27 juillet 2024

Leta y’Uburundi iramaze gukora ibitari bike ngo umukenyezi ashobore gutera imbere, ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu camwibarutse

Ibi biri mu vyavuzwe na Nyakubahwa Claudine AHISHAKIYE, Umuyobozi ajejwe iterambere ry’umukenyezi mu bushikiranganji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 20 ruheshi 2022 I Gitega, igihe yarikoa arugurura uruganda rwo guhimiriza abakenyezi ngo biteze imbere babicishije mu gusaba ingurane mw’i banki y’abakenyezi.

Nyakubahwa Claudine AHISHAKIYE, Umuyobozi ajejwe Iterambere ry’Umukenyezi mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (hagati) (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ko abarundi baba mu Burundi benshi ari abakenyezi, afatiye ku rusansuma  ruheruka  rwerekanyeko abakenyezi barenga ibice mirongo itanu kw’ijana (50%) vy’abarundi bose bakibamwo.

Ati: “Ivyirwa bindi bitandukanye vyerekana ko ibice birenga mirongo umunani kw’ijana ( 80%) vy’abo bakenyezi ari abakenyezi birimizi”.

Aca yemeza ko biragaragara ko umukenyezi ari umushinge ukomeye mw’iterambere aho ryozanana hose mu Gihugu, mu gihe yohaguruka, agakoresha ivyo Igihugu kimutegekaniriza, iruhande y’ubuhinga n’ubumenyi Imana yamuremanye.

Abitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Niko guca atanganza ko Reta y’Uburundi iramaze gukora ibitari bike ngo umukenyezi ashobore gutera imbere, ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu camwibarutse.

Aha yaciye adondagura nko gukomeza amahoro n’umutekano mu Gihugu, aho umurundi wese eka mbere n’abanyamahanga baba mu Gihugu c’Uburundi, baryama, bakavyuka, bakaja mu mirimo itandukanye atankomanzi.

Yarongeye kandi aravuga ko umukenyezi ariwe wa mbere abinezerererwa gusumba abandi bose kuko afise umwidegemvyo wo kurondera ibifasha urugo atabwoba afise.

Nyakubahwa Claudine AHISHAKIYE yavuze kandi iyongerekana ry’amagara meza ku bakenyezi n’ibibondo kubera politique nziza yo kwegereza ubuvuzi abenegihugu, kuvurwa no kwibaruka ku buntu ku bakenyezi bibungeze hamwe n’abana batararenza imvyaka 5.

Iruhande y’ivyo, Nyakubahwa Claudine AHISHAKIYE ntiyibagiye gushikiriza n’imigambi itari mike ifasha umukenyezi gutera imbere imaze gushikwako: aha yaciye avuga nko kwegereza ifumbire abenegihugu ku giciro kitavuna, imbuto zirobanuye, kwigisha ubuhinga bugezweho bwo kurima no kworora ngo umwimbu wongerekane gusumba, guhimiriza abenegihugu gukorera muma Koperative, gutanga imfashanyo y’ibikoresho canke y’amafaranga ku bariko barakorera hamwe imigambi y’iterambere.

Abitavye iyo nama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ati: “Abakenyezi b’abarundikazi rero ntibarera amaboko. Bararima, bakorora, mbere ubu bageze ku ntambwe yo kurangura n’iyindi migambi yiyaguye y’iterambere, nk’ubudandaji buto buto na bunini, guhingura ivyimburwa no ku bidandaza, gukora urudandanzwa ndengambibe, kurondera isoko y’ibidandazwa hakoreshejwe ubuhinga bwa ngurukanabumenyi, no mu gukoresha ubundi buhinga mw’iterambere bwari bwiharijwe n’abagabo muri rusangi”.

Kuberako abakenyezi benshi b’abarundikazi badafise amikoro yobafasha kurangura imigambi y’iterambere uko bavyipfuza, barangura bike bihuye n’ubushobozi bafise, hanyuma bigatuma iterambere rikaba rito mu miryango, mu kibano mbere no mu Gihugu, mu kugerageza guhangana n’ico kibazo, Nyakubahwa Claudine AHISHAKIYEyamenyesheje ko abakenyezi bahimirijwe bongera barafata intumbero yo kuja mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ingurane ntonto.

Ati : “ayo nayo akaba ari menshi mu Gihugu, kandi umwimbu wayo ukaba uriko uragaragara mu buzima bw’ingo n’imiryango”.

Iruhande y’izo ngurane bahanahana mu mashirahamwe, Claudine AHISHAKIYE yaribukije abari aho ko basaba ingurane ntonto mu ma Banki asanzwe afasha kuziganya  no gutanga ingurane muri rusangi ariko kubera ko ata ngwati igaragara abakenyezi benshi baba bafise ngo batange mur’ayo ma Banki y’abikorera utwabo, baronka ingurane nto cane kandi ishaka ryo kurangura imigambi minini baba barifise.

Ati “Nico gituma rero, Reta y’Uburundi imaze kubona utwigoro tw’abakenyezi mw’iterambere tuguma twiyongera yaciye ifata ingingo yo gushiraho I Banki yitiriwe abakenyezi, itanga ingurane ku nyungu itavuna ku bakenyezi bari hamwe canke bigenga bafise imigambi irashe yo kwiteza imbere”.

Nyakubahwa Venant MANIRAMBONA, Buramatari w’intara ya GITEGA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Nyakubahwa Venant MANIRAMBONA, Buramatari w’intara ya gitega, arashima cane kubona iyo banki yaruguruwe kandi ikagira icicaroro muri iyo ntara.

Yaciye aboneraho guhamagarira abakenyezi kwitabira akamo ko kuguruza amakonte muri iyo banki kugirango babandanye biteza imbere.

Yabaciriye umugani w’ikirundi uvuga ngo « Uwushaka umuce acika ijoro » nayo ngo « Uwushaka umubira abira akuya » aca abibutsa ko amahera naho ahari, uwudakoze amahera batazoyamusanza muhira

Mwomenya ko iyo Banki y’iterambere ry’abakenye yuguruwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka nyene w’2022, ikaba ifise icicaro kumurwa Mukuru wa politike y’igihugu c’Uburundi Mu ntara ya Gitega.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →