28 mars 2024

NCUTITINAMAGARA Tantine arakeza abakenyezi bo mu Rumonge ku ntambe bagezeko mw’iterambere

Ku musi wa Gatatu igenekerezo rya 28 kigarama 2021, Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira  yarateye intege abakenyezi bahurikiye mw’ishirahamwe TWIZERE ryo mu Rumonge, ku Mutumba wa ITEBA. Akaba yarashimye intambwe bashitseko mw’iterambere inyuma yaho baronkejwe n’ubwo Bushikiranganji ingurane y’Umuriyoni w’amafaranga y’amarundi, bazosubiza mu kiringo c’imyaka itatu.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa NCUTINAMAGA yarabakeje kuko avuga ko atari abakenyezi bose bafise amikoro make biyumvira kuja hamwe kugirango biteze imbere mu buryo bw’amafaranga canke bw’ikibano ciza.

Yabasavye kubera icitegererezo ciza abandi bakenyezi na burya iryo shirahamwe rimaze kuvyara ayandi abiri.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaboneyeho kubibutsa ko igihe cose habaye ikibabakira canke ikibagora, bokwitura  uwuserukira Ubushikiranganji muri komine kugirango abafashe gutora umuti w’ibibazo bimwe boba bagize.

Yabasavye kandi kubandanya bishura neza inguranye baronkejwe kugirango n’ayandi mashirahamwe y’abakenyezi  azoshikirwe.

Yarangije abipfuriza umwaka mushasha mwiza w’2022, anabasaba kudasesagura muri iyo misi mikuru kuko ngo « inda ntuyibwira ico uyihaye, uyibwira ico uyiraije ».

NIYONZIMA Zela, umukuru w’umutumba Iteba (ifoto na Elie HARINDAVYI)

NIYONZIMA Zela, umukuru w’umutumba Iteba, akaba yarashinze intehe y ‘ingene abo bakenyezi bamufashije kugera kuri iyo ntambwe yo kwinjira mumabanga yo kurongora uwo mutumba.

Abakenyezi bahurikite muri iryo shiramwe bakaba bishimira intambwe bagezeko bagereranije n’uko bari bifasha batarajahamwe muri iryo shirahamwe.

Umwe muri bo akaba yaravuze ingene bukebuke yagiye aragira urudandaza rw’irengarenga, naho umugabo yari yaramutaye, akaba yarashoboye kw’iteza imbere, akaba ashobora kwigisha abana no kwibesha ata ngoranaye.

uwo mukenyezi arashima ivyiza yakuye mw’ishirahamwe (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwundi bakenyezi nawe mu bari aho akaba nawe yarashinze intahe y’ingene yavuye mu ngeso mbi y’ubumaraya, aho yivugiye ko yahora atwara abagabo b’abandi bakenyezi akabamarana munzu amezi abiri canke atatu, ariko ubu kubera kuja hamwe n’abandi bakenyezi, izo ngeso mbi yazivuyemwo, none yishima cane kuko yanaronse n’umugabo wiwe bwite baheruka kwubakana biciye mumategeko.

Abo bakenyezi bakaba bahisemwo kudandaza umunyu, amasabune n’indagara, haruhande y’umugambi w’umwe umwe, baca bagirako basaba kwongererezwa ingurane bahawe na Reta kugirango bakore imigambi yisununuye gusumba.

Abakenyezi bahurikiye mw’ishirahamwe TWIZERE ryo mu Rumonge,(Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Kuri ico Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA akaba yabasavye kubandanya bakora, kandi babe bariyumvira imigambi ikomeye bokora, kugirango noneho ya banki y’abakenye yashingwa ni yatangura gukora bace baronswa imitahe yisununuye.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirara, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko izo mpanuro yazitanze no muri Komine Bugarama, aho yari yagendeye ishirahamwe MUKENYEZI TUBUMWE

NIBARUTA Delphine, Umukuru w’iryo shirahamwe MUKENYEZI TUBUMWE (ifoto na Elie HARINDAVYI)

NIBARUTA Delphine, Umukuru w’iryo shirahamwe MUKENYEZI TUBUMWE akaba yarashikirije ingene biyumviriye kuja hamwe babonye ubukene bwari bubugarije.

Yaravuze ingene kera bahora bikumira, bakabura ico bikorako, vyose bakabisaba abagabo babo, none ubu bakora ibitandukanye bakaronka amahera yo kwikenura batarinze kuzera inze canke ngo barindire ko abagabo babo babaha ivyo bakeneye.

KARORERO Charles, Musitanteri wa komine BUGARAMA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Musitanteri wa komine BUGARAMA, KARORERO Charles nawe mw’ijambo ry’ikaze, akaba yamenyesheje ko muri iyo komine harangwa amahoro n’umutekano, kiretse ko hari amazu y’abenegihugu yabomotse kubera imvura.

Yavuze kandi ko iyo abakenyezi badakoze, abagabo bonyene batobishobora, aca agirako asaba abo bakenyezi kuzokoresha neza iyo ngurane kugira ni bamara kuyisubiza, iyindi mirwi y’abakenyezi iheze ishikirwe.

Abakenyezi bo mw’ishirahamwe MUKENYEZI TUBUMWE b’i Bugarama mu ntara ya Rumonge (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwama buriko burahimiriza abenegihugu na cane cane abakenyenzi kuja hamwe mu mashirahamwe n’amakoperative, kugirango bushora kubunganira haba mu kubaronsa inyigisho canke ingurane nk’uko yama yabigize mu makomine agize igihugu cacu.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →