26 avril 2024

Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana bwatanze umuco kubibazo vy’abenegihugu

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Rusama 2023 i Bururi muri komine Mugamba, Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaremesheje ikiganiro n’abenegihugu bo muri iyo ntara ari kumwe na bangenziwe babiri, uwujejwe indero n’uwujejwe uburimyi n’ubworozi.

Yavuze ko ari akaryo keza ko kubandanya baganira n’abenegihugu batandukanye kugirango babaze ibibazo bongere baterere ivyiyumviro, baheze babandanye babikorerako.

Yongeye aramenyesha ko mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira buri kukivi kandi ko ngo babandanya bakora gushika aho bazumva ko atamwidogo ukihari mu benegihugu.

Yagarutse ku bibazo bari baramushikirije mu kwezi kwa nzero, aca avuga ko bariko barabikorerako kandi ko ibitari bike vyamaze gutora umuti.

Kukibazo kijanye n’abakoresha badatanga intererano zabo ngo babaziganirize mw’ishirahamwe INSS, yasavye ko bene abo bakoresha badategekaniriza kazoza  abakozi bokwikebuka kugirango umukozi nawe amenye ko muri kazoza azoronka ikimufasha.

Ngo hamwe naho boba batanga iyo ntererano ariko ntishike muri INSS, yabasavye ko bogenda kwirabira neza ko intererano yabo yashitse, nayo abadatangira iyo ntererano abakozi, bikebuke, babikore hakiri kare.

Yibukije abari aho ko Reta yashizeho i Banki y’abakenyezi kugirango nabo bashobore kwiteza imbere maze mu rugo baronke ico baterera kuko ngo igihe ingo zose zo mu Burundi zotera imbere, igihugu cose coba giteye imbere.

Kubibazo vyabajijwe vyerekeye kubahiriza agateka ka zina muntu aho hari ubwicanyi bumaze iminsi bwibonekeza muri iyo ntara, Nyakubahwa Umushikiranganji yiyamirije ababikora aca ahamagarira uwariwe wese kwumva ko yishe umuntu nkawe atamahoro biheza ngo bimuhe.

Ni nako guca agaruka ku bubakanye aho ngo hari bamwe bafata ingingo yo kubakana bidaciye mumategeko yamara kubona haciye imyaka bagatora abandi, kandi bagaca bubakana n’abagore batoya biciye mumategeko, abo nabo bambere ugasanga amategeko ataco abavugako ngo bakingirwe.

Kubijanye n’abana bafungura rimwe kumunsi, yavuze ko hari umugambi MERANKABANDI uzofasha abafise amikoro make, kandi bagifise abana bakiri bato, bazoheza bakoroherwa igihe uwo mugambi watanguye gukora.

Kukibazo c’abahoze kurugamba, bakeneye ubufasha, yavuze ko bokwitura Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana, bagaheza bakamufasha ivyo akeneye gufashwa.

Yaciye ahamagarira abagendana ubumuga kuja mu mashirahamwe kugirango Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira  bubone ingene babafasha.

Yaboneyeho no kwibutsa abari aho ko Uburundi buheruka gutera umukono kumasezerano y’inyongera kubagendana ubumuga, ngo ibitarakorwa navyo biri imbere bizoca bikorwa.

Mwomenya ko inama nk’iyo izobera muri komine Cendajuru intara ya Cankuzo kuri uyu wambere igenekerezo rya 29 rusama 2023.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →