29 avril 2024

Mu kigo Humura co mu Rumonge hari ibisaba 4 bifasha uwakorewe amabi afatiye kugitsina

Ivyo vyashikirijwe ejo kumunsi wa kane igenekerezo rya 24 Myandagaro 2023 aho Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwari bwategekanije ibikorwa vyo kurabira hamwe Ingene Ikigo Humura co mu Rumonge gitunganijwe n’ivyo cashinzwe kurangura mu ntumbero yo gufasha uwo wese yashikiwe n’amabi afatiye ku gitsina.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nkuko vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko uwakorewe amabi nkayo aronswa ubufasha bwose akeneye kandi akaburonkera mu kibanza kimwe, atiriwe arata wakuba aja kuwujejwe iterambere ry’ ingo n’imibano, bukeye akaja kwa muganga, munyuma kurondera OPJ, hanyuma akaja mu butungane.

Gutyo ngo araheza akoroherezwa cane kuko atamwanya bimutwara, ivyohavuye bimutuma guheba ntashike kuco yipfuza kuko bisaba umwanya n’uburyo kumbure atari buronke.

Niko guca aisigura ibisata biri muri ico kigo navyo bikaba ari ibi bikurikira:

  • Igisata kijejwe kuremesha abakorewe amabi afatiye ku gitsina. Muri ico gisata, abahinga barakira bakongera bakwumviriza uwakorewe amabi mu ntumbero yo kumufasha kurengera umubabaro arimwo kugira ngo abone kubaho neza nk’abandi. Ni naco kijejwe no kwumwunga n’umuryango wiwe ; gurtyo ntiwongere kumwinuba.
  • Igisata citaho ibijanye n’amagara yabakorewe amabi afatiye ku gitsina kibicishije canecane mu gukingira abakenyezi n’abigeme bashurashujwe gusama imbanyi, kubakingira indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka hamwe no kuvura ibikomere vyaturutse ku mabi afatiye ku gitsina. Ni muri ico gisata kandi hanatangirwa urupapuro rufasha ubutungane kumenya ko umuntu yoba yashurashujwe ku nguvu canke ko yakubiswe mugihe bitigaragaza inyuma ku mubiri.
  • Igisata citaho gutohoza no gukwirikirana imanza zerekeye amabi afatiye ku gitsina. Ico gisata kikaba gikorerwamwo n’inyamiramabi hamwe n’umushikirizamanza . Kijejwe gutohoza ingene amabi yagenze, kwegeranya ivyemezo vyose hamwe no gushengeza imbere y’ubutungane uwikekwako icaha. Ni naco kijejwe gukwirikirana ihagarikwa ry’uwakoze amabi.
  • Igisata kijejwe gukingira abakorewe amabi afatiye ku gistina umutekano w’abo utubahirijwe. Muri ico gisata baraha uburaro uwakorewe amabi umutekano wiwe utubahirijwe iminsi mikeya bakongera bakamufungurira. Ikigo gifatanije n’ibindi bisata bikorera mu ntara kiraheza kigafasha mu gukuraho inzitizi zose zituma uwo mutekano utubahirizwa imbere yo kumusubiza mu muryango wiwe.

Hambavu y’ibikorwa vyo gufasha abakorewe amabi afatiye ku gitsina, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko ikigo Humura co mu Rumonge  kizotororokanya ibiharuro ku bijanye n’ayo mabi hisunzwe ubwoko bw’ayo n’aho abacituye bava.

Ngo ivyo bitigiri ni vyo abakorera mu gisata co gukinga amabi afatiye ku gitsina bazisunga mu kugena aho amahimiriza n’inyigisho zo gukinga no kurwanya amabi afatiye ku gitsina bizobera.

Bamwe mubari bitavye ivyo birori (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yaboneyeho guhamagarira abitavye ivyo birori bose gufasha kumenyekanisha ico  kigo no guhimiriza abo babana kucitura mu gihe cose hari uwakorewe amabi afatiye ku gitsina kugira ngo baronswe ubafasha bubereye buzotuma basubira mu gateka kabo, babone no kwitunganiriza ata nkomanzi imigambi y’iterambere ry’imiryango n’iry’igihugu.

Yavuze kandi ko ngo naho ici kigo kiri muntara ya Rumonge, kizokwakira abava mu ntara zose zigize igihugu cacu na cane cane abenegihugu bo mu ntara nshasha ya Burunga igizwe na Rumonge , Rutana Bururi na Makamba, tutibagiye ababa mu makomine agize intara ya Bujumbura bacegereye, nabo bashobora kucitura mukurindira ko ibigo nk’ibi vyugururwa iwabo.

Inyubakwa y’Ikigo Humura co Mu Rumonge (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mukurangiza akaba yarashimiye cane Reta y’Uburundi ahereye ku mukuru w’igihugu c’Uburundi Evarite NDAYISHIMIYE ari nawe yacuguruye kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2020.

Yarashimiye kandi igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere PNUD catanze uburyo bwo kubaka ico kigo congera gitanga n’ibikoresho bitari bike aho yaciye asaba n’ibindi bisata vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushigikira ico muvyankenerwa bigisiye kuboneka muri ico kigo.

Uwaserukiye ishirahamwe PNUD muri ivyo birori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe uzaserukiye ishirahamwe PNUD mw’ijambo ryiwe, yarashimiye Reta y’Uburundi hamwe n’abayifasha kukungene yitwararika uko bukeye uko bwije iteka ry’abakenyezi mu Burundi no kurandurana n’imizi amabi afatiye kugitsina.

Yasavye abagiye abakorera muri ico kigo gukoresha ubuhinga bize n’ubushishozi mugutunganiriza ababitura. Yasavye  kandi ko abajejwe ico kigo n’abo bose bari mu runanirwo kurwnya ayo mabi gukurikiranira hafi ubufasha btangirwa muri ico kigo ko koko ari ubufasha bukwiriye.

Niko guca subira kwatura aneza ko ishirahamwe PNUD rizokwama na ntaryo rifata mumugongo Reta y’Uburundi mu migambi yose iteza imbere abenegihugu no kurwanya ivyo vyose biza bimusuzuguza, bikamusubiza inyuma.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko ashikiriza ibikoresho vy’ikigo Humura co mu Rumonge (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaciye ashikiriza ibikoresho bitandukanye biwokoreshwa muri ico kigo, hari amakinga, amamachine (ordinateur), télévision, imiti n’ibindi.

Akaba yarakeje abakozi bagiye gukorera muri ico kigo, aho yabasavye kuzokorana umutima wa kivyeyi mugutunganiriza ababituye.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko aragendura ibikorerwa muri ico kigo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko yarangije agenduye iyo nyumakwa n’ibisavya vyose uko bitunganijwe aho mbere n’ubuserukizi bw’ubwo Bushikiraganji busanzwe bukorera muri ico kigo.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →