19 avril 2024

Mutegerezwa kwerekana umutima wa kivyeyi mu gutunganiriza ababitura

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 ndamukiza 2023 i Bujumbura, igihe yariko aragirisha inama abayobozi bakuru bakuru hamwe n’abayobozi bajejwe iterambere ry’ingo n’imibano muntara zose.

Yabasavye kuba abavyeyi nabugingo turi muri Reta Mvyeyi, mu kubibutsa ko ari abasuku b’abenegihugu batunganiriza buri munsi.

Yabivuze muri aya majambo ati : « Mumenye ko muri abavyeyi babo benegihugu babitura, genda mube abasuku babo »

Yabasiguriye kandi icerekeye Reta Nkozi, aho yabasavye kugira umwitwarariko w’ivyo bajejwe buri munsi.

Ati « Mutegerezwa gukora kugirango ntihazogire umwenegihugu abura ico ategerezwa kuronka kandi kihari mu mubushikiranganji bujejwe gushigikirana ».

Yabahaye akarorero k’abasaba amabati, aca abasaba kuja hamwe n’abajejwe intwaro, kugirango uwadugije ikigega aheze ayahabwe, kandi ngo ayasigaye aheze ahabwe abandi.

Niko guca abibutsa ko bategerezwa kugira intonde za ba ntahonikora vy’ukuri, bagaheza bakazizana mu Bushikiranganji, naho bagaheza bakayabaronsa.

Yabahanuye  kwama na ntaryo bagira umwitwararariko wo kumenya ivyo bajejwe, kandi ngo bame buzuzanya mu bisata vyose bikukira ubwo ushikiranganji bubajejwe kuko ngo mu ntara zitandukanye zose buraserukiwe.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko Ubushikiranganji busanzwe buserukiwe kuva kumutumba, abo bita imboneza, muri komine aho mbere bazoba ari abaremeshakiyago 2, no mu ntara ubuyobozi bujejewe iterambere ry’ingo n’imibano.

Aho rero niko guca avuga ko bitumvikana ingene Umushikiranganji yorinda kwakira iterefone yo kumutumba kandi hariho abamuserukira kuva muntara gushika kumutumba.

Yabahanuye kandi ko hatogira umuntu azosubira kuvuga ya migani ya kera ngo « Reta iguhenda ko iguhemba nawe ukayihenda ko uyikorera », ngo uwugifise ico ciyumviro amenye ko kitagikora mu bihe tugezemwo.

Yabipfurije no kuzogira iherezo ryiza nk’abemera mu gihe bazoba barangije ibikorwa vyo kuri ino si, ati hari igihe abantu bashobora kugira ibikorwa bibi bituma bagira iherezo ribi biturutse kukazi ka minsi yose batarangura neza.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaciye ababwira ivyo ubushikiranganji bushinzwe kurangura, n’amahangiro yabwo.

Yaciye yerekanya ubuyobozi bukuru bukuru bugize ubwo bushikirangnji, hamwe n’ibisata bitandukanye n’amashirahamwe ya Reta akukira ubwo bushikiranganji.

Abaje baserukira ivyo bisata bitandukanye bose bakaba baronkejejwe akanya ko gusigurira abari aho ico ubwo buyobozi canke ishirahamwe rikora.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yabahanuye kandi ko ataho bakwiye kuja Umushikiranganji atabizi kuko ngo harigeze kuba igihe abahora baserukira ibigo vy’iterambere ry’ingo n’imibano, abakozi b’Ubushikiranganji bubajejwe baduze bagasanga atariho bari.

Ati « ubu ho muri abayobozi, mutegerezwa kutubwira mugihe mugiye ahantu kandi Mutegerezwa gutanga Rapport kwa buramatari mu ntara muherereyemwo ».

Nayo kubasanzwe badushigikira (partenaires), yabasavye kuzoza barabaha intumbero bakuye mu Bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, ariko ko atari abaserukira ayo mashirahamwe babaha intumbero yo gukorerako.

Yanabihanikirije kutazogira nkuzi mu kazi,  kuko ngo ugasanga hari abahabwa n’impapuro za ba ntahonikora, kandi vy’ukuri hari hasanzwe hari umuntu mumuryango yoshobora kumufasha, na cane cane mu gisata co kuvuza ba ntahonikora, bagaca baza mu bushikiranganji.

Yabahanuye kwama na ntaryo bakorana neza n’abajejwe intwaro mu makomine no muntara kugirango boroherwe mu kazi ka minsi yose.

Mwomenya ko ari Inama yambere Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira butunganije kuva aho hagenewe abayobozi b’iterambere ry’ingo n’imibano muri ayo mabanga.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →