27 juillet 2024

« Ntivyumvikana kubona abantu bakiba mu bugererwa kandi hari itegeko ribukuraho kuva mu mwaka w’1976? »

Ivyo ni ivyabajijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana? Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 25 nzero 2023 mu ntara ya Mwaro aho hari hibonekeje ikibazo c’abatwa bakiba mu mugererwa mu ntara ya Mwaro, bikaba vyavugiwe mu kiganiro yaniraniye n’abenegihugu muri rwa rukurikirane rw’ibikorwa vy’abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi bariko baragendera abenegihugu mu ntara zose.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabajije abajejwe intwra n’ubutungane ico bariko barakora kugirango amategeko yubahirizwe kuri bose, ati « Ntivyumvikana kubona abantu bakiba mu bugererwa kandi hari itegeko ribukuraho kuva mu mwaka w’1976 ? » Yongera ati « Mbe uwo wewe agifata umuntu ko ari umugererwa, mumvugako iki? Mbe amategeko yubahirizwa mu ruhande rumwe, ahandi ntiyubahirizwe? » aha akaba yaciye adomako urutoke ku kibazo c’abatwa bakiba mu bugererwa muri komine NDAVA, RUSAKA na NYABIHANGA.

Yavuze kandi ko bitumbikana ingene ugasanga umuntu bamwita umusangwabutaka kandi adafise naho ashinga n’inzu.

Ari nako guca yibutsa abari aho ko Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yavuze ko Umushikiranganji butatu (ubujejwe intwaro yo hagati, ubujejwe ibidukikije, hamwe n’ubwo gushigikirana) buraba abadafise amatongo bakayabaha. Harimwo n’abatwa.

Muri ico kiganiro, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira yakiriwe nya Nyakubahwa Buramatari w’intara ya Mwaro Col. Gaspard GASANZWE, aho yashimye cane ingene uwo mushikiranganji ajejwe gushigikirana yafashije mu kwubaka ishure ku musozi wa KIBUNGERE, komine NYABIHANGA risanzwe rigamwo abafise amikoro make, ngo kandi akaba abaronsa na uniforme hamwe n’amakaye.

Nawe Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yabanje gutanga intumbero y’ivyo biganiro, aho yavuze ko Reta Mvyeyi kandi Nkozi yashatse ko abagize Reta bishikira kurubuga kugirango bumve ibibazo vy’abenegihugu kugirango babikorereko.

Yavuze ko atagaseke yaje azanye, ariko ngo yaje kugirango baganira, ibitagenda neza, canke ibigenda neza baheze babaze ibibazo mbere bunganire kugirango umwe wese yiyumve mu bisata ubwo bushikiranganji bujejwe.

Ati « Turafise ibisata biraba abagendana ubumuga, tugaheza tukabashigikira abari mu mashirahamwe. Twaratangue guha mbere n’ibitungwa amashirahamwe, turabafasha no kurima, kugirango ivyo bitungwa vyungutse bazoce bahako abandi. »

akaba yavuze ko bafasha n’abakenyezi kugirango nabo biyungunganye ngo mbere aho muri iyo ntara ubushikirangnji bwaratanze n’amaterefone kubakenyezi kugirango biyungunganye kandi bashobore guterefona mugihe hari ikigoranye.

Yasavye abajejwe intwaro ko ni hagera gutora ba ntahonikora muri wa mugambi MERANKABANDI, kuzobikorana ubwitonzi kugirango hazojemwo ababikwiye koko.

Kubadafise aho baba biturutse kwihindagurika ry’ibihe, tyavuze ko bafasha kubaronsa uburaro bafashanije n’ubushikiranganji bujejwe amatongo.

Yavuze kandi ko bashigikira abageze muzabukuru mu kubavuza, aho bahora bavuza abagera kubihumbi 6000, ubu bakaba badugije gushika gushika kuri 12.000, mbere ngo bashaka gushiraho umugambi wagutse wo kuvuzanya, aho umwenegihugu ashobora kugira intererano atanze bivanye n’uburyo afise.

Yaciye asaba intererano z’abari bitavye, kandi ngo babaze kubisata bijejwe ubushikiranganji bwo gushigikirana  kuko ngo n’abandi bashikiranganji bahaca kubatari bwahace.

Yaciye asaba abakozi b’ubwo bushikiranganji bakorera muri iyo ntara ko boza baragendera abagize ivyago vyo gukorerwa ivyanfurambi, kandi aca aranibutsa ko hari  ikigo i Gitega gifasha abakorewe amabi afatiye kugitsina.

Mu nyishu Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yashikirije ku kibazo c’abasavye amabati, harimwo na ba musitanteri basaba amabati y’amashure, yavuze ko amabati y’ubushikiranganji bwo gushigikirana arongoye ari aya ba ntahonikora, ati « ico kibazo cobazwa mu bushikiranganji bujejwe indero.  Yabasavye kandi ko bogishikiriza muri ca gihe c’ibikorwa rusangi.

Kukibazo ca ba ntahonikora, yasavye ko abajejwe intwaro hamwe n’abaserukira ubushikiranganji mu ntara no muri komine, bogira liste y’abakeneye ibisakazo ubushikiranganji bugaheza bukabaronsa ayo mabati.

K’Uwasavye ko abagendana ubumuga nabo boshirwa mu bikorwa vy’abaremesha kiyago, yavuze ko ababijejwe boraba bagaheza bakagikorerako kugirango bashobore nabo kuja muvyo bashoboye.

Ku wasavye gushigikirwa yavuze ko bakeneye amabati 20, kunzu ya koperative yabo, akaba yaciye yemera kuzoyabaronsa.

Yavuze ku bijanye n’umuntu ageze mu za bubukuru ko ari uwo wo gushigikirwa, ariko ngo kenshi abikorera ivyabo, ntibibuka kwitegekaniriza kazoza.

yasavye ko abantu bafise amikoro bomenya ko umunsi uri izina hazogera igihe batakibasha, baze bariziganiriza kazoza bakironka uburyo, kandi ngo amashirahamwe nka INSS arashobota kwakira abo bashaka kwiziganiriza kazoza.

Ngo kubafise amikoro make nabo, birashoboka ko biziganiriza kazoza biciye muri koperative, Kuko ngo gufasha umuntu umwe bigoye.

Yaciye aboneraho gusaba abenegihugu kuja hamwe, bagafashanya, ubushikiranganji buheze bubafashe kuvyo bataba bishoboreye.

Kubijanye n’abarongoye amakoperative asaba gushigikirwa, yavuze ko Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana bufasha barya bataragira aho bigejeje. Ngo nayo abamaze gutera intambwe iboneka, boja mu mashirahamwe canke ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi.

Kukibazo kijanye n’abakobwa bavyarira iwabo batagiye kwubaka, abahukana, canke ababanye bidaciye mumategeko, yavuze ko abaserukira ubwo bushikirangnji mu ntara no muri komine boza baragendera ingo kugirango ikibazo gitorerwe inyishu kitaraba ikibazo gikomeye. Aca abasaba ko boza barayagisha abo mungo hari ibibazo kuko iyo bitevye bigorana gutora inyishu. Yabasavye ko ata mezi 6 yohera abo bakozi batagendeye ingo ku mitumba kugirango bamenye ingorane zihanze imiryango, amazi atararenga inkombe.

Ngo abajejwe ubutungane bashira mungiro amategeko ahari. Ntaterambere rishoboka mugihe mu ngo atamwumvikano uharangwa.

Nayo kubijanya n’abasaba ibisakazo yaongeye aramenyesha ko hari umugambi bita zero nyakatsi, aho ngo bazotangurira kuri barya bafise amazu y’ivyatsi ya mitego habe aribo bazotangurirwako kuronswa amabati.

Yasavye rero abajejwe intwaro kuzofasha muri ico gikorwa co kugira izo ntonde z’abantahonikora bagiye kuzoronswa ivyo bisakazo.

Kumwenegihgu yasavye gushigikirwa go ashobore kuvuza umwana wiwe hanze, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yasavye ko mu ntara bogira ico bakoze kuko ngo mu bushikirangnji ataburyo bwo gushigikira abaja kwivuriza hanze.

Yavuze kandi ko ubwo bushikirangnji bukorana n’amavuriro ya Reta, hamwe n’ayabikorera ivy’abo nka CMCK hamwe no kwa le Gentil.

Kuwabajije ikibazo c’inzara kubanyeshure, yavuze ko ubu vyoroshe gusumba uko vyahora mu myaka yahera. Aca atanga akarorero k’igihe yiga ko atigera afungura, bigaca bituma yama arwaye malaria.

Abanyeshure rero ati birakenewe kwiha intumbero y’ubuzima kugirango bashobore gushika kuntumbero baba bihaye. Ati “ibihe birahinduka, muzoze murabwira abo bana, kandi mumenye ko umugisha w’umuntu utangana n’uw’uwundi”.

Kukibazo c’abasaba ingurane muri banki y’abakenyezi bavuga ko babasaba ingwati, yavuze ko abakenyezi ba ntaho nikora baja hamwe maze ikigega citwa FIDA kigaca kibishinga. Ariko ngo uwugiye gusaba ingurane ari wenyene, aca asabwa ingwati.

Kubasanzwe bafise amashirahamwe, yabasavye kuza barashigikira Reta muri ibi na biriya.

Yasavye ko abajejwe ubutungane boraba ico amategeko avuga kubijanye n’abana bavuka ata base bafise babemera.

Aca ahamagarira abari aho ko umwe wese yagira inguvu zo kurwanya ivyo bintu Kuko bituma haba abana bo mw’ibararabara, ngo n’abana baja mumabarabara baba bavuye kumutumba, kandi bahera kuja mu bisagara bitobito bayerera.

Ngo rero ubwo bushikirangnanji buragira inguvu mu kubakura mw’ibarabara bukabasubiza iwabo ariko bakabatanga i Bujumbura basubirayo.

Kuwabajije ibitenge vy’umunsi mukuru w’abakenyezi, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko ubushikiranganji butadandaza ivyo bitenge, kandi ngo ntanahamwe vyigera bidandazwa.

Ariko Ngo bafasha gusa kugirango ababikeneye bakabironswa kuko amahera arihwa ubwo nyene muri konte COTEBU atahandi aciye ngo rero Ingene bishikira uwubikeneye, ngo buri ntara barashobora kuraba ko bofashanya, bigashikanwa muntara bitagoranye.

Kukibazo c’abagendana ubumuga basaba gushigikirwa, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko ubwo bushikirangnji busanzwe buvuza abafise, ariko ko n’abafise indwara zo mumutwe, ca ahamagarira abasanzwe bagendana ubumuga kuja hamwe mumashirahamwe kuko ngo ubwo bushikiranganji busanzwe bubafasha.

Kubasaba ibijanye no kwiyunguruza, yaciye abaha umuyobozi mukuru ajejejwe gushigikirana bari bagendanye kugirango abamenyeshe uko boronswa ivyo kwiyunguruza.

Mwomenya ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagendeye iyo ntara inyuma yaho agendeye intara za BUBANZA, BUJUMBURA, BURURI, RUTANA, RUMONGE, CANKUZO, RUYIGI na CIBITOKE, akaba yabandanirije kumunsi ukurikira muntara ya Kayanza.

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →