20 avril 2024

Reta y’Uburundi iriko ikora uko ishoboye kose kugira abana bakingirwe amabi ayari yo yose ahungabanya agateka kabo

Ivyo biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganjin wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 ruheshi 2022 hariya I Gitega igihe hariko harahimbazwa umunsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrica.

 

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganjin wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yoyo ikibazo co guharanira agateka k’abana, yagifashe nkama, ikigira icayo koko.

Yavuze ko iri kumwe n’abo basanzwe bafashanya, yarafashe iya mbere mu kugwanya imico n’imigenzo ihungabanya agateka k’abana haba mu bijanye n’amategeko, amaporitike canke inzego zikingira abana: Umugambi wa Leta wo gukingira umwana hamwe n’ayandi mategeko vyaremejwe.

Bisubiye, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yashikirije ko Reta y’Uburundi yatanguye igikorwa kidasanzwe co gusubiza mu kibano no mu miryango abana bo mw’ibarabara hamwe n’abantu bakuze basegerereza, batibagiye n’isekeza Humura Kibondo ryo kugwanya kutitwararika abana.

Abana bari baje ku munsi Mukuru waharaiwe umwana w’umunyafrika (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yavuze kandi ko hashizweho igisata kijejwe abana n’imiryango, ihuriro ry’abana mu Burundi (FONEB) rifasha abana gushikiriza ivyiyumviro ku bibazo vyose biberekeye, hamwe n’inzego (komite) zo mu kibano zijejwe agateka k’umwana, n’ibindi.

Ariko rero, naho Leta y’Uburundi yagize utwigoro twinshi twerekana neza intambwe ishimishije ku bijanye no gushira mu ngiro imigambi yo kurandurana n’imizi imico n’imigenzo bihungabanya agateka k’abana mu Burundi, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yavuze ko hacibonekeza amabi amw’amwe akorerwa abana agatosekaza agateka kabo.

Aha yaciye atanga akarorero k’ikoreshwa ry’abana, guha abana ibihano bibaboreza igufa, gushurashuza abana ku nguvu, ikumirwa ry’abana bagendana ubumuga butandukanye, kutabajana mw’ishure ngo n’ubundi ntibabona, ngo ntibumva, hamwe n’ayandi mabi afatiye ku kutitwararika abana mu vyo bakenera.

Aca avuga ko ari mur’iyo ntumbero Reta y’Uburundi, ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, iriko ikora uko ishoboye kose kugira abana bakingirwe amabi ayari yo yose ahungabanya agateka kabo.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarongeye aravuga ido n’ido ry’ihimbazwa ry’uwo munsi.

Akaba yavuze ko uko umwaka utashe rero, Umunsi Mukuru nk’uwo wama uhimbazwa mu ntumbero yo kwibuka abana bagandaguriwe i Soweto mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mwaka w’1976.

Ati Abo bana akaba atakindi bazize atari uko bariko baharanira uburenganzira bwabo bwo kuja kw’ishure nka benewabo b’abazungu, uburenganzira budafatiye ku macakubiri y’urukoba. Aho hari ku ntwaro karyanisha miryango yarangwa muri ico gihugu ca Africa Y’Epfo.

Yavuze kandi ko Icivugo catowe uno mwaka na Komite y’abahinga ku bijanye n’agateka no kubaho neza kw’umwana, kikongera kikemezwa na Komite Nshingwabikorwa y’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, kivuga kiti : « Twirimbure turabe intambwe tumaze gushikako kuva mu 2013 gushika uno munsi ku bijanye no kurandurana n’imizi imico n’imigenzo ihungabanya agateka k’abana », kikaba ari naco uburundi bwahimbajeko uwo munsi.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarashimiye cane Amashirahamwe yaba ayo mu gihugu canke Mpuzamakungu  yama yunganira Reta mu migambi yayo yo gukingira Agateka k’Umwana.

Uwaserukiye ishiramawe mpuza makungu UNICEF mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwaserukiye ishiramawe mpuza makungu UNICEF mu Burundi nawe mw’ijambo ryiwe yavuze ko bashimishwa n’intamwe Reta y’Uburundi igezeko mu guharanira no kwitaho ineza y’abana, hamwe no kurwanya ivyo vyose bihungabanya agateka kabo.

Ivyo akaba yabivuze afatiye kw’ishirwaho ry’umugambi w’igihugu wo gukingira abana (l’adoption de la Politique nationale de protection de l’enfant et son plan d’action pour 2019-2024), Umugambi wo gukura abana bose mw’ibarabara (la Stratégie nationale de prévention de la gestion des enfants en situation de rue), indinganizo ibereye ku bigo vyose bifise abana (des Normes minimales pour la prise en charge alternative des enfants privés des soins parentaux), hamwe n’isubirwamwo ry’igitabo c’ingene imanza z’ivyaha bikurikirwana (le Code de procédure pénale révisé de 2018).

 Ati ni kuri iyo ngendo nziza twama dukorana neza na Reta y’Uburundi tubicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira na cane cane mu bikorwa turiko turakorana vyo gushiraho itegeko rikingira abana (La mise à jour de l’avant-projet de loi portant Code de Protection de l’enfant) hamwe no guhinyanyura igitabu kigenga ingo n’imiryango (La révision en cours du Code des Personnes et de la Famille)

Yaciye amenyesha ko haruhande y’ivyo, Ishirahamwe UNICEF rizofasha kugira ayo mategeko ashirweho kandi ko rizokwama rishigikira Reta y’uburundi mw’ishirwa mu Ngiro ry’Imigambi yose ifasha gukingira abana no kurwanya ivyo vyose biza bibahungabanya.

Uwaserukiye ubana (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Uwaserukiye ubana nawe asanzwe ari mu rwego rw’ihuriro ry’abana mu burundi yarashimiye cane Reta y’uUburundi ku twigoro tudasanzwe yama yakoreye abana, haba mu kuvuza kubuntu abana bari munsi y’imyaka itanu, kuga ku buntu mu mashure y’intango n’ibindi.

 Akaba yaciye asaba ko na ntaryo Reta y’Uburundi, Ibicishije Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana yokwa ma na ntaryo y’itwararika ineza y’abana, na cane cane abana bavuka mu miryango ifise amatati, kuko bahura n’ingorane nyinshi zo gufungura no guheba amashure.  

Nyakubahwa Imelede SABUSHIMIKE Yaragendere ikiyo c’abana batumva kandi batavuga kiri kumushasha ako yiboneye ingene abo bona abigishwa mu buryo butanganje.

Akaganuke kashikirijwe Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Bakaba baciye bashikiriza akaganuke Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE ku kungene na ntaryo yama ashigikira ibigo bifise abana bafise ubumuga butandukanye.

Urongoye ico kigo akaba yavuze ko iyo bariko baratamba canke babahamagara bavuza ingoma maze bagaheza bakavyumvira munda zabo. 

Bimwe mu bikoresho vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganjin wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ku bigo bifise abana bikorera mu ntara ya Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Umushikiranganji yaboneyeho gushikiriza agakemanyi kagizwe n’ibifungurwa vy’umuceri, ibiharage, umunyu n’amavuta, hamwe n’ibikoresho birimwo amasabune, terevisiyo, ibirato, ibikoresho vy’abigeme, ibibodo, ibitenge, imipira yo gukina n’ibindi.

Mwomenya ko uwo munsi Mukuru wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 16 ruheshi uko umwaka utashe ariko ko wahimbaje kuri uwo munsi w’igenekerezo rya 14 kubera ibindi bikorwa bihambaye vy’igihugu vyahuriranye n’uwo munsi, bica bituma uhimbazwa imbere gato.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →