Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2023 muri komine Rugazi intara ya Bubabnza, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwarashigikiye abenegihugu bagera ku 44 bahuye n’ivyago vy’imvura yahitanye amazu n’abantu kw’igenekerezo rya 2 Rusama 2023, aho mbere hari n’abantu batanu bahasize ubuzima.

Peroze Minani Umuyobozi ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe akaba ariwe yari yaserukiye umushikiranganji ajejwe gushigikirana muri ico gikorwa, aho yaronkeje amabati iyo miryango akaba yabanje kuyigendera kugira abone ibayeho, akaba mbere yariboneye uko izo nzu ziriko zirasakarwa.

Uyo Muyobozi kandi yaragendeye agacimbiri Nyamirama, umutumba wa Rugazi, aribonera uko bariko barasakara ibigega vy’inzu zubatswe, yongera aja kuraba uko umusozi w’ahitwa Mubuga ku mutumba wa Rugazi komine Rugazi wururutse ugahitana ibintu n’abantu.

Nkuko twabimenyeshejewe na Musitanteri wa Komine Rugazi NYANDWI Isaac, imiryango igera kuri 36 izosanura inzu zaba mubibanza bari basanzwe bafise, ariko ngo imiryango 8 yoyo vyabaye ngombwa kuyimurira ahandi kuko amatongo yabo hamwe n’ibirimwo vyose vyanyikiye munsi y’umusozi.

NSHIMIRIMANA Jacques w’imyaka 27 hamwe n’umupfasoni wiwe Vanjerine NDAYIZEYE w’imyaka 28, bafise abana 7 bo kugacimbiri Tebero Umutumba Rugazi Komine Rugazi, arashimira cane Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana kukungene yama na ntaryo yitaho abafise amikoro make, na cane cane kuri iyo ngabire yo kubaronsa ibisakazo.
Agasaba ko n’abandi batarashikirwa boheza bakaronswa nabo ibisakazo.