’abakozi bari basanzwe muri ivyo bitaro.

Yaciye aha impanuro abakozi bashaha kwakirana umwete n’urweze ababitura kugirango mutuelle yame ihurumbirwa na bose.

Mwomenya ko iryo shirahamwe Rivuza abakozi ba Reta Mutuelle de la Fonction Publique ririko rira kwiragiza ubufasha mu burereo bwose bwahora bushikirwa kubera kuba kure y’icicaro gihkugu hamwe n’amashamiya yaryo, mbe n’intara ya Ruyigi ikaba ifise ishami rya mutuelle riheruka kwugururwa mu mwaka turaye turangije.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →