26 avril 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGENDANA UBUMUGA, UMWAKA W’2021

  1. Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agatekaka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Kw’igenekerezo rya 3 Kigarama ukwo umwaka utashe, Uburundi burifatanya n’ayandi makungu muguhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga kw’isi yose.

 

  1. Icivugo Mpuzamakungu c’uyu mwaka ni “ URUHARA RW’IMBONEZA Z’ABAGENDANA UBUMUGA INYUMA YO GUHANGANA N’IKIZA KORONA VIRUSI-19, NI NTANGERE MU GUSHIKIRA ITERAMBERE RIRAMA KANDI RIDAKUMIRA” mugihe ari naco civugo nyene twahisemwo ngaha mu gihugu cacu.

 

  1. Iruhande y’ukwo Uburundi bwateye igikumu ku masezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abagendana ubumuga, turanezerejwe cane n’ukwo uyu musi ushitse hamaze kujaho Umugwi w’igihugu ujejwe gukurikiranira hafi ibikorerwa vyose abagenda ubumuga butandukanye n’ayandi mategeko menshi ndetse na politike y’igihugu hamwe n’ivyorangurirwa abagendana ubumuga mu myaka itanu iri imbere.

 

  1. Erega si ivyo gusa, aha kandi twovuga nko kugorora n’ukuronsa abagendana ubumuga ibikoresho vyo kwiyunguruza, ukubigisha imyuga itandukanye no kubaronsa ibikoresho bijanye n’imyuga bize, gushigikira Ibigo n’Amashirahamwe vy’abagendana ubumuga mu kubaronsa uburyo bujanye no gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere, itanguzwa ry’inyigisho zidakumira abagendana ubumuga ku mashure amwamwe, n’ibindi. Naho twadondaguye ivyo vyose biriko birakorerwa abagendana ubumuga, impinga iracari ndende uravye ingene abagendana ubumuga bangana hamwe n’ivyo bakeneye ufatiye k’ubumuga bw’umwumwe wese.

 

  1. Turashimiye abantu bose, ibigo vyose n’amashirahamwe atandukanye bitanga batiziganya mugushigikira benewacu bagendana ubumuga, dusaba n’abandi bose kubafatirako ako karorero keza.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru, bizobera mu ntara ya Makamba, mu kigo c’abagendana ubumuga citiriwe Umweranda Bernarudo, kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 2021.

 

  1. Dusavye abenegihu mwese na cane cane abo mu ntara ya makamba gusidukana n’iyonka mu kuza gushigikira benewacu bagendana ubumuga.

 

  1. Ku bagendana ubumuga aho baherereye hose, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!

 

     Murakoze cane, Imana Ibazigame!!

 

 

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →