29 janvier 2023

Ni mutere iyindi ntambwe muje gusaba ingurane muri banki y’iterambere ry’abakenyezi

Ivyo biri mu vyasabwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 10 Kigarama 2022, ku mutumba KARIBU wo muri komine n’intara ya RUTANA, aho yari yaramutse agendera Koperative y’abakenyezi bafashijwe n’ubwo Bushikirangnji mu mugambi Terintambwe usanzwe ufashwe mumugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari mu rutana ku mutumba Karibu (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabanje kugenzura imirima iteye igomwe y’abo bakenyezi bagera ku 47, aho barinda gukotesha aho barimira imirima yabo.

NIJIMBERE Capitoline asanzwe arongoye koperative terintambwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

NIJIMBERE Capitoline asanzwe arongoye koperative terintambwe, arashima ingene Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwabafashije gutera intembwe bivanye n’ uburyo bw’amafaranga bwabahaye, bagaheza bagashirahamwe.

Yavuze ko umuntu wese amase kuronka amafaranga agera ku bihumbi ijana na mirongo ibiri (120.000) hamwe na terefone ngendanwa, none ubu bose bakaba baraguze ibitungwa vy’impene bigera ku 25, mu mafaranga bashize hamwe.

Yavuvuze kandi ko kuja hamwe vyabagiriye akamaro gakomeye, kuko ngo niyo hagize umukenyezi ahohoterwa, baraheza bagahagurikira rimwe kugirango uwakoze ico caha ahanwe hisunzwe amategeko.

Umurima wa koperative y’abakenyezi bo kumutumba Karibu (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mu mirima bakotesheje bakaba bavuga yuko igihe co kwimbura ni cagera bizeye ko bashobora kuzoronka umuriyoni w’amafaranga y’amarundi mumurima umwe.

Bakaba baboneyeho gusaba nyakubahwa buramatri ko yobasabira muri komine ahoba hari itongo rigaragara kugirango baribatize, baheze bariranguriremwo iyo migambi yo kurima no kworora.

Olivier NITUNGA, Buramatari w’intara ya RUTANA (ifoto na Elie Harindavyi)

Nawe Olivier NITUNGA, Buramatari w’intara ya RUTANA, akaba yabemereye ko agiye kuvugana n’abandi mu nama y’umutekano yama iba kumunsi wambere, kugirango ico kibazo aheze akibashikirize.

Yavuze ko nk’abajejwe intwaro mu ntara bashima cane umugambi terintambwe naho ugejeje abo bakenyezi bahurikiye muri iyo koperative.

Aca yiyemeza ko mu ntwaro nabo bazokwama na ntaryo babashigikira ngo mbere n’ico kibazo co gusaba aho barimira ntibari bwigere bagishikiriza ngo bagikorereko, baheze babaronse aho baranguriya iyo migambi y’uburimyi n’ubworozi.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA akaba yavuze ko abo bakenyezi bafise vyinshi birata kuko bafise impene n’imirima, aho mbere bashatse gusaba ingurane, bitobagora, ngo boshobora kuvyerekana mumabanki, bagaheza bagahabwa ingurane nini ibashoboza gukora imigambi ikomeye gusumba, harimwo no kugura n’imashine zo gusya bipfuza.

Impene za Koperativye y’abakenyezi bo kumutumba Karibu (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye abo bakenyezi kuja hamwe babwire n’abandi bakenyezi batariyumvira kuja mumashirahamwe, ngo bagende babajijure, bababwire akamaro ko kuja hamwe n’abandi mu mashirahamwe kuko ngo barafise ivyo birata bigaragara.

Yabasavye haruhande yo gukora ibikorwa bibateza imbere gufashanya n’abajejwe intwaro mu gutsimbataza amahoro n’umutekano, babonye ikitagenda neza bakimenyeshe abajejwe intwaro hakiri kare.

Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na buramatari w’intara ya Rutana (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akaba kandi yamenyesheje ko ibibazo bikunda gushika mumuryango bikunda guturwa ubushikirangji, vyoza biratorerwa umuti muri komine no mu ntara, eka mbere akaba yanavuze ko haheruka gushirwaho urwego rw’abahuza bo kumitumba, yizera ko nabo bazofasha cane mu gutatura amatari yo mu kibano.

Yasozereye abibutsa kubera imboneza abandi bakenyezi vy’ukuri kugirango ntibaterimbere bonye, kuko ngo hagize abasigara inyuma bohava basanga babivye ivyo bafise.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →