27 juillet 2024

Ba ntahonikora bagiye gufashirizwa mu kibano

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Umuyobozi ajejwe gufasha ba ntahonikora hamwe n’abahuye n’ivyago biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Colonel NIYONZIMA Jean Berchmans, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 mukakaro 2022 mu ntara ya CIBITOKE aho yari aramutse agenzura uko ibikorwa vyo kwegeranya imfashanyo igenewe ba ntahonikora mu kibano biriko biragenda.

Nyakubahwa Umuyobozi ajejwe gufasha ba ntahonikora hamwe n’abahuye n’ivyago biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Colonel NIYONZIMA Jean Berchmans (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko umugambi wa Reta y’Uburundi aruko ba ntahonikora bazohora bafashwa n’amakomine nyene, bafashwe n’ababanyi babo, Reta nayo ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, baheze bafashwe aho bananiriwe nko kubaronsa ibisakazo vy’amazu y’abo ba ntahonikora.

Nyakubahwa Umuyobozi ajejwe gufasha ba ntahonikora hamwe n’abahuye n’ivyago biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Colonel NIYONZIMA Jean Berchmans ariko arashigikira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yafatiye akarorero ku benegigihu bava mu ntara za kure nko mu ntara ya CANKUZO MUYINGA n’ahandi, ko batoshobora kuva muri izo ntara baje gutora ibifungurwa canke iyindi mfashanyo i Bujumbura, ngo nico gituma hagiyeho amakonte yo gufasha ba ntahonikora ku makomine, maze ngo izo konte zikazogumaho, ziheze zize zirafasha igihe cose umwenegihugu ntahonikora bigaragaye ko akeneye ubufasha komine iheze yikore kuri iyo konte bitagoranye.

NGENDAKUMA Benoit, Arongoye zone Rugombo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe NGENDAKUMA Benoit, Arongoye zone Rugombo, yo muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke, yavuze ko iyo komine igizwe n’amazone 3 bashoboye kwegeranya ibifungurwa bigizwe n’itoni 2 hamwe n’ibiro 19, ibiharage 5, ibiro 50, ibigori 12, umuceri6.5, amateke 16, imyumbati mibisi 10kg, amasabuni 30, twraronse kandi imyabaro 20 y’impuzi, ibitaro 9, umunyu 5 kg. hamwe n’ahahera 716200. Ivyo komine yeneranije vyose ngo biciye 3.600.000 y’amarundi.

Ico gikorwa kikaba cahagarariwe n’abakozi b’ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bari mu makomine n’intara zose zigize igihugu c’Uburundi.

NIYOKWIZIGIRA Lyduine, asanzwe ariwe aserukira ubushikiranganji bwo gushigikiranana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira muri Komine Rugombo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

NIYOKWIZIGIRA Lyduine, asanzwe ariwe aserukira ubushikiranganji bwo gushigikiranana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira muri Komine Rugombo, yatumenyesheje ko uno mwaka abanegihugu bitabiriye kubwinshi ico gikorwa co kwegeranya ibifungurwa, ariko ko muri iyo komine habaye uruzuba rwinshi, rutuma abanegihugu bagira umwimbwu muke w’ibigori.

Ivyo ngo bikaba vyaciye bituma haba guterera kubwinshi imyumbati, ariko ibigori bikabura bike cane, ariko ngo naho biri uko, ivyo baterereye bikaba vyari kurenga na kure ivyo baronse uyu mwaka iha hataba urwo ruzuba.

Yavuze kandi ko abakozi ba Reta hamwe n’abatowe bitabiriye nabo nyene ako kamwo, ariko ngo si ku rurugero rushimishije, kuko ngo ni nabo bashoboye kwegeranya uburyo bw’amafaraga ari muri konte y’ugurujwe muri COOPEC ya komine Rugombo, none ngo bagiye kubandanya bahimiriza kugirango mu mwaka uza, ico gikorwa kizogende neza kurusha.

Uwuserukira Ubushikiranganji bwo Gushigikirana muri Komine Bugahanda NDINDABAHIZI Appolonie (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwuserukira Ubushikiranganji bwo Gushigikirana muri Komine Bugahanda NDINDABAHIZI Appolonie yavuze ko muri iyo Komine abenegihugu begeranije ibifungurwa bitari bike naho muri iyo komine yahuye n’ivyago vy’uruzuba.

Abaka yavuze ko baciye bagirako babishikiriza ba ntahoniko bari basanzwe bazwi bari mu mitumba igize iyo komine.

Yavuze ko abakozi ba Reta batari bwitabire cane ico gikorwa ariko ko bari bizeye neza ko baca bacitabira kumunsi ukurikira usanzwe ari umunsi mukuru wahariwe amakomine, naburya hari konte yugurujwe ijanye no gushigikirana mukibano.

Umutamakazi yitwa Valentina NTAKONKIBIGIRA ava kumutumba SAMWE, muri zone Rugombo ari kumwe n’abakozi b’ubushikiranganji bujejwe gushigikirana (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Umutamakazi yitwa Valentina NTAKONKIBIGIRA ava kumutumba SAMWE, muri zone Rugombo asanzwe ari ntahonikora mbere aba mu nzu yubakiwe na OIM, yaciye ashigikirwa ubwo nyene, aho yaronkejejwe ifu, ibijumpu, ishu, ibiharage, impzu , isabune n’amahera yo kwiyunguruza, akaba yashimiye cane Reta y’uburundi kuri ico gikorwa imugiriye kuko ngo atabona uko ashobora kura iyi minsi afungura.

NDUWIMANA Makurata, ni umwe muri bantahonikora yafashijwe mu vyegeranijwe muri Komine Gihanga, ava ku Mutumba Gihungwe, zone Mudubugu (Ifoto na HARINDAVYI)

NDUWIMANA Makurata, ni umwe muri bantahonikora yafashijwe mu vyegeranijwe muri Komine  Gihanga, ava ku Mutumba Gihungwe, zone Mudubugu arashimira cane Abenegihug n’abarongoye komine Gihanga, kubona bariyumviriye uwo munsi mukuru wo gushigikirana mukibano, ngo nabo, baboneyeho kubukura mucibo.

KAMPANUYE Gabriose Ni umwe mu bahora basegerereza mu mabarabara (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

KAMPANUYE Gabriose Ni umwe mu bahora basegerereza mu mabarabara, ngo akaba yaje ava mu KAYANZA azanywe no gusegerereza kubera inzara, none ngo uwo mugambi mwiza wo gushigikirana mu kibanao ukaba umugiyiye akamaro kadasanzwe.

Akaba asaba Reta ko Uwo mugambi wobandanya kugirango babone ivyo babandanya babashigikiza naburya bariko bagera mu zabukuru.

MPAWENAYO Jacqueline w’i Gihanga (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

MPAWENAYO Jacqueline nawe yarashimiye Intumwa z’Ubushikiranganji zariko zigendera amakomine atandukanye kuri ivyo bifungurwa yaronkojwe, ariko uwari arongoye intumwa z’ubushikiranganji bwo Gushigikirana Nyakubahwa Umuyobozi ajejwe gufasha abahuye n’ivyago biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Colonel NIYONZIMA Jean Berchmans, yaciye agenda amumenyesheje we hamwe n’abandi bari aho ko ari ivyatanzwe n’abenegihugu mu kibano.

NDABANITSE Pelusi, avuka i Gihungwa, i Gihanga (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ariko NDABANITSE Pelusi, avuka i Gihungwa, i Gihanga, yamenyesheje ko we hamwe n’abandi bameze nkawe batari bake, babaye ba ntahonikora kubera indwara azitandukanye harimwo n’umutima, none ko ashimira Imana cane yo yakoresheje abarongozi bagashiraho uwo munsi wo Gushigikirana mu Kibano, ati « Muramana uwo mutima wo kuzokwama mutuguma hafi, Imana Ibahezagire ».

NDABOROHEYE Soleil, Umunyamabanga wa Komine GIHANGA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

NDABOROHEYE Soleil, Umunyamabanga wa Komine GIHANGA, yatumenyesheje ko abanegihugu bo muri iyo Komine baterereye biboneka, kuko ngo n’imvukira zikorera mu zindi ntara zaraje kwifadikanya n’abandi benegihugu muri ico gikorwa.

Aha akaba yatanze akarorero k’Umushingamateka avuka muri iyo komine ya GIHANGA hamwe n’Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru, aca avuga ko vyishi muvyo bashikirije ari amafaranga naho atari bwamenye igitigiri, hamwe n’ibifungurwa bigizwe n’umuceri n’ibiharage, bikaba vyaciye bironswa abenegihugu bagera ku 460 bari mu murwi wa bantahonikora.

Yaboneyeho gutera akamo abantu bose kuza baritabira ako kamo ko gushigikirana, ahereye kubajejwe intwaro hamwe n’abatowe kugira bashobore gushigikira ba ntahonikora benshi bakeneye ubufasha, na canecane abageze muzabukuru.

Yasavye n’abo bantahonikora bariko barashigikirwa gukora kugirango barwanye ubukene, gutyo ngo ibitigiri vy’abategerezwa gufashwa na Komine bigabanuke kurugero rushimishije, gutyo mu mwaka uza bizobe bike.

NDUWIMANA Pierre, aserukira Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira muri Komine Musigati (ifoto na Elie HARINDAVYI)

NDUWIMANA Pierre, aserukira Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira muri Komine Musigati, yatumenyesheje ko bahereye ku gutanga inyigisho zo guhamagarira abenegihugu kuzitabira isango ryo kumunsi wa Gatanu wambere w’ukwezi kwa Mukakaro, maze baritabira ako kamo mu kwegeranya ibifungurwa bitari bike.

Yavuze ko batanguye mu guhimiriza abenegihugu bose, abavuka komine bakorera mu zindi ntara hamwe n’abari mu mahanga, ariko ko hageze gutanga ata numwe wo hanze barabona intererano yiwe.

Yaboneyeho gutera akamo abari hanze y’igihugu gushigikira kugirango ba ntaho niko basanzwe baba ngaho bakeneye ubufasha, bashobore gushikirwa n’iyo nfashanyo.

Amenyesha kandi ko mu ngorane nyinshi ziri muri iyo komine, hari bantahoniko benshi kuburyo ivyabonetse bidashobora gukwira abakeneye gufashwa, gutyo bigasongerwa n’uko hari abatarumva uwo mugambwi mwiza wo gushigikirana mu kibano, umuco mwiza wo gutanga iwabo, bawumva ko ari nk’umugani.

Anne NTIHANGUMUREMYI, ajejwe uburobozi bw’iterambere ry’ingo n’imukibano mu ntara ya BUBANZA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Anne NTIHANGUMUREMYI, ajejwe uburobozi bw’iterambere ry’ingo n’imukibano mu ntara ya BUBANZA, yatumenyesheje ko batanguye kwitegurira uwo munsi inyuma yuko baronkejwe inyigisho kurwego rw’igihugu, baraheza baca batunganya inana kuberwa bose n’ico gikorwa ngo bazofashe mw’ishirwa mungiro ry’uwo munsi.

Yavuze ko batumiye Komite y’intara ijejewe umunsi mukuru wo gushigikirana, bamusitanteri bose, abakuru b’abashengero akorara muri iyo ntara, abadandaza, hamwe n’abaserukira ubuzi butandukanye ku rwego rw’intara, maze barategurwa neza kugirango ni hagera isango ryo gutanga, bose babe babizi.

Yaribukije ko mu myaka yahera, hari abatahora babajamwo mu gutunganya ishirwa mungiro ry’uwo munsi, arinako guca bapfundika gushiramwo imirwi y’abantu izofasha muri ico gikorwa.

Abo nabo ngo bakaba ari abari mu muhari wa Scout n’abari mu makomite ya Croix Rouge, kugirango bazoce ku nzu ku nzu, begeranya ibifungurwa canke ico cose uwutanga azoba yabonye ko yoshikiriza, gutyo ngo ntihazogire uwuzogira urwitwazo rwo kudashikirwa n’uwo mugambi.

Yavuze ko mu ntara ya bubanza uwo munsi mukuru witabiriwe kurugero rushimishije, aho mbere nko muri comine GIHANGA, Umushikiranganji ahavuka yari yagiye atwaye n’ibikoresho vy’iteka kubakenyezi bantahonikora (Kit de dignité), gaca kaba akabirya, katashoboye kuboneka mu yandi makomine agize iyo ntara.

Mwomenya ko uwo Munsi Mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano washizweho n’itegeko Inimero 100 agakoni 267 (N° 100/267) rya Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi, ryo kuwa 29 munyonyo, umwaka w’2021 risubiramwo itegeko Inimero 100 agakoni 053 ryo ku wa 11 rusama, umwaka w’2018 rishiraho Umusi Mukuru wahariwe Gushigikirana mu Kibano.

 

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →