Abagendana ubumuga na bo nyene basabwa guterera agacumu k’ubumwe mw’iterambere ryabo n‘iry’igihugu cacu, na kare nta n’umwe dushaka ko asigara inyuma mu migambi yo kwubaka igihugu no kurwanya ubukene bwo mwansi wonyene dusigaranye nk’ukwo Nyenicubahiro Général Major Evariste NDAYISHIMIYE, Umukuru w’Igihugu cacu ciza c’Uburundi adasiba kubitwibutsa. Kanatsinda twiboneye ivyo mwaranguye ukuntu biteye igomwe.
Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Felix NGENDABANYIKWA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganjibwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira mu gihe hariko harahimbazwa umunsi Mukuru Mpuzamakungu wabereye mu ntara ya Makamba ku munsi wa Gatanu, igenekerezo rya 3 kigarama 2021.
Muri iryo jambo, yarakengurukiye Abagendana Ubumuga bahurikiye mu Mashirahamwe atandukanye ingene bariko barakora bivuye inyuma kugira ntibakingire ikibaba umwansi ari we bukene gutyo babandanye biteza imbere. Yaciye aboneraho gusaba n’abo bose bakirangwa n’agatima ko gusegerereza ko iyo ngeso boyirandurana n’imizi maze bakamenya ko “AKIMUHANA KAZA IMVURA IHISE” kandi ko “UWUTARIMA ATAMIRA” ahandi naho ko “UWUSHAKA UMUCE ACIKA IJORO”.
Yarangije asaba ko kubamaze kuvanwa mw’ibarabara ababishoboye bose bofasha mu bikorwa bijanye n’ukubakurikiranira mu kibano. aha akaba yaboneyeho no gutera akamo abo bose bajejwe gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere kwama na ntanyo basuzuma ko mu nteguro yayo biyumviriye ibijanye n’ivyo abagendana ubumuga bakeneye. Yamenyesheje icese ko Reta y’Uburundi isubiriye kumenyesha abarundi ko ataco itazokora mu kwitaho abenegihugu ijejwe muri rusangi, abagendana ubumuga badasigaye inyuma.
Uwaserukiye abagendana ubumuga nawe mw’ijambo ryiwe, yasavye ko mu migambi itegekanirizwa abenegihugu muri rusangi yokwama yitwararitse gushira mu migwi itegura iyo mugambi abaserukira abagendana ubumuga, Reta yokwitwararika cane ivyerekeye uguserukirwa kw’abamugaye mu nzego zose zijejwe gufata ingingo, guhera mu nzego zo hasi gushika ku nzego zo hejuru mbere no mu buzima bwose bw’igihugu, nkuko bisabwa n’amasezerano mpuzamakungu agenga amateka y’abagendana ubumuga igihugu cacu ciyemereje.
Nawe Patiri NIYUHIRE Gratien arongoye ikigo c’abagendana ubumuga c’I Makamba ari naco ivyo birori vyabereyemwo, yamenyesheje koi co kigo catanguye mu mwaka w’1977, ubu kikaba ubu gifise abagendana ubumuga 114 baba ngaha bafashwa muvyo gufungura, kwivuza, kuronswa uburyo bwo kuja ku mashule n’ibindi umuntu akenera mu buzima bwa minsi yose. kirafasha n’abataba mu buraro bashika kuri 20 mu buryo bwo kwivuza.
Muvyo yasavye, harimwo gusubiramwo no kugisanura.
Yasavye ko hoboneka inzu abagikoreramwo bobamwo, bakaguma begereye abo Imana yabaragije.
Yarasavye ko boronswa amamachine agezweho ashobora gufasha mu buryo bwo kugorora abagendana ubumuga bitagoranye.
Yasavye Reta Mvyeyi y’Igihugu cacu, ko yofasha kuronka ubumenyi bwo kugorora abakozi benshi kugirango nabo bazoshobore kwunganira abahari kandi tukanayisabako yoshobora kubahemba kuko kino kigo kitovyishoboza.
Yaranateye akamo abagiraneza aho bari hose, ko bobafasha kuronka ibikoresho nyunganirangingo vyo kwiyunguruza (bequilles, chaises roulantes, cannes, …) kuko bafise benshi babikeneye nabo ataho bar bubikure.
Yasavye ko hariho abiga imyuga kugirango bashobore kwibeshaho, biyungunganije, aca yitura abo bose bobishobora kugirango bazoze barabunganira, hanyuma nabo bushobore kuronsa imachines abahejeje ivyigwa vy’umwuga wo kubarira gurtyo, batahe bafise intango izobafasha kubandanya kubaho.
Nyakubahwa Felix Ngendabanyikwa akaba yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’itoni y’umuceri ku bagendana ubumuga baba muri ico kigo.
Mwomenya ko ivyo birori vyaranzwe n’intambo zitangukanye, aho mbere abagendana ubumuga vyagaragaye ko bashoboye ibitari bike.
Imbere yaho, abari bateye iteka ivyo birori bakaba baragendeye ibitari bike vyaranguwe n’amashirahamwe y’abagendana ubumuga, bakaba bagiye baguzemwo ibitari bike.