6 mai 2025

Mutuelle de la Fonction Publique yarateye intambwe indasanzwe

  1. Kwugugurura icese Guichet ya Mutuelle  (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 munyonyo 2021 ku bitaro vyitiriwe umweranda tereziya (Sainte Therese ) vy’i Songa, Betaniya mu ntara ya Gitega, haruguruwe icese ibiro vy’ishirahamwe Mutuelle de la Fonction publique. Ivyo birori bikaba vyatewe iteka nya Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iteramabere Ridakumira.

  2. Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iteramabere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine yamenyesheje ko ivyo biro vyuguruwe aha mu I songa kuri SAINTE THERESE vyugururiwe umuntu wese azoba akeneye ubufasha bwa mutuelle.

  3. Yasavye abenegihugu bo ngaho i SONGA, na cane cane abanywanyi ba Mutuelle, ndetse n’abandi bakozi  bari basanzwe bakorera ngaho kuri ivyo bitaro, kumenya ko aba bakozi bagiye kuhakorera ari ababo yabasavye kuzobamenyereza akarere bagiye gukoreramwo, babereke mbere n’umwonga uhuma n’uwudahuma, arikongo babagumizeko ijisho kuko ni itunga rusangi.
  4. Ati « Muratubera ijisho muri vyose, kugira ntihagire uwo tuzobandanya duhemba atakoze ico yategerezwa ».
  5. Mu mpanuro yahaye  abakozi ba Mutuelle de la Fonction Publique, yabasavye kworohereze ababitura, babakirane urweze, kando ngo bamenyeko ari ba shebuja babo.
  6. Yarongeye avuga ko uwo mu bushikiranganji bazumva yidogerwa ko atariko yakira neza abamwitura, bazoca basaba Umuyobozi Mukuru wa Mutuelle de la Fonction Publique bakamuhindura ubutarariye.
  7. Nyakubahwa NCUTINAMAGARA Tantine, Umwunganizi w’Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu, n’Iteramabere Ridakumira yarashimiye abarongoye ishirahamwe Mutuelle n’abakozi bose bafashanya ku ntambwe bagezeko mu gushira kubuhinga bwa none iryo shirahamwe.
  8. Aha yafatiye amakarata arenga ibihumbi ijana na cumi (110000) akozwe mubuhinga bwa none, amaze gukora, arongera aratangwa mbere aranakoreshwa. Aca atera akamo abo bose bataraja guhinduza amakarata yabo kuvyihutira.

    Nyakubahwa NININAHAZWE Samuel, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega ajejwe Imibano (ifoto na Elie HARINDAVYI)
  9. Yaribukije abari aho ko  imiti myinshi bahora bita Spécialité, ari Générique, ngo bahindura gusa ivyo ibitswemwo (emballage) bagashirako amazina ya ba nyen’ihinguriro ryayo.
  1. Akaba yemereye abari aho ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, buzokora ibishoboka vyose kugirango ishirahamwe Mutuelle rizokwame rihurumbirwa n’abakozi ba Reta bose ari nabo beneryo.
  2. Nyakubahwa NININAHAZWE Samuel, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega ajejwe Imibano ari naweyaserukiye Buramatari muri ivyo birori, yasavye ko ibiro nk’ivyo vyokwugururwa mu bitaro bikomeye biri mu ntara ya Gitega. Aha akaba yatanze akarorero k’abanegihugu bishitse bakarwarira ku bitaro vyo mu Mutoyi, ku bitaro vy’i Mutaho, ku bitaro vy’i kibuye canke ahandi, ko batotroherwa kronka ubufasha bwa Mutuelle.
  3. Dr. Mama NAKABANDI Lamberte arongoye ibitaro Sainte Thereze vy’i Songa (ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Umuyobozi w’ibitaro Sainte Therese nawe Mama NAKABANDI Lamberte  arongoye ibitaro Sainte Thereze vy’i Songa akaba yarashimye cane iyugururwa ry’ibiro vya Mutuelle kuri ivyo bitaro, kuko ngo abenegihugu bahora bahivuriza bahora barinda gutama barondera ikidodo ca mutuelle.

  4. Yongeye aramenyesha ko ivyo bitaro vyonyene ubwavyo bifise abakozi batari bake basanzwe ari abanywanyi b’ishirahamwe Mutuelle de la Fonction publique.
  5. Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA Umuyobozi Mukuru Ishirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Nyakubahwa Annonciate SENDAZIRASA arongoye Ishirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique yamenyesheje ko ashimisha n’ingene ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu no kurwanya Sida bwabemereye kuzobaronsa ibiro aho hose bazokugurura ibitaro vy’amakonine biriko birubakwa mu gihugu cose, ndetse naho ashira imangazine y’imiti (Pharmacie).

  6. Akaba yibukiye abari ngaho ko ishirahamwe Mutuelle de la fonction publique rigiye kuzokwakira n’abandi bose bavyipfuza rihereye kubitunganije mumacoperative, ndetse n’abanyamahanga bakorera mu burundi.
  7. Yarongeye aramenyesha ko ikibazo c’ikena ry’imiti ryahora ryobonekeza ubu ritakivugwa mw’ishirahamwe Mutuelle de la Fonction Publique.

 

 

 

 

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →