28 mars 2024

Amanota arenga 96% mw’irangurwa vy’ibikorwa vy’igice cambere arashimishije

Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Imelde SABUSHIMIKE yamenyesheje ko Ubushikiranganji arongoye bwaranguye ibikorwa vyari vyategekanijwe kurangurwa mu gice cambere c’umwaka w’2021 kubice 96.06%. Ati ayo manota arashimishije ariko agatera intege abakozi bose kwongereza inguvu kugirango mu bindi bice bisigaye hazoboneke 100%. Hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 gitugutu 2021 i Gitega, mu nama yo kwirimbura uko ibisata vyose vyaranguye imirimo mu gice cambere c’umwaka.

Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Imelde SABUSHIMIKE ariko aramenyasha ivyaranguwe hariya i Gitega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde sabushimike yagize ati :

Ubushikiranganji bw’Ugushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira burangura imirimo bujejwe biciye mu bisata bitatatu bikurubikuru bikurikira : (i) Gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, (ii) Guteza imbere agateka ka zina muntu (iii) Guteza imbere umukenyezi n’iterambere ridakumira.

Ibiro vy’umushikiranganji nivyo bitunganya imirimo yose n’ibikorwa  ibikorwa birangurwa n’ubu Bushikiranganji.

Mu gisata kijanye no gukingira hamwe no gutegekaniriza kazoza abakozi, ubushikiranji bwararanguye ibitari bike :

 

Bamwe mu bitavye Inama (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Abagwayi ba ntahonikora bangana 3 147 baravuwe ku bagwayi

2 000  bari bategekanijwe kuvuzwa.

  • Ibigo n’amashirahamwe 27 kuri 30 vyari vyategekanijwe gushigikirwa kuva mu kwezi kwa myandagaro kugeza muri nyakanga vyarashigikiwe.
  • Ibigo 67 vyatowe mubindi bingana 130 vyarashigikiwe,
  • Mubijanye no gukingira agateka k’abana, twaritavye amaterefone 2 576 ku 750 yari yategekanijwe turongera turarungika mu bisata bijejwe kwumviriza abana baba baduhamagaye bangana 102 kuri 63 bari bategekanijwe.
  • Mu kigo ca reta kirera impfuvyi arico Orphelinat Officiel de Bujumbura (OOB), turareze abana b’impfuvyi 41 kuri 40 bari bategekanijwe, tukaba twarakiriye uwundi umwe mushasha kuri 2 barii bategekanijwe.
  • Abana 20 kuri 25 bategekanijwe kwiga mu mashuri y’intango, muyisumbuye no muri kaminuza, abana 9 bariga mumashuri y’intango, abana 10 biga mumashure yisumbuye, umwana 1 yiga muri kaminuza.
  • Mubijanye no kureresha abana batawe haba mugihugu canke hanze y’igihugu, abana 2 kuri 2 bararonse ababarera hanze y’igihugu, abana 4 kuri 3 bari bategekanijwe bararone ababarera  ngaha mu gihugu.
  • Muvyerekeye gukarisha ubwenge, abanywanyi ba FONEB ku rwego rw’igihugu barahuguwe, abana 36 bagize ibiro vya FONEB nabo nyene barakarihirijwe ubwenge.
  • Kuvyerekeye gushigikira imiryango yibarutse ubushuri, twarashigikiye imirango 21, kuri 12 yariyategekanijwe mu kubaronsa amata ya Nativa n’ibindi bikoresho vy’inzoya hamwe n’ibikoresho vyankenerwa kubavyeyi tutibagiye ibifungurwa vy’inzo nzoya ku miryango hakaba hiyongereyeko imiryango7mishasha yiyongererye kumiryango 14 twaridusanganywe.
  • Mubijanye no gukomeza gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, twarakoresheje abayobozi b’inzego z’ama komine amanama menshi (119) nukuvuga imwe imwe kuri buri komine mubijanye n’amategeko yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu,
  • Mu gushira mungiro umugambi wo kuvuza abanegihugu bose, twarashinze imigwi 3 y’amashirahamwe yo kuvuza abenegihugu, mu ntara za Bubanza, Cibitoke na Rumonge.
  • Mu mugambi w’igihugu MERANKABANDI imiryango 6000 y’abantahonikora yaraonkejwe uburyo bwo kwiyungunganya,
  • Imiryango 53 118 irigishwa inyigisho zo guhindura ingendo n’ivyiyumviro
  • Imiryango y’abatwa 1396 iraronswa imbuto zirobanuye,
  • Muri uyu mugambi wogutegekaniriza Kazoza abakozi kandi twararajanishije amategeko angenga INSS n’itegeko ringenga gutegekaniriza kazoza abenegihugu.
  • Muri ico gisata kandi, twarasubiyemwo amategeko agenga INSS kugirango tuyahuze rwose n’amatageko mashasha agenga amashirahamwe yo gukinga no gutegekaniriza kazoza abenegihugu.
  • Twarahilmirije abatwara ibintu n’abantu kuja mumashirahame  yo kitegekaniriza kazoza nka INSS,
  • Abarongoye abarovyi bangana 54 barinjiye muri INSS,
  • Nayo abarovyi 324 barinjira baronka nomero muriryo shirahamwe
  • Muri INSS, twarashengeje abanyonyezi/abasuma 5, dosiye zabo ziri mubutungane,
  • Murico gisata kandi
  • Muntumbero yo kugabanya no gukinga amasanganya yo kubuzi n’ingwara zo mubuzi, twaragendeye amashirahamwe amwe amwe ngotubingishe ingene bovyifatamwo, twigishije amahinguriro/amashirahamwe 8 mu gisagara ca Bujumbura no hagati mugihungu mu mashirahamwe 12 yegukira INSS.
  • Muri Mutuelle y’abakozi ba Reta, twarahimirije indongozi z’amakomine ngo zishure ibirarane ziheraniye amashirahamwe yo gukingira no gutegekaniriza kazoza abakozi.
  • Turabandanya guhingura ikarata mutuelle zikozwe kubuhinga bwa none amakarata 45 492 akaba ariyo yahinguwe kandi aranatangwa.
  • Mugufasha abanegihugu kuronka imiti bitabagoye, ibiro 38 vya mutuelle vyarankojwe imiti,
  • Twaragendeye imangazine 21 za mutuelle zigurisha imiti n’ama biro 20 ya mutuelle kugiranga dusuzume uko bakira abanywanyi bayo babitura.
  • Muri ONPR, twarateguye umugambi w’imyaka 5 ukaba waremejwe ubanje gutosorwa utunenge n’urwego nyobozi. Kw’igenekerezo rya 29 nyakanga 2021.
Bamwe mu bitavye Inama (ifoto na Elie HARINDAVYI)
  • Kubijanye nogusbiza muzabo abaziteshejwe, kugirango bashike kw’iteramberere rirama, twaratoye amashirahamwe 16 abafise amikoro make, kugirango tubashigikire mukubaronsa ubutryo bwokurangura imigambi mitomito muntaraza Makamba, Ruyigi, Karusi, Kirundo na Cibitoke,
  • Twarahisemwo kandi imiryango 2000 y’aba ntahonikora yo gushigikirwa mu buryo bwo kwiyungunganya, mu ntara za Bujumbura, Rumonge, Makamba na Rutana.
  • Twaratororokanije abantu 300 basegerereza mw’ibarabara mu ntara za Ngozi, Gitega na Muyinga,
  • Twaragerageje kandi kurondera ahari amatongo yokwakira abatagira icepfo ca ruguru, bahuye n’ivyago vy’imyuzure, ihegitari 1223 zarabonetse mu ntara za Muyinga, Makamba, Rumonge, Cibitoke, Bujumbura, Bubanza.
  • Ingo 138 Zo mu ntara Rumonge,  Makama na Rutana zaratowe ngo zizoronswe impapuro ndangamatongo,

 

  • Amatongo ndimwa (ama parasera) 150 yarabontse mu bigwati vy’amahoro no mu micungararo yavyo mu ntara za Makamba, Cibitoke, Bubanza, Cankuzo, Rumonge Muyinga,
  • Icegeranyo mfatakibanza c’inzu za Nyakatsi carabonetse,
  • Imiryangon 300 y’abahuye n’ivyago vyu’imyuzurira barahiswemwo ngo bzoronke uburaro bubereye mu ntara za Gitega, Makamba, Kirundo, Ruyigi, Muyinga, Ngozi
  • Imiryango 400 y’abahuye n’ivyago vy’imyuzurira izoshigikirwa  mu birwati vy’amahoro aho bazokora maze bagahemba ibifungurwa.
  • Twarateguye kandi urutonde rw’ibiharuro vyerekana abari mu birwati vy’amahoro.
  • Muvyerekeye guteza imbere agateka ka zina muntu, icegeranyo cambere cerekeye Amasezerano mpuzamakungu yerekeye uburenganzira mu vy’ubutunzi, imibano n’imico n’imigenzo, carakozwe kikaba kimaze gutosorwa ubwambere.

 

  • Mubijanye no kumenyesha ivyerekeye poritke y’igihugu muvy’agateka ka zina muntu 2018-2027, hamwe n’ugaambi wayo 2018-2023, abari munzego z’igihugu n’abikorera ivyabo, baravyigishijwe izonyigisho zaronkejwe abantu 70 kuri 60 bari bategekanijwe.

 

  • Abenegihugu 70 kuro 60 bari batagekainjwe, bargishijwe ivy’agateka ka zina muntu.

Twarafashije kurenganura abantu 18 bari bapfunzwe hadakurikije amategeko,

Twarashinze imirwi 4 yigishwa agateka ka zina muntu  nk’uko biri mumasezerano mpuzamakungu menshi , iyo pmirwi yashinzwe mu ntara za Gitega na Muramvya,

Twaracishije ku mboneshakure y’igihugu no mubindi binyamakuru ibiganiro v’agateka kazina muntu bikorwa n’Ubuyobozi bukuru bw’agateka kazina muntu.

  • Mu bijanye no guteza imbere umukenyezi, hamwe n’iterambere ridakumira, hara kozwe uruganda rwo gushira ku gihe ibiharuro vy’ihindagurika ry’inzego muvyerekeye iterambere ridakumira ;
  • Twararemesheje uruganda rwo kwerekana uko dushira mu ngiro ingingo 1325 zafashwe n’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi ku vyerekeye abakenyezi, amahoro n’umutekano
  • Muvyerekeye ukwisununura kw’umukenyezi mu vy’ubutunzi no mw’iterambere, imigwi 63 yarashinzwe ngo izokore imigambi yo gushira imbere ngo iroronke ingurane mw’ibanki y’abakenyezi BIDF mu ntara zose.
  • Twarafashije abahohotewe bakorewe amabi afatiye ku gitsina bangana 108

Mubijanye no kumenyesha amakuru

  • Umugambi wo kumenyasha amakuru urakora kandi waremejwe
  • Inkuru 123 zaratangajwe kurubuga ngurukanabumenyi rw’ubu Bushikiranganji,
  • iTweets 263  zaratangajwe kurubuga rw’ubushikiranganji, abantu bangana 3.673 barazikurikurikirana nayo abantu  162 bo muri ubu Bushikiranganji bakurikirana izo tweets.
  • Nayo abagenzi 1 765 barakurikirana inkuru zica kuri facebook ya y’iyi Ministère.
  • Imigwi ya Whatsapp itanga amakuru mu bushikiranganji kubarongozi no kubakozi bose irahari kandi irakora.

Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yarongeye avuga ko Icatumye dushika kw’ihangiro twihaye, muri rusangi nuko abokozi bose basenyeye ku mugozi umwe, maze ibikorwa vyari vyategakinijwe bibona kuranguka mu kiringo vyagenewe.

Muri rusangi,  ibikorwa vyateguwe n’ubushikiranganji muri aya amezi vyarangutse kurugero rwa 96.06%.

Mugusoza naho ati: ‘‘twagomba kumenyesha abenegihugu ko Ubushikiranganji bw’Ugushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira bugiye kwongereza inguvu mukubandanya bwitaho ababwitura.“

Ati:“Turakengurukiye cane abakozi bo mu Bushikiranganji bw’Ugushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere ridakumira kumwete n’ubwira mu bikorwa bajejwe tukongera tubahamagarira kurushirizaho gukorana umwete n’ububangutsi kugirango ibikorwa bitegekanijwe kurangurwa muri iki gice cambere c’umwaka wa 2021-2022 bizoranguke ku rugero rurengeye kure 100%.“

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →