2 mai 2024

Reta y’Uburundi yarashizeho amategeko, amaporitike hamwe n’inzego bikingira abana

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubahwa Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira, Ponsiyano Hatungimana, aho ubwo bushikiranganji bwari buramutse buhimbaza kw’igenekerezo rya 22 munyonyo 2023, Umunsi Mpuzamakungu wahariwe agateka k’Umwana, umwaka w’2023.
DSC_9773
Uwo munsi ukaba wahimbarijwe mu Gisagara ca Bujumbura, mu kigo ndangakaranga c’urwaruka co mu Kamenge, (Centre Jeunes Kamenge) ku civugo kigira giti : « Twese hamwe dukingire twongere duteze imbere agateka k’umwana mu Burundi ».
DSC_9876
Mw’ijambo ryiwe, Umunyamabanga Ntayegayezwa muri ubwo Bushikiranganji Yamenyesheje ko umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana wama uhimbazwa uko umwaka utashe mu ntumbero yo kwibuka aho amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka k’abana yemezwa n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hari kw’igenekerezo rya 20 Munyonyo 1989. Kuva ubwo, iryo genekerezo ryaciye ryitirirwa umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana.
Yarongeye aramenyesha kandi ko ayo masezerano yemejwe n’igihugu cacu mu kwezi kwa Gitugutu 1990.
Yavuze kandi ko Reta y’Uburundi yashizeho amategeko, amaporitike hamwe n’inzego bikingira abana bose harimwo abagendana ubumuga, ba nyamwema, abana bakozweko n’ibiza, abana b’impunzi, tutibagiye n’abana bava mu mirwi y’imiryango itandukanye ifise amikoro make.
Kubajewje gukingira agateka k’abana, Umunyamabanga ntayegayezwa yabahamagariye kwirimbura no kunagura ivyo biyemeje kurangura bijanye no kwubahiriza no gushira mu ngiro amasezerano mpuzamakungu yerekeye agateka k’abana mu ngingo zayo zose, ivyo na vyo akaba ari ugukingira abana bose ata n’umwe akumiriwe.
Umunyamabanga Ntayegayezwa yaribukije kandi imigambi ya Reta iriko irarangurwa mu guteza imbere agateka k’umwana nko gukura abana n’abakuze basega mw’ibarabara, aho abana bariko begeranirizwa mu kibanza kiri mu ntara ya Cankuzo gutyo baheze bakurikiranwe neza, mu ntumbero yo kubategurira gusubizwa mu miryango no mu kibano.
DSC_9911
Yashikirije ko Reta yipfuza kugira igihugu kirimwo abana bari mu miryango, ariko batari mw’ibarabara, kuko ibarabara ntirirera ahubwo ririca. Aca aboneraho gutera ivyatsi abavyeyi bose badohotse kw’ibanga ryabo ryo kurera baraheza bizera ibarabara ngo abe ariryo ribasubirira. Akaba yabasavye kuvavanura n’iyo nyifato mbi igayitse, bave i buzimu baje i buntu, barerere Uburundi yo mpetso ya twese, gutyo abana babwo bazogire kazoza keza, bashobore kwitez’imbere bateze imbere n’igihugu cabibarutse.
Yasavye ashimitse abajejwe intwaro,bafadikanije n’abagize amakomite ajejwe gukingira abana mu kibano, hamwe n’imiryango nyene, ngo bakomeze gufasha kugira ngo ya ndero yo kuziko isubire igarukirwe mu miryango no mukibano.
Yarashikirije kandi uwundi mugambi uriko urashirwa mu ngiro ujanye no kwegeranya inkuru n’ibiharuro vyerekeye amakomite ajejwe gukingira abana mu kibano. Ico gikorwa gifise intumbero yo kumenya neza izo komite uko zingana, aho ziri naho zitari, izikora neza n’izigoyagoya, gutyo zibone gushigwaho no kunagurwa,aca asaba abakora mu gisata c’abana kuwushikigikira.
Uwaserukikye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’umwana UNICEF, France Bégin, yarashimye intambwe igihugu c’uburundi kigezeko kuvyerekeye gukingira no guteza imbere agateka k’umwana, aca amenyesha ko ishirahamwe UNICEF rifashanije n’ayandi mashirahamwe bazobandanya gushigikira ibikorwa vyiza vya Reta cane cane vyo guteza imbere agateka k’umwana gutyo kabadanye kaba keza gusumba.
Uwaserukiye abana Sandrine Niyokwizera, asanzwe yiga kw’ishure ry’isumbure rya Nyabagere, yarashimye cane intambwe umwana wo muburundi agezeko aho yoroherezwa kwiga no gushikiriza ivyiyumviro vyiwe. Akaba yaboneyeho gusaba ko abana bobandanya bashikigikirwa kugira batere imbere gusumba. Yarongeye asaba kandi kubandanya boroherezwa kuvuzwa no kwiga kugira bashike kure mu migambi yabo y’iterambere.
Nayo uwaserukiye Umukuru w’Igisagara ca Bujumbura, Christophe Kinshasa, yarashimiye Reta y’Uburundi ibicishije k’Ubushikiranganji muvyo bujejwe hariwo gushigikirana yashimye ko ibirori vy’uwo munsi mukuru mpuzamakungu bibera mu gisagara ca Bujumbura. Yarongeye kandi arakeza abana bose mu kubipfuriza umunsi mukuru mwiza, aha nawe nyene akaba yarashimye intambwe umwana w’umurundi agezeko.
Twobamenyesha ko abana bamwe mu bari bitavye ibirori vy’uwo munsi mukuru bahaye akaganuke Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo abana kerekana ishusho y’umwana nivyo afitiye uburenganzira, iyo shusho bakaba bayikorere ngaho nyene.
Ibirori vy’uwo munsi bikaba vyarangijwe n’uguhiganirwa uturusho babanje kubaza ibibazo abana. Abashoboye kw’ishura neza ibibazo bararonkejwe udushimwe dutandukanye nk’amakaye nico kuyatwaramwo, ibirato n’ibindi.