27 juillet 2024

Ubushikiranganji bujejjwe Gushigikirana burafitaniye amasezerano n’ibitaro bikuru bikuru muntara yo kuvuza bantahonikora

Ivyo vyavuzwe na Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA, Umwunganizi w’Umushikiranaganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2023 muri Komine Gashikanwa Intara ya Ngozi, aho yari yaserukiye Umushikiranganji wo Gushigikirana yari yafatiriwe n’ayandi mabanga ahambaye y’Igihugu, mu gutanga umuco ku bibazo bitandukanye vyabajijwe n’abenegihugu bo muri iyo Komine.

Yavuze ko ubwo Bushikiranganji busanzwe buvuza ba ntahonikora bo muntara zose z’igihugu aho hasinyiraniwe amasezerano, n’ibitaro bikuru bikuru, aca atanga akarorero k’ibitaro bikuru vy’i Ngozi, ibitaro vyo Mu Mivo hamwe n’i vya Kiremba.

Yavuze candi ko ubwo bushikiranganji bukorana n’ibitaro vya Mubuga, aho bufasha cane abafise indwara zo mumutwe.

Yaboneyeyo kumenyesha ko amavuriro matomato nayo nyene ubwo bushikiranganji butabibagiye, kuko naho abenegihubu bafise amikoro make bafashwa hakoreshejwe ikarata yo kwivurizako bita Carte d’assistance Maladie (CAM).

Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yaranamenyesheje ko ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira a buriko buravuza abageze muzabukuru bagera kubihumbi cumi na Bibiri (12.000) mu gihugu cose.

Mw’ijambo ry’intangamarara, yaramenyesheje ko ikibazo abenegihugu bari bashikirije mu kwezi kwambere aho basaba amabati ku nzu z’abafise amikoro make, na cane cane abafise inzu za mitego, bakaba bari basabwe kugira intonde, aca abizeza ko ico kibazo bagikoreyeko kandi ko vuba bagiye kuronswa ivyo bisakazo.

Mwomenya ko inama nk’izo zaheruka kubera muntara ya Kirundo, none ko zizobandaniriza mu ntara ya Rumonge ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 7 mukakaro 2023, kandi bakaba bamaze no kugiranira ibiganiro nk’ivyo n’abenegihugu bo mugisagara ca Bujumbura, Cankuzo, Kayanza, Kayanza na Kirundo.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →