26 avril 2024

Kurwanya amabi afatiye ku gitsina ni urugamba rwa twese

Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikirangaji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kabiri Igenekerezo rya 28 Ruheshi 2022 hariya I Gitega mu kigo HUMURA, aho hari haramutse hahimbazwa isabukuru y’imyaka cumi irangiye kuva ico kigo gishinzwe

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikirangaji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko arashikiriza ijambo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mw’ijambo ryiwe, yahereye kwerekana ingene imico n’imigenzo vy’abarundi vyahindutse, kuva aho abarundi bagiye mu ndyane zidasanzwe zifatiye ku moko, maze haca haba gutituka kw’imico myiza yamye iranga abarundi, yo gusoneranira, kwigenga runtu, y’urupfasoni maze haduka ibindi bitari vyiza, nko guhohotera abakenyezi ufatiye kugitsina cabo ko ari umukenyezi, abubakanya bagahohoteranira, baba abagabo bahohotera abakenyezi babo, canke abagore bahohotera abagabo babo bubakanya.

Ati: “Kubera ko Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana  busanzwe bufise abakozi bashika ku mitumba yose agize igihugu c’Uburundi, bakagira ababaserukira mumakomine no mu ntara zose, ngo baragiye bararonka ibitigiri bitari bike vy’abapfasoni, abagabo n’urwaruka ruhohotegwa biciye mu gushurashuzwa kunguvu, canke bifatiye ku butunzi, maze bakatwara ari benshi, amadosiye yabo agaheza akagorana kunyarutswa kuko ababijejwe baba babifadikaninye n’ayandi madosiye.

Banderole (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ngo niho mu kwezi kwa ruheshi kw’igenekerezo rya 28, 2012, Reta y’Uburundi, Ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, bafadikanije n’Ubushikiranganji bw’Intwaro yo Hagati, Iterambere Rusangi n’Umutekano, Ubujejwe Ubutungane hamwe n’Ubw’amagara y’Abantu,  haca hashingwa ikigo HUMURA i GITEGA, kugirango gihumurize ababaye biturutse kumabi afatiye kugitsina.

Yavuze ko Ico kigo cuguruwe gifise abakozi 29 bava muri ubwo bushikiranganji 4 kugirango ubufasha uwahohotewe akeneye aburonke atiriwe arata wakuba, aja aha na hariya, ariko aburonkere muri ico kigo nyene.

Yaboneyeho gushimira Imana kuko abakozi batanguje muri ico kigo, bose baracari bazima, kandi baritanga cane mu kwitaho ababituye. Yongerako ko nabo kandi bashimirwa koko kuko n’uwahora arongoye ico Dr Sylvie NZEYIMANA  kigo ubu yaratewe iteka, akaba ariwe aramutswa Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu n’Ukugwanya SIDA.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yarongeye amenyesha ko naho bashizeho ico kigo, atawosya bwose ngo amabi afatiye kugitsina yaraheze mu gihugu kuko ngo aracakorwa, kandi ari ubwoko bwinshi, agakorerwa bose, abato n’abakuze, abagore n’abagabo.

Kugirango rere atuzwe, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yaciye amenyesha ko  ari urugamba rwa bose. Ati Nico gituma hasabwa inguvu z’umwene gihugu wese n’ababa mu Burundi bose, Nk’uko Nyenicubahiro umukuru w’Igihugu caca Generale Major Evariste NDAYISHIMIYE yama abitwibutsa ati “Turi kumwe twese birashoboka”.

Ivyo rero akaba yabivuze afatiye ko reta mu gushiraho abakozi muri ico kigo baje bava mu Bushikiranganji bushika 4 kugira ngo bashire inguvu hamwe mu gutuza abakora ayo mabi no mugufasha abayakorewe; na kare ngo “Imiti ikora ikoranye”.

Yamenyesheje kandi ko Kuva ikigo HUMURA c’I Gitega cuguruwe gushika kwi genekerezo rya 31 rusama 2022, cakiriye amadosiye 13631 y’abakorewe amabi afatiye kugitsina murabo 11171 n’abo igitsina gore, 2460 n’abo igitsina gabo.  Ati “Abo bose bakaba baratunganirijwe uko bibereye”.

Yavuze kandi ko Ico kigo carakiri abantu 6416 bafise amatati y’amatongo, abarondera ibirezo vy’abana, kwandikisha abana muri komine n’ibindi, ngo abenshi bashika 90% bakaba bavuye mu ntara ya GITEGA.

Ati Ivyo bitigiri naho bingana uko, vyavuye kunyigisho zo gukangurira abenegihugu kumenya amategeko, no kudomako urutoke abo bose bariko barabahohotera mu kibano.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yavuze kandi ko bamaze kwiheza abenegihugu baza, ahanini bakaba bava mu ntara ya Gitega, Reta yaciye yiyumvira ko hari n’izindi ntara zikeneye ubufasha nk’ubwo, ari naco gituma bafadikanije n’abasanzwe bafashigikira Reta mw’iterambere, bashizeho n’ikindi kigo hariya mu ntara ya Rumonge, ivyo bikazofasha cane abenegihugu kuronswa ubufasha bakeneye, cane cane iyo hagize uwukorerwa amabi afatiye kugitsina.

Hari n’ibigo reta yari yarashizeho ku bitaro vyo mu cibitoke, ivy’I Muyinga n’ivy’I Makamba ifashijwe n’ikigega c’isi yose, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yasavye ko naho uwo mugambi warangiye, yizeye ko abo vyega bokurikirana neza ko inyubakwa zubatswe muri uwo mugambi zofasha kugirango abenegihugu baronswa ubufasha bashobore kuboronswa ukuri kwamye.

Imbere yo kurangiza iryo jambo, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yarateye akamo abarundi bose, ahereye kubari ngaho muri iyo sabukuru y’imyaka cumi y’ikigo HUMURA C’i Gitega, ngo bafate iyambere mu kwubahiriza agateka ka zina muntu, umwe wese yigire inama yo kuvavanura n’agatima ko gihohotera abandi, kwamirira kure amabi afatiye kugitsina, no gufata iyambere mu gushengeza abakoze bene ayo mabi.

yarashimiye cane Reta y’Uburundi yo yashizeho ico kigo, aragashimira abajejwe intwaro mu ntara, mu makomine eka mbere no ku mituma kukungene bafasha cane ico kigo gukora corohewe.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA ntiyibagiye gushimira kandi n’abarongoye amashirahamwe mpuzamakungu, PNUD, UNICEF, UNFPA,  ONUFEMMES, UNION  EUROPEENNE ibicishije muri CORDAID mu nteguro ya  TWITEHO AMAGARA hamwe n’abandi bose bagize ico baterera kugira ikigo Humura kigume gitunganiriza abacituye.

Dr Alida, MANARIYO Umuhuzabikorwa mu kigo Humura c’i Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawa muganga Alida arongoye ico kigo mw’ijambo ryiwe, yarashimiye cane Reta y’Uburundi mu kwiyumvira gushira ico kigo Humura I Gitega, aca asaba ako yobandanya kubafata mumugongo kugirango bakore mbere n’ibiruta.

Muvyo bakora, yavuze ko Ikigo HUMURA  kigizwe n’ibisata bitatu(3) bijanye n’ubushikiranganji bukorera muri co, ivyo navyo nibi bikurira:

-Igisata c’Inyifato n’Imibano

-Igisata c’ubuvuzi

-Igisata c’amategeko

Mugisata c’inyifato  n’imibano hakorerwamwo ibi bikurikira:

Kwakira abituye ikigo, gutanga impanuro, gutanga indaro kubo bikenewe, guherekreza abakorewe amabi afatiye ku gitsina, gusubiza muvyabo no mu babo abakorewe amabi afatiye  ku gitsina, Kumvikanisha abubakanye batase canke abatandukanye, kumenya no kuvura indwara zifatiye ku bikomere vyo ku mutima.

Mu gisata c’ubuvuzi, bafasha mu kuvura abakorewe amabi afatiye kugitsina, barapima umugera wa SIDA n’izindio ndwara zifatira mubihimba vy’irondoka, barakingira abatari bwandura umugera wa SIDA n’imbanyi batipfuza.

Igisata c’amategeko naho, barasigurira amategeko abituye ikigo, baragira amatohoza ya mbere akorwa n’Inyamiramabi, hagakorwa n’amatohoza y’umushikiriza manza.

UMUSHIKIRIZAMANZA araheza agashingisha urubanza akaruburana imbere ya sentare, uwagiriwe nicaha agahanwa hisunzwe amategeko.

Gerard NIBIGIRA, Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w’Intara ya Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Gerard NIBIGIRA, Umuyobozi mwishikira mu biro kwa Buramatari w’Intara ya Gitega yavuze ko bagiye kubandanya bashigikira ubushikiranganji bujejwe gushigikirana mu gutuza ingeso mbi z’akaborerwe no kunywa ibiyayura mutwe, kuko ari vyo nkwezi y’amabi afatiye ku gitsina.

Yamenyesheje ko mu ntara bazoshigikira uko bashoboye ico kigo kuko ngo ni iteka kubona cashinzwe mu ntara ya Gitega.

Uwahoze aramutswa ico kigo Dr Sylvie NZEYIMANA, Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu no Kurwanya ikiza Ruhonyanganda SIDA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwahoze aramutswa ico kigo Dr Sylvie NZEYIMANA, Umushikiranganji w’Amagara y’Abantu no Kurwanya ikiza Ruhonyanganda SIDA nawe yarashimiye cane abakozi batanguranye muri ico, aca amenyasho ko kuva c’uguruwe kw’igenekerezo rya 28 ruheshi 2012, bukeye gusa kw’igenekerezo rya 29 ruheshi 2012, haciye hashika umuntu wambere yahohotewe, baca batangura kumufasha ata n’ibikoresha bararonka.

Yaciye ahusaba ko ico kigo coba ikigo c’akarorero (centre de référence)  aho abantu baza bagakorera n’ubushakashatsi.

Abaronkejwe udushimwe (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Inyuma y’ivyo abahoze bakorera muri ico kigo bagera kuri curi 15 barashikirijwe udushimwe kukwitanga berekanye mu kurangura amabanga umwe umwe ajejwe kandi bagasenyera kumugozi umwe.

Inkuka ya misa (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko ivyo birori vyatanguriwe n’inkuka ya misa yasomwe kuri paruwasi saint sacrement (Rukundo) iri ngaho impande y’ico kigo humura c’I Gitega.

Mu Nkuka ya Misa yasomewe kuri paruwasi Rukundo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikirangaji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’Umushikiranganji w’amagara y’Abantu no kurwanya Ikiza Ruhonyanganda SIDA Dr Sylvie NZEYIMANA bakaba bari muri iyo nkuka ya misa.

Bamwe mubaronkejwe imfashanyo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abahohotewe bigeze gufashwa n’ikigo HUMURA c’I Gitega  bakaba bararonkejwe n’infashanyo y’ibihungura vy’umuceri n’ibiharage hamwe n’ikoresho bitari bike bigizwe n’indobo, ibasin, amasabune, ibitenge n’ibindi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →