20 avril 2024

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwatanze inyigisho z’agateka ka zina muntu ku rwaruka ruhurikiye mu migambwe n’urutayihurikiyemwo

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 17 Rusama 2023 muri Komine Kabezi Intara ya Bujumbura, Ubushikiranganji muvyo bujejwe hari ukwubahiriza agateka ka zina muntu bwatunganije inyigisho z’agateka ka zina muntu zigenewe  urwaruka ruhurikiye mu migambwe n’urutayihurikiyemwo rwo muntara ya Bujumbura no mumicungararo yaho.

Harimenshi Désiré, Umuyobozi Mukuru w’Agateka ka Zina Muntu yaserukiye Umunshikiranganji mu kwugurura izo nyigisho, yavuze ko Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yama ikora itiziganya kugira ngo agateka ka zina muntu kamenyekane kandi kubahirizwe.

Ati ni muriyo ntumbero yashizeho ubuyobozi mu ntara  bujejwe  guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu, mbere no muma  komine yose hakaba harashizweho ubuserukizi.

Yongeye aramenyesha kandi kohabaye isubirwamwo ry’itunganywa ry’amategeko atandukanye akingira akongera agatsimbataza agateka ka zina muntu, aho akaba yavuze nk’akarorero k‘  itegeko rikuraho  igihano co gupfa, itegeko rihana amabi afatiye kugitsina, itegeko rikingira abagendana ubumuga n’ ayandi.

Harimenshi Désiré yibukije abari aho ko Reta y’Uburundi yashizeho kandi   i Banki y‘urwaruka hamwe n‘ibanki y’abakenyezi kugira zisahirize mu kuronsa ingurane urwaruka rwateguye imigambi kandi ngo ikaba ishigikira imigambi y‘ urwaruka biciye mukigo  PAEEJ.

Ntiyirengagije kuvuga ko Reta y‘Uburundi yashizeho kandi  itegeko ritegekanya inyigisho ku benegihugu z‘ agateka ka zina muntu bari mubisata bitandukanye, ari no muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu, n’Iterambere ridakumira butunganya izo  nyigisho z’agateka ka zina muntu ku benegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi.

Rero ngo izo nyigisho zikorwa mu ntumbero yo kungura ubumenyi n‘ubushobozi  vy‘umuntu  wese  mu bijanye no guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu.

Yarangije amenyesha ko muri bene izo nyigisho, abo ziba zigenewe bunguka ubumenyi mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri rusangi hadasigaye inyuma ibijanye n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.  

Umuyobozi Mukuru w’agateka ka Zina muntu yavuze kandi ko muri kahise, vyibonekeje neza ko kutamenya no gukengera ibijanye n’agateka ka zina muntu vyatumye hakorwa ibikorwa vy’ubuyobe vyatumye ibihugu vyinshi  bibona ko hakwiye gufatwa ingingo zotuma akabi kabishe nk’ako katokongera kubaho kw’isi; ni navyo bigaragara mw‘Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ari naryo fatiro ry’agateka ka zina muntu mumigabane yose y‘isi.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →