ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGENDANA UBUMUGA, UMWAKA W’2018

  1. Kw’igenekerezo rya 3 Kigarama ukwo umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga kw’isi yose.

 

  1. Martin NIVYABANDI, Umushikiranganji w’ Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira (file Photo par Elie HARINDAVYI)

    Kugira ngo duteze imbere kandi dukingire agateka k’abagendana ubumuga, Leta y’Uburundi ibicishije k’Ubushikiranganji bujejwe Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira, ndetse n’ubundi Bushikiranganji n’ibisata bitandukanye, iramaze gukora ibitari bike. Aha twovuga nko kugorora n’ukuronsa abagendana ubumuga ibikoresho vyo kwiyunguruza, ukubigisha imyuga itandukanye no kubaronsa ibikoresho bijanye n’imyuga bize, gushigikira Ibigo n’Amashirahamwe vy’abagendana ubumuga mu kubaronsa uburyo bujanye no gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere, itanguzwa ry’inyigisho zidakumira abagendana ubumuga ku mashure amwamwe tutirengagije n’ibijanye no kwibaruka k’ubuntu, kuvuza k’ubuntu abana batarenza imyaka itanu hamwe n’icandago nyene zama zatanzwe, ivyo navyo bikaba bifasha gukinga ubumuga ku bana.

 

  1. Harashizweho kandi politike y’igihugu n’imigambi bijanye ndetse n’ikigega (FAPS) kijejwe gutororokanya uburyo bwose butangwa muri iyo ntumbero. Leta y’Uburundi yarateye kandi igikumu ku Masezerano Mpuzamakungu agenga agateka k’abagendana Ubumuga kw’igenekerezo rya 26 ntwarante mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane (2014), aha tukaba tunezerezwa no kubamenyesha ko na rya tegeko rigenga agateka k’abagendana ubumuga ryamaze guterwako igikumu na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu kw’igenekerezo rya 10 nzero uyu mwaka nyene turimwo.

 

  1. Naho hariko harakorwa vyinshi, impinga iracari ndende uravye ingene abagendana ubumuga bangana hamwe n’ivyo bakeneye ufatiye k’ubumuga bw’umwumwe wese. Nico gituma iruhande ya wa mugambi wa Leta wahariwe gushigikirana mukibano hamwe n’iryo tegeko nyene twamaze kuvuga, hagiye kujaho politike y’igihugu yagenewe abagendana ubumuga aho ubushikiranganji ndetse n’ibisita bitandukanye vy’igihugu, abikorera utwabo n’abenegihugu bose badasigaye inyuma bagiye guhamagarirwa umwe wese mubimuraba kwerekana urupapuro rw’inzira kubijanye n’ingene agiye gushira mu ngiro iyo politike.

 

  1. Imbere yo gusozera, twashaka twongere gushimira abantu bose, ibigo vyose n’amashirahamwe atandukanye bitanga batiziganya mugushigikira benewacu bagendana ubumuga.

 

  1. Ibirori nyamukuru bikaba bizoba kw’igenekerezo rya gatatu nyene kigarama aho bizorangwa no kugendera ikigo c’abagendana ubumuga bwo kutumva EPHPHATA hamwe no kwemeza icese iyo politike y’igihugu yagenewe abagendana ubumuga hamwe n’indinganizo y’ibigiye gukorwa mu myaka itanu iri imbere.

 

  1. Kubagendana ubumuga aho baherereye hose, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!!

 

                                      Murakoze cane, Imana Ibazigame!!

Comments are closed.