6 mai 2025

Tuje kubakeza ku Migisha Imana yabahaye

Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Kuri uyu wa Gatandatu Igenekerezo rya 31 Kigarama 2022, aho yari yaserukiye Umushikiranganji mu gikorwa co kwibarutsa Umuryango wa NDAYISHIMIYE Assani hamwe nam MUGISHAWIMANA Joana wibarutse abana 6 ku bitaro vy’abasirikare vyo mu KAMENGE i BUJUMBURA.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko akeza umuryango wibarutse abana 6 (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yavuze ko ari akamenyero keza k’Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana kwama bukeza abavyeyi bibaruka abana barenga babiri, none ubu ho, ko ari imigisha ku gihugu no ku muryango, ko Ubushikiranganji bwo gushigikirana buzoguma bubashigikira kugeza aho abo bana bisununura.

Yashimiye cane abarongoye ibitaro hamwe n’abaganga babakurikirana buri munsi, aca aboneraho no guhoza uwo muryango kukubura abana 2 muri abo bari baheruka kwibaruka.

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko akeza umuryango wibarutse abana 6 (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Akizera ko Imana Rugira vyose izokomeza 4 basigaye, kuko ngo Imana niyo itanga kandi ngo niyo yakira muvyo yari yatanze.

Akaba yavuze ko yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’ubuyi, amata y’abana n’ay’abakuze, amashuka , ibitenge, n’ibindi .

Muganga NIMBURANIRA Marc , (ari i buryo), arongoye ibitaro vy’abasirikare vyo mu kamenge (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Muganga NIMBURANIRA Marc arongoye ibitaro vy’abasirikare vyo mu kamenge yashimye cane iyo nfashanyo y’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uwo muryango, ngo kanatsinda bwama bukorana neza n’ivyo bitaro mu kuvuza ba ntahonikora.

Yaciye asaba ko bwobandanya bwitaho uwo muryango, eka mbere n’abandi bose bafise amikoro make.

Umupfasoni MUGISHAWIMANA Joana w’imyaka 33  (ari i bubamfu) ariko yakira infashanyo (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Umupfasoni MUGISHAWIMANA Joana w’imyaka 33, ari nawe yibarutse abo bana 6, yashimiye  cane ubwo bushikirangnji kuboba bwaje kubibarutsa, aca asaba ko bwobandanya na burya ngo ata kazi afise yaba we canke umugabo wiwe, ngo gaheze kabasahirize mu vyo gutungisha uwo muryango.

Yavuze  kandi ko haruhande y’abo bana yibarutse 6 yari asanganywe abandi 3.

NDAYISHIMIYE Assani w ‘imyaka 37 ari kumwe n’Umupfasoni wiwe MUGISHAWIMANA Joana (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Eka n’Umugabo wiwe NDAYISHIMIYE Assani  w ‘imyaka 37, arashima cane ukungene ubushikiranganji bwabagarukiyeko,  ariko akaba yatumenyesheje ko afise ikibazo caho aba , kuko asanzwe apanze inzu mu RUMONGE, aho bita mu GIHWANYA.

Akaba asaba ahanini uwomuronsa aho akika umusaya kuko ngo gupanga abona ko bizomugora ariko aragaburira n’abo bana.

Mwomenya ko bubaye ubwambere mu gihugu c’Uburundi  haboneka umukenyezi yibaruka abana batandatu, hakaba haheruka kuboneka uwibarutse abana bane mu ntara ya Gitega, muri komine Gishubi muri Ruhuhuma umwaka 2020, ubu ubwo bushikiranganganji bakaba bwahora bufasha cane abibaruka 3 kuko bo ari benshi mugihugu c’Uburundi.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →