27 juillet 2024

Reta y’Uburundi irubahirije agateka k’Abasangwabutaka bigaragara

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibanao, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yavuze ko Leta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji arongoye yararanguye ibikorwa bitandukanye kugira abatwa cane cane abatwakazi boroherwe, kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 mukakaro 2022 I gitega igihe hariko hahimbazwa umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibanao, Agatekaka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze ko atodondagura vyose ariko aca avuga bikuru bikuru vyakozwe bimaze Gukorwa na Reta y’Uburundi:

  • Gushigikira imiryango y’abatwa bubatse biciye mu mategeko;
  • Gutanga imfungurwa n’amabati ku Batwa bantahonikora:
  • Kuvuza no kuriha imiti ya bantahonikora harimwo n’abatwa;
  • Gufasha abatwa kuvyerekeye Agateka ka zina muntu;
  • Gutanga inyigisho z’Agateka ka zina muntu n’amategeko abakingira;
  • Gutanga uburyo kugira abantu biyungunganye biciye mu mugambi Merankabandi n’ibindi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko Icivugo Mpuzamakungu kw’isi c’uno mwaka wa 2022 kuri uno munsi wahariwe abasangwabutaka kivuga kiti: « Uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu gutsimbataza imico n’akaranga ».

Abitavye ibirori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ati “Iki civugo Mpuzamakungu c’uyu mwaka, kiduhamagarira kandi kuzirikana ku ruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka agira mu gihugu ciwe, mu kibano aho abaye, mu kuba ishimikiro ryo kubungabunga no guhererekanya ubumenyi bw’abasokuru mu vy’ubutunzi kama, n’ubumenyi bwigwa mu mashure”.

Yaranagarutse kuri kahise k’ingene uwo munsi watanguye guhimbazwa, ngo hari kw’igenekerezo rya 23 Kigarama mu mwaka wa 1994 aho Inama Nkuru ya ONU yashinga ko igenekerezo rya 9 Myandagaro ribaye Umunsi Mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka kw’isi mu ngingo yayo ya A/RES/49/2014.

Abari kuri defire (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ngo kuva ico gihe kabaye akaryo keza ku basangwabutaka bo kw’isi ko guhurira hamwe mu bihugu, akarere canke umugabane w’isi bakagaragaza umunezero n’akanyamuneza bafise inyuma y’imyaka myinshi bamaze mu mwijima, mu gacinyizo binyegeza, bakumiriwe n’ayandi mabi atiriwe aradondagurira ngaho.

Ati “Kukaba nk’ako n’Umurwi wo muri ONU ujejwe abenegihugu b’abasangwabutaka wafashe ingingo yo guhimbaza uwo munsi mu ntumbero yo gutsimbataza no gukingira Agateka ka zina muntu kuri bose”.

Abari bitavye Ibirori (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarongeye aramenyesha ko ico civugo kizirikana kandi ko uruhara rw’umukenyezi ko ari ntasubirizwa mu muryango w’abenegihugu b’abasangwabutaka kuko ari we akingira akongera agatanga ubumenyi kama, ngo afise uruhara ruhambaye mu gucungera ubutunzi kama n’ubumenyi kandi ngo ni nawe kenshi aja imbere mu kurwanira uburaro n’amatongo y’abasangwabutaka kw’isi.

Ati “n’akanya keza rero ko kurabira hamwe urugero abakenyezi b’abasangwabutaka bagezeko mu guserukirwa mu nzego zifata ingingo be no kugwanya ico cose cobakumira canke kibahohotera”.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko naho uruhara rwabo rukomeye mu kibano no mu miryango, abakenyezi b’abasangwabutaka bafise ibibazo vyinshi bifatiye kugukumirwa, gukena, kutamenya gusoma no kwandika, kutagira akazi, kutaronka uko bivuza, kutaronka ingene bateza imbere ubumenyi kama n’ibindi.

Yangeye aramenyesha kandi ko hari abakenyezi usanga aribo bakora bonyene mu miryango yabo, ugasanga niwe asenya, niwe avoma, niwe yikorera ibumba, niwe abumba, niwe yikorera inkono wenyene abagabo nabo ukamengo ntibibaraba, ari nako kuboneraho gukebura abagabo bafise iyo ngendo ngo bakavavanura nayo, bamenye ko iterambere ry’urugo rwabo barifisemwo uruhara.

Ntiyibagiye kubahamagarira kuri uwo Munsi Mpuzamakungu wahariwe abasangwabutaka kwibuka uruhara rwabo mu gutsimbataza imico n’akaranga vya kera.

yaciye yibutsa abari aho ko Ku rwego rw’igihugu c’Uburundi ko Abasangwabutaka ari “ubwoko bw’Abatwa”, ati nico gituma, icivugo catowe kivuga kiti: «Uruhara rw’umukenyezi w’umusangwabutaka mu gutsimbataza imico n’akaranga vy’Abarundi».

Maze ngo ico civugo cibutsa neza ingene umukenyezi w’umutwa yamye ar’imbere mu gutsimbataza imico n’akaranga vy’uburundi nko kubumba, no gutez’imbere ubuvuzi kama.

Yarangije ijambo ryiwe ashimira cane Leta y’Uburundi, Reta Mvyeyi, Reta Nkozi irongowe na Nyenicubahiro Generari Majoro Varisito NDAYISHIMIYE yo idahengeshanya gufata mu mugongo abarundi bose cane cane abatwa kugira Agateka kabo kwubahizwe.

Akaba yaciye asaba Nyenicubahiro Icegera c’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Prosper BAZOMBANZA yari yaserukiye Umukuru w’Igihugu muri ivyo birori, kwakira akaganuke kavuye mu bikorwa vy’abasangwabutaka, maze ngo aheze agashikirize Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi.

Yarashimiye kandi n’amashirahamwe Mpuzamakungu akorera mu Burundi na cane cane ayadahengeshanya gushigikira abatwa abicishije mu bushikiranganji canke no mu migambi y’iterambere kugira abatwa boroherwe.

Uwaserukiye abasangwabutaka nawe Umushingamateka Afredi NAHINGEJEJE (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwaserukiye abasangwabutaka nawe Umushingamateka Afredi NAHINGEJEJE yarashimiye cane Reta y’Uburundi kuntambwe igezeko mukwubahiriza agateka k’Abasangwabutaka.

yarakengurukiye bimwe vy’umwihariko Umukuru w’igihugu c’Uburundi kuko ngo kw’isi nzima atakindi gihugu na kimwe gifise abashingamateka n’abakenguzamateka b’abasangwabutaka Atari mu Burundi.

Ngo kubona mw’ibwirizwa Nshingiro barashizemwo ivyo abatwa baronswa, ni intambwe ishimishije mw’iterambere ry’abasangwabutaka.

Naho biri uko, yasavye ko abana b’abatwa bofashwa na Reta bakiga kubuntu kandi bakarangiza na Kaminuza.

Yasavye ko Reta yobaronsa amatongo yo kurima, bakubakirwa amazu kandi ngo ishigikire amashirahamwe y’abatwa na cane cane ayigisha kubumba kijambere.

Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Prosper BAZOMBANZA, Icegera c’Umukuru w’Igihugu c’uburundi yavuze ko amategeko atomoye kugirango abo bose badafise aho bakika umusaya naho bakubita isuka baharonswe make bashobore kugaburira umuryango.

Yabasavye kutabandanya bikumira, ahubwo bijukire kuja mumashirahamwe nk’abandi barundi, kugirango biteze imbere.

Yaribukije abari aho ko hari umugambi witwa zero nyyakatsi, kandi imiryango y’abatwa itazibagirwa kugirango nabo bave mu nzu za nyakatsi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ari kumwe n’abo bafadikanya kurongora ubwo Bushikiranganji, nk’Umwunganizi wiwe Tantine NCUTINAMAGARA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Felix NGENDAKUMANA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya ko Ibirori vy’uwo Munsi vyatangujwe n’idefire ndende yarimwo Umushikiranganji wo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Imelde SABUSHIMIKE ari kumwe n’abo bafadikanya kurongora ubwo Bushikiranganji, nk’Umwunganizi wiwe Tantine NCUTINAMAGARA, Umunyamabanga Ntayegayezwa Felix NGENDAKUMANA, abayobozi bakuru hamwe n’abaserukira ibisata bitandukanye bikukira ubwo Bushikiranganji.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →