27 juillet 2024

Abakenyezi 132 bafise amikoro make nibo bahawe ibifungurwa

Kuri uyu wa Mungu Igenekerezo rya 16 mukakaro 2023 i Bujubmura, Ubushikiranagji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Bwatanze Imfashanyo y’Ibifungurwa kuri bantahonikora 132 bagizwe n’abakenyezi bakaba baronkejwe itoni y’Umuceri.

BARANYIZIGIYE Jacqueline, Umuyobozi Mukuru ajejwe Gufasha abahuye n’Ivyago bitandukanye no kubaronderera umuti urama, ari nawe yaserukiye Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira muri ico gikorwa, yamenyesheje ko ubwo Bushikiranganji bushima cane igikorwa ca TABITA ACTION co kwitaho abatishoboye, aca avuga ko kandi buzokwama na ntaryo bubafata mumugongo igihe cose bazobwira.

Yavuze ko ubwo bushikitranganji busanzwe bujejwe gufasha mugihugu cose, ari nako kubwira abari aho ko iyo mfashanyo yabonetse kubera ubwira n’Ubukerebutsi bw’abarongoye TABITA ACTION.

Yabasavye gushira kumutima ushima ako gakemanyi, yongera abemererako ko nka hamwe hoba hari abafise ishirahamwe rikorera mu myuga nko gushona, ko boheza bagashigikirwa mukuronswa imashine zo kubarira, maze baheze baronke uko bisununura mw’iterambere.

Uwurongoye iryo shirahamwe IRADUKUNDA Agy Fridor arashimira cane Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwo bwama na ntaryo bubashikako kandi bukarungika intumwa n’agakemanyi kaboneka ko gushigikira ba ntahonikora.

Mwomenya ko iyo TABITA ACTION yama ishigikira abana b’abo bakenyezi bafashijwe mukubaronsa ibikoresho vy’ishure burigihe muntango z’umwaka w’ishure, maze abo bakenyezina nabo bakaronswa imitahe mitomito ibafasha kurangura udukorwa tubateza imbere.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →