Kuri uyu wa 25 Ruhuhuma 2022 Kumurwa Mukuru w’intara ya Cibitke, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira yamenyesheje ko uruganda yuguruye ku ntwazangabo mu nzego z’igipolisi n’igisirikare, rwari urwo kumenyekanisha umugambi w’igihugu w’ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu n’ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 12 Rusama 2020 ryerekeye igitabu c’amategeko agenga ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu mu Burundi.

Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine yavuze ko kuva Uburundi bwikukira Reta y’uburundi yamye yitaho ineza y’abenegihugu mu gushiraho imigambi n’ingingo zifasha abantu bose kubaho neza biciye mu kwitegekaniriza kazoza : aho akaba yatanze akarorero k’ishingwa ry’ibigo INSS (1962), MFP (1981) na ONPR (2010).
Yongeye aravuga ko ku migwi ya ba ntahonikora na ho hagiye harafatwa ingingo zibafasha, akarorero ni nk’umugambi wo kuvuza abana ku buntu bari musi y’imyaka 5 n’abakanyezi bibungenze, kuvuza abageze mu za bukuru n’ibindi.
Yavuze kandi ko Iyemezwa ry’umugambi w’igihugu wo gukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu ryakurikiwe n’ishirwaho ry’Impinyayuro yo kuwushira mu ngiro bitanga icizere c’uko Reta izoshika kwihangiro ryo guteganiriza kazoza keza abenegihugu bose.
Yamenyesheje abari aho ko kuva hatanguwe gushirwa mu ngiro uyu mugambi wo gukingira n’ugutegekaniriza kazoza abanegihugu, vyabaye ngombwa ko amategeko agenga ico gisata ahinyanyurwa.
Ati ni muri yo ntumbero itegeko ryagenga igisata co gukingira n’ugutegekaniriza kazoza abakozi ryo 1999 ryahinduwe rikaba itegeko rigenga ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu. Ngo iryo tegeko ryazanye akarusho kanini aho hongewemwo ibitari bike aha twovuga nk’igice kiraba ivyerekeye gufasha abari mu mugwi w’abatishoboye canke bahuye n’ibiza, igisata cerekeye ama mutuelle, n’ibindi.
Akaba yavuze ko ari muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira bwatunganije urwo ruganda rwo kumenyekanisha ibiri mw’ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 12 Rusama 2020 ryerekeye igitabu c’amategeko agenga ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu mu Burundi, hamwe n’ibigize umugambi w’igihugu ujejwe ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu mu Burundi ku ntwazangabo zo mu nzego zo kwivuna abansi n’umutekano kugira ngo bamenye ibigenga ico gisata mu vyerekeye ugukinga n’ugutegekanya kazoza .
Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine mu gusozera, yipfurije gukurikirana neza ivyari vyategekanijwe gutangwa mu vyirwa vyari bigenewe urwo ruganda mu ntumbero yo kumenya neza ibiri muri iryo bwirizwa muri rusangi no mu vyerekeye ugutegekanya kazoza mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi.

Mw’ijambo ry’ikaze, Nyakubahwa Buramatari w’Intara ya Cibitoke Colonel de police BIZOZA Carême yamenyesheje ko intara ya Cibitoke itekanye, araheza arashima ukuntu ivyo biganiro vyateguriwe mu ntara arogoye.

Nawe Colonel MIBURO Nicodème, yaserukiye urwego rw’igisirikare muri ivyo biganiro, yashimiye cane ubushikiraganji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere ridakumira kuri izo nyigisho z’agateka ka Zina Muntu zatunganijwe kuri izo nyego z’abasirikare.
Akaba kandi yamenyesheje ko inyigisho baronswa zibafasha kumenya neza ivyo bategerezwa kuronswa muri ico gisata co gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu.

Uwaserukiye urwego rw’abajejwe umutekano nawe Colonel de police SEGASAGO Victor, yashimye cane kubona ivyirwa nk’ivyo vyarateguwe bikongera bigatangwa, aca aboneraho gusaba abari aho ko bokurikirana neza ivyo babashikiriza, no gutanga intererano zizofasha muri kazoza, kugirango ivyerekeye gukinga no Gutegekaniriza kazoza abenegihugu bigende neza kurusha.

Umupfasoni BARUMUNDE Céline, asanzwe ari Umuhanuzi mu murwi w’igihugu wo gukinga no Gutegekaniriza kazoza abenegihugu yatanze icirwa cambere kijanye n’umugambi w’igihugu wo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu hamwe n’ mw’ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 12 Rusama 2020 ryerekeye igitabu c’amategeko agenga ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abanyagihugu mu Burundi, yashimikiye ahanini ku ngingo zagiye zihinyanyurwa mu ntumbero yo kworohereza abenegihugu.

Nawe Hervé BIGIRIMANA ajejwe igisata co gutanga amapansiyo mw’Ishirahamwe INSS, yarekanye ingene iryo shirahamwe ritunganiriza abanywanyi baryo mu bihe bitandukanye, baba bakiri kukazi nk’iyo bagize isanganya ry’akazi, canke bagakukuruka, eka mbere n’iyo hagize uwitaba Imana.
Yamenyesheje ko Ishirahamwe INSS rifise abakoresha bababa ibihumbi cumi, (10.000) hamwe n’abanywanyi barenga ibihumbi amajana abiri (200.000), abo bose bategerezwa gutunganirizwa.

Abari bitavye ivyo biganiro babajijwe ibazo bitari bike bijanye ahanini n’amapansio hamwe n’ingene abanyi baronswa ivyo bafitiye uburenganzira.

Ivyo bibazo vyose bikaba vyantangiwe inyishu harimwe n’uku INSS na ONPR bagiye kuzohora bakoresha uburyo/ubuhinga busa busanzwe bukoreshwa na INSS.
Mwomenya ko inama nk’izo zari zimaze gukorwa mu ntara ya Gitega, Bujumbura, na Ngozi.