28 avril 2024

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwaragendeye abenegihugu bafise amikoro make bo  ku mutumba Rwamvura, komine Kigamba y’intara ya cankuzo

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwaragendeye ku wa 29 kigarama 2023, abenegihugu bafise amikoro make bo  ku mutumba Rwamvura, komine Kigamba y’intara ya cankuzo.

Ildephonse Majambere, Umugenduzi muvyo ajejwe harimwo gushigikirana muri ubwo Bushikiranganji yamenyesheje ko yishikiye ngaho kuri uyo mutumba kugira aganire n’abenegihugu ariko kandi yirabire ko amabati Ubushikiranganji bwo gushigikirana bwahaye abo benegihugu ngo basakare inzu bayakoresheje  ico yagenewe.

Akaba yaboneyeho kubaha impanuro zitari nke zijanye no gukora ngo biteze imbere aca arabashikiriza n’akaganuke kagizwe n’umuceri barungikiwe n’Ubushikiranganji mu ntumbero yo kubipfuriza noeli nziza n’umwaka mushasha mwiza.

Abenegihugu baba   ku mutumba Rwamvura baronkejwe amabati ngo basakare inzu zabo inyuma y’uko bari bidugirije ibigega, barashimye iyo ingabire y’amabati hamwe n’imfungurwa, bagasaba Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo gushigikirana kubandanya bubaba hafi na cane cane  mukuronsa amabati abadugije ibigega mu nyuma.