28 avril 2024

ITANGAZO RYA LETA Y’UBURUNDI KU UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABASANGWABUTAKA, UMWAKA WA 2022

  1. Igenekerezo rya 09 Myandagaro uko umwaka utashe, Uburundi burifadikanya n’amakungu mu guhimbaza Umunsi Mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka. Uwo munsi wemejwe n’inama mpuzamakungu ya ONU kw’igenekerezo rya 23 kigarama 1994. Kuri iryo sango, abasangwabutaka bo kw’isi yose barahurira hamwe mu bihugu, akarere canke umugabane w’isi bakagaragaza umunezero n’akanyamuneza bafise inyuma y’imyaka myinshi bamaze mu mwijima, mu gacinyizo binyegeza, bakumiriwe n’ayandi mabi.

 

  1. Uno mwaka uwo Munsi uzohimbazwa ku civugo Mpuzamakungu kivuga kiti : « Uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu gutsimbataza imico n’akaranga ». Iki civugo Mpuzamakungu kirashimikira kukumenya no gutezimbere uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu kibano no mu gihugu cose, mukuba ishimikiro ryo kubungabunga no guhererekanya ubumenyi bwa basokuru mu vy’ubutunzi kama.

 

  1. Twibutse Abarundi ko Abasangwabutaka ari Abatwa. Nico gituma ku rwego rw’igihugu cacu, icivugo catowe kivuga giti : « Uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu gutsimbataza imico n’akaranga vy’Abarundi ».

 

  1. Mu gihugu cacu, iki civugo kirashimikira ku bikorwa bitandukanye vyakozwe n’umukenyezi w’umusangwabutaka mu ntumbero yo gutsimbataza no kubungabunga imico n’akaranga k’Abarundi muri rusangi.

 

  1. Turahimbawe n’uko uyu Munsi Mukuru uhimbajwe mu Burundi twaravavanuye n’ingendo yo gukumira kiremwa muntu nk’uko tubisanga mw’ibwirizwa nshingiro ry’UBurundi.

 

 

  1. Tuboneyeho kumenyesha ko muri uyu mwaka wa 2022, ibirori vyo guhimbaza uwo Munsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka, bizobera mu ntara ya Gitega, ku kibuga c’umupira Ingoma kiri muri Komine Gitega kw’Igenekerezo rya 9 Myandagaro 2022 mu gihe c’isaha zibiri n’igice z’igitondo.

 

  1. Turateye akamo Abarundi bose na cane cane Abasangwabutaka bo mu ntara ya Gitega no mu micungararo yaho ko bosidukana n’iyonka mu kuza guhimbaza uwo Munsi Mukuru wahariwe Abasangwabutaka.

 

Murakoze !!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →